CAN U20: Umumenyereza wa Zambia U20 yahamagaye abakinyi 4 bakina hanze y'igihugu mu bitegurira Uburundi

Vyanditswe itariki 13.06.2018

 

Amazina y’abakinyi 28 harimwo bane bakinira hanze y’igihugu niyo agize urutonde rw’abahamagawe mu myiteguro y’umugwi wa Zambia w’abadashikana imyaka 20 (U20). Uwo mugwi uzokwinjira mu mwiherereo kur’uyu w’Imana 17 Ruheshi mu ntumbero yo kwitegurira inkino zibiri zigiye kuwuhuza n’Intamba mu Rugamba U20, urwambere rukaba ruzobera i Lusaka kuwa 14 Mukakaro, urwo gusubiriza rubere i Ngozi kuwa 21 Mukakaro nyene. Umugwi uzotahukana itsinzi inyuma y’izo nkino 2 niwo uzoca uronka itike ryo gukina CAN U20 mu mwaka uza mu gihugu ca Niger.

 

Umugwi wa Zambia niwo watahukanye igikombe ca CAN giheruka (2017) mu badashikana imyaka 20, watsinze uwa Sénégal 2-0 mu rukino rwanyuma. (Photo: Zambia Updates)

 

Urutonde rw’abo bakinyi 28 ba Zambia U20 bahagariwe kwinjira mu mwiherero

 

Twisunze urutonde rw'abakinyi tubona kumurongo ngurukanabumenyi w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Zambia (FAZfootball.com) umu 'team manager' Mwansa Kapyanga yamenyesheje ko urwo rutonde ruhurikiyemwo abakinyi bava hanze y'igihugu nko muri Suède, uwitwa Edward Chilufya (Djurgardens), Lifumpa Mwandwe (Shrewsbury Town), Kings Kangwa (Hapoel Be’ersheva) hamwe na Mwiya Malumo akina muri Wigan Athletic mu Bwongereza.


Abanyegori:

Prince Bwalya (Green Buffaloes), Flobby Mashakalati (Circuit City), Derrick Sichangwa (Mufulira Police)

Abakinyi b’inyuma:

Benson Kolala (Nchanga Rangers), Jonathan Kapelembe (Romeki FC), Kingsley Hakwiya (Dream Factory), Christopher Katongo (Kasama United), Justin Mwanza (Young Nkana), Kunda Musonda (Ndola United), Benjamin Phiri (Gomes)

Abakinyi bo hagati :

Obino Chisala (Happy Hearts), Muma Mumba (Green Eagles), Prince Mumba (Kabwe Warriors), Victor Mubanga (Lumwana Radiants), Thomas Zulu (Kafue Celtic), Chanda Mukuka (Gomes), Boston Banda (Circuit City), Albert Kangwanda (Red Arrows), Prince Shipota (Prison Leopards), Lifumpa Mwandwe (Shrewsbury Town U18), Oliver Lumbiya (Young Nkana), Kings Kangwa (Hapoel Be’ersheva U19)

Abasatirizi :

James Chilimina (Chirundu), Lameck Banda (Zesco United), Martin Njobvu (Nchanga Rangers), Mwiya Malumo (Wigan Athletic), Edward Chilufya (Djurgardens), Francisco Mwepu (Kafue Celtic)

Tubibutse ko umugwi w’Intamba w’abadashikana imyaka 20 watanguye umwiherero kuwa 4 Ruheshi, ukaba urimwo abakinyi 2 baje bava hanze y’igihugu: Sudi Ndirwaza (A.S.A.S Djibouti Télécom) hamwe na Brandon Cheby (Eastleigh Fc Académie mu Bwongereza) yarashe ashitse i Burundi.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC