Football: uko vyifashe mu mahiganwa akomeye y’i Buraya

Vyanditswe itariki 27.11.2017

 

Amahiganwa y’umupira w’amaguru akomakomeye i Buraya ariko yegereza impera z’igice cambere, ivyo bikama bihura n’igice c’igurisha-gura ry’abakinyi kiba hagati mw’ihiganwa, « Mercato d’Hivers », aho imigwi igerageza kwongereza inguvu ngo izorangize ihiganwa neza. Mu mahiganwa y’Ubwongereza n’Ubufaransa, imigwi ya Man City na PSG isa n’iyitagendera ku murindi umwe n’iyindi kuko imaze kwenurira iyiyikurikira ku rutonde naho inkino zisigaye zikiri nyinshi. Turabire hamwe uko vyifashe no muri Espagne, mu Budagi no mu Butaliano.

 

Abasatirizi ba PSG nibo bamaze gutsinda vyinshi (45) mu mahiganwa akomeye y'i Buraya

 

Mu Bwongereza

 

Ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League riri mu mahiganwa akurikiranwa cane hano mu Burundi, rikaba mbere rikinamwo umukinyi yamuka mu Burundi, ariwe Saido Berahino umusatirizi w’umugwi wa Stoke City. Umugwa mukuru w’iryo higanwa uri mu gisagara ca Manchester aho imigwi yaho ibiri City na United yagiye ibangabanganwa kuva ihiganwa rigitangura, imbere y’uko United utakaza amanota wikurikiranya ubu ukaba uri mu kibanza ca kabiri urushwa na City amanota 8 yose. Urukino ruzohuza iyo migwi kuw’Imana 10 Kigarama rwitezwe n’abakunzi b’umupira isinzi kw’isi yose.
Iyindi migwi ikomeye nka Chelsea, Arsenal, Tottenham na Liverpool ikurikirana yegeranye cane mu bibanza vya 3,4,5 na 6 bikaba biboneka ko uyu mwaka urugamba rwo kurondera ibibanza vya UEFA Champions League ruzokwakamwo umuriro, mu gihe mbere imigwi yo mu Bwongereza isa n’iyiriko irisubiza umutamana I Buraya kuko ari iyambere mu matsinda 5 yose irimwo muri Champions League.

Mur’iri higanwa rya Premier League, imigwi ya Burnley na Watford yatanguranye isura nziza cane ikaba iguma ivyifatamwo neza kuko itari kure na gato y’ibihangange. Burnley uri ku kibanza c’7 n’amanota 22 urushwa amanota 7 gusa na Manchester United wa 2, umugwi wa Watford nawo nyene uhagaze neza kuko uri mu kibanza c’8 n’amanota 21. Umwe mu migwi ifise ikibanza gitangaje ni Everton wa Wayne Rooney kuko uri mu kibanza ca 16 urusha amanota 4 gusa umugwi wa Crystal Palace wanyuma wamaze inkino 5 zitangura zose utsindwa utinjije n’igitsindo na kimwe

Uko imigwi isumbana inyuma y’imisi 13



Inkino zikomeye zimirije

Arsenal – Manchester United (02/12/2017, 19:30)
Manchester United – Manchester City (10/12/2017, 18:30)
Manchester City – Tottenham (16/12/2017, 19:30)
Arsenal – Liverpool (22/12/2017, 21:45)

Twobamenyesha kandi ko inkino z’umusi wa 14 w’ihiganwa zitegekanijwe kur’uyu wa kabiri n’uwa gatatu amagenekerezo ya 28 na 29 Munyonyo:

Leicester – Tottenham (28/11/2017, 21:45)
Watford – Manchester United (28/11/2017, 22:00)
Arsenal – Huddersfield (29/11/2017, 21:45)
Chelsea – Swansea (29/11/2017, 21:45)
Manchester City – Southampton (29/11/2017, 22:00)
Stoke City – Liverpool (29/11/2017, 22:00)

 

Muri Espagne

 

Muri Liga, umugwi wa FC Barcelona waraye usutswemwo mabisi na Valence kuko war’umaze imisi usa n’uwabaye igiti kiturirwa mu kurusha ibihangange nka Real Madrid na Athletico Madrid, iri mu bibanza vya 3 na 4, amanota 10 yose. Umugwi wa Valence nawo waraye unganije na FC Barca (1-1) ubandanya uvyitamwo neza kuko utaratsindwa na rimwe kuva ihiganwa ritanguye, ukaba mbere uri mu kibanza ca 2 urusha uwa 3 amanota 4, ugaca urushwa na Barca wambere amanota 4 nyene.

Urukino rwitezwe cane, eka mbere rwama rwitezwe buri mwaka, n’urukino rw’umusi wa 17 w’ihiganwa ruzohuza Real Madrid na FC Barcelona kuwa 23 Kigarama igihe c’isaha umunani. Mbega urwo rukino ruzogera Real Madrid wamaze gukuramwo ideni ry’amanota 8 kuri Barca mu nkino 3 zizoba zabaye? Tuzobandanya tubikurikiranira hafi, inyishu yambere ikaba yitezwe mu nkino z’umusi wa 15 zizoba mu mpera z’iyi ndwi:

FC Barcelona – Celta Vigo (02/12/2017, 14:00)
Atlético Madrid – Real Sociedad (02/12/2017, 17:15)
Athletic Club – Real Madrid (02/12/2017, 21:45)
Getafe – Valence (03/12/2017, 17:15)

Uko imigwi isumbana inyuma y’imisi 13



Mu Budagi, mu Butalinano no mu Bufaransa


Mu Budagi, umugwi wa Bayern Munich warasubiriye gutora akajisho inyuma yaho Jupp Heynckes agarukiye kumenyereza umugwi asubirira Carlo Ancelotti yabogojwe. Umwimbu w’intsinzi 5 zikurikiranya waraye uhagaritswe gato na Monchengladbach wabatsinze 2-1 mu rukino rw’umusi wa 13 w’ihiganwa kur’uyu wa gatandatu. Umugwi wa Dortmund usa n’uwamaze gusezera ihiganwa rya UEFA Champions League uri mu kibanza ca 5 n’amanota 21, ukaba urushwa amanota 8 na Bayern wambere. RB Leipzig watangaje benshi mu mwaka uheze ubandanya uvyifatamwo neza kuko ariwo uramutswa ikibanza ca kabiri n’amanota 26.

Mu Butaliano, inkuru ivugwa cane n’iy’ibogozwa rya Vicenzo Montella yasubirijwe na Genaro Gattuzo muri AC Milan, umugwi wari wabaye umwe mu yasohoye uburyo bwinshi bwo kuzana abakinyi bashasha imbere y’ihiganwa, uburongozi bwawo bukaba bwari bwiteze umwimbu uruta ikibanza c’7 barimwo, barushwa amanota 18 yose na Napoli wambere. Juventus war’umaze imyaka ato wuwukoreramwo mu Butaliano usa n’uwuriko uracumbagira uno mwaka kuko naho hagisigaye inkino zitari nke. Inyuma y’inkino 14, “La Vielle Dame” uri mu kibanza ca 3 n’amanota 34, musi ya Inter wa 2 n’amanota 36 na Napoli, umugwi umaze gutsinda inkino 12 kuri 14 wakinye uca unganya izo zindi 2, ufata ikibanza cambere n’amanota 38.

Mu Bufaransa, Cavani, Neymar, Mbappe na bagenzi babo muri PSG basa n’abatamba birorera mw’ihiganwa, bakaba mbere bamaze gutsinda inkino 5 zose muri UEFA Champions League. Baraye birahiye Monaco bawusanze ku kibuga cawo 1-2, bakaba bari mu kibanza cambere n’amanota 38 mu nkino 14. Imigwi ya Lyon, waraye wirahiye Nice uwusanze ku kibuga cawo 0-5, Monaco na OM uheruka kwirukana Patrice Evra, ica ikurikira yegerana cane n’amanota 29 na 28.

Uko imigwi isumbana inyuma y’inkino 13 mu Budagi, 14 mu Butaliano no mu Bufaransa







Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est