Athlétisme: Umugabane wa Africa userukiwe gute muri “Jeux Olympiques d’Hiver” za Pyeongchang?

Vyanditswe itariki 08.02.2018

 

Kur’uyu wa gatanu igenekerezo ry’9 Ruhuhuma 2018 niho haza gutangura inkino zigira 23 za “Jeux Olympiques d’Hiver” mu gisagara ca Pyeongchang muri Korea y’Epfo. Iryo higanwa rigizwe n’inkino zisanzwe zikinirwa ahantu hakanye cane na cane cane muri “neige” n’ihiganwa ryitabwa n’ibihugu bike biva mu burere butabamwo imbeho ikaze. Igihugu cambere ca Africa caryitavye cari Africa y’Epfo mu 1960, kuva mu 1984 niho hatanguye kuza haraboneka n’imiburiburi igihugu kimwe giserukira Africa muri buri higanwa nk’iryo ritunganijwe.

 

Ikibuga gikuru kizokwakira inkino za "JO Hiver 2018" i Pyeongchang (Photo sport365.fr)

 

Ibihugu 8 nivyo bizoserukira Africa i Pyeongchang

 

Uno mwaka, ihiganwa rya Pyeongchang rizokwakira igitigiri c’ibihugu vya Africa kitari bwigere gishikirwa muri “J.O d’Hiver” kuko ibihugu 8 bizoserukira umugabane ivyo navyo akaba ari Erythrée na Nigeria vyitavye ubwa mbere hamwe na Kenya, Maroc, Ghana, Madagascar, Afriqca y’Epfo na Togo vyari bimaze kuryitaba n’imiburiburi rimwe.

Ibihugu vyinshi muri Africa ntibishira uburyo mu bijanye n’inkino zija mur’iryo higanwa, ivyo bikava ahanini biva ku kirere ca Africa gisanzwe gishushe muri rusangi, aho usanga ahantu hakanya cane ku buryo harwa “neige” ari hake cane bigatuma izo nkino zidahurumbirwa n’abanyafrica. Mu gihe iryo higanwa risa n’irizogorana cane gutunganya ku mugabane wa Africa, uwo mugabane uracarindiriye kwakira inkino zisanzwe ziba mu ci “Jeux Olympiques d’été” zitarigera zibera muri Africa na rimwe (igisagara ca Cup (Africa y’Epfo) carahiganywe ngo gitegure ihiganwa ry’2004 kiratsindwa, bica bigendera gutyo nyene igisagara ca Cairo (Misri) mu gutegura inkino z’2008).

Twobamenyesha kandi ko iri higanwa buca ritangura ar’ihiganwa rizoba ridasanzwe mu bijanye na politique kuko ibihugu bibanyi bikebana cane vya Korea ya ruguru na Korea y’Epfo vyumvikanye kuba birasutse mabisi mu vyo bapfa, bikaba mbera bizoba bifise umugwi umwe wa “Hockey” ndetse bikanakorana “défilé” yugurura ihiganwa biri hamwe nk’igihugu kimwe.

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 26

Inter Stars 1-2 Musongati FC
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Delta Star 0-0 Les Lierres
Les Jeunes 0-1 Olympic S.
Buja City 0-2 Flamb. Est
Messager N. 0-0 Flamb. Centre
Aigle Noir 3-1 Ngozi City
Athletico Ol. 0-3 Vital'O FC