CECAFA Senior 2017: Uburundi, Zanzibar, Uganda na Kenya niyo migwi izokina igice ca kabiri gishira icanyuma

Vyanditswe itariki 12.12.2017

 

Ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge Cup rirabandanya mu gihugu ca Kenya. Inkino zo mu matsinda zaraye zisozerewe kur’uyu wambere 11 Kigarama 2017 aho hakinwa inkino zanyuma zo kurondera amatike y’igice ca kabiri gishira icanyuma. Umugwi w’Uburundi wanganije na Sudani y’Epfo uca ufata burundu ikibanza ca kabiri c’itsinda B inyuma y’Ubuganda bufise amanita amwe n’Uburundi(5) ariko bukagira ibitsindo vyinshi. Mw’itsinda A naho, umugwi wa Kenya wakiriye ihiganwa wirahiye Tanzania 1-0 uca ufata ikibanza cambere c’itsinda A imbere ya Zanzibar war’uhejeje gutsindwa na Libya 1-0 ariko ukaba wari wigenjeje neza mu nkino zitangura. Tugaruke ku nkino zaranze iryo higanwa n’uko imigwi izohura mu gice gikurikira.

 

Shassir Nahimana ari mu bakinyi bariko bavyifatamwo neza cane muri CECAFA Senior Challenge Cup (Isanamu y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Kenya)

 

Uko inkino zagenze n'uko imigwi yasumbanye mu matsinda

 

Itsinda A:

Itsinda A ryari rihutikiyemwo imigwi itanu : Kenya, Tanzania Bara n’ukuvuga Tanzania itari kumwe n’izinga rya Zanzibar, Zanzibar, Urwanda na Libya.

Uko inkino zagenze :

Kenya 2-0 Rwanda
Tanzania bara 1-2 Zanzibar
Rwanda 0-0 Libya
Zanzibar 3-1 Rwanda
Tanzania bara 1-1 Libya
Rwanda 2-1 Tanzania Bara
Zanzibar 0-0 Kenya
Kenya 0-0 Libya
Libya 1-0 Zanzibar
Kenya 1-0 Tanzania Bara

Uko imigwi yasumbanye:

1. Kenya ufise amanota 8, ibitsindo +3 munkino 4
2. Zanzibar ufise amanota 7, +2
3. Libya ufise amanota 6, +1
4. Rwanda ufise amanota 4, -4
5. Tanzania bara ufise inota 1, -3

Itsinda B

Intsinda B naryo nyene ryari kujamwo imigwi itanu ariko uwa Zimbabwe uca urasokora hasigaye imisi itatu gusa ngo ihiganwa ritangure. Haciye hasigaramwo Uburundi, Uganda, Ethiopia na Sudani y’Epfo

Uko inkino zagenze:

Uganda 0-0 Burundi
Ethiopia 3-0 Sudan y'epfo
Ethiopia 1-4 Burundi
Sudan y'epfo 1-5 Uganda
Uganda 1-1 Ethiopia
Burundi 0-0 Sudan y'epfo

Uko imigwi yasumbanye:

1. Uganda ufise amanota 5, Ibitsindo +4
2. Burundi ufise amanota 5, +3
3. Ethiopia ufise amanota 4, 0
4. Sudan y'epfo inota 1, -7

Imigwi 4 (Kenya ,Zanzibar , Uganda ,Burundi) niyo yaronse itike yo gukina igice ca kabiri gishira icanyuma ikazoca ihura uku gukurikira:

.Kenya – Burundi kuwa 14 Kigarama (14:00)
.Uganda – Zanzibar kuwa 15 Kigarama (14:00)

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 28

Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Est 1-2 Les Jeunes
Musongati FC 2-2 Messager Bja
Vital'O FC 8-0 Delta Star
Olympic Star 1-0 Buja City
Inter Star 0-0 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Messager N.
Flamb. Centre 4-4 Aigle Noir