Mundial -Russia 2018: Nigeria na Misiri nivyo bihugu vyo muri Afrika bimaze kuronka amatike yo kwitaba ihiganwa

Vyanditswe itariki 10.10.2017

 

Igihugu ca Nigeria (Super Eagles) cabaye icambere kuronka itike ryo kuzitabira inkino zanyuma z'igikombe c'isi kizobera mu Burusia mu mwaka uza w’2018 inyuma yo gutsinda urukino rugira gatanu rwabahuza na Zambia (Chipolopolo Boys) 1-0, igitsindo cinjijwe na Iwobi ku munota wa 74. Igihugu ca Misiri naco caronse itike inyuma yo kwirahira umugwi nserukiragihugu wa Congo-Brazzaville ibitsindo 2-1 ,igitsindo kigira kabiri ca Mohamed Salah, umusatirizi wa Liverpool kikaba gitumye Misiri yitabira inkino za nyuma z'igikombe c'isi inyuma y'imyaka 27 (1990) kitaronka itike.
Mu gihe hasigaye umusi umwe w’inkino mu matsinda, tugaruke ku kuntu inkino z’umusi wa 5 zagenze ku mugabane wa Afrika n’ukuntu imigwi isumbana.

 

Umunezero w'abanyamisri inyuma yo kuronka itike ry'igikombe c'isi inyuma y'imyaka 27

 

Inkino zabaye kumusi ugira gatanu n'ukuntu imigwi isumbana mu matsinda:

 

Itsinda A

Libya 1 - 2 DR Congo
Guinea 1 - 4 Tunisia

1.Tunisia 13,
2.Congo DR 10,
3.Guinea 3,
4. Libya 3.

Itsinda B

Cameroon 2 - 0 Algeria
Nigeria 1 - 0 Zambia

1. Nigeria 13 (izoja muri Russia),
2.Zambia 7,
3.Cameroun 6
4. Algeria 1.

Itsinda C

Mali 0-0 Cote d’Ivoire
Morocco 3 - 0 Gabon

1.Morocco 9,
2. Cote d’Ivoire 8,
3.Gabon 5,
4.Mali 3.

Itsinda D

South Africa 3 - 1 Burkina Faso
Cape Verde 0 - 2 Sénégal

1.Sénégal 8,
2.Burkina Faso 6,
3.Cape Verde 6,
4.South Africa 4.

Itsinda E

Uganda 0 - 0 Ghana
Misiri 2-1 Congo-Brazzaville

1.Misiri 12 (Izokwitabira inkino za nyuma muburusiya)
2.Uganda 8,
3.Ghana 6,
4.Congo-Brazzaville 1.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ghana ryandikiye ikete FIFA ryitwarira Daniel Bennet umuhagarikizi yamuka muri Afrika y’Epfo n’abamufashije mu guhagarikira urukino Uganda-Ghana(0-0), ribarega ko boba barahengamye mu kubima igitsindo cari cinjiye ku munota wa 93 na penalty kw’ikosa ryakorewe Franck Acheampong.

Inkino z'umusi wa nyuma ni hagati y'amagenekerezo ya 3-4 na 5/11/2017, tukaba twobibutsa ko umugwi wambere ariwo uronka itike muri buri tsinda. Bimwe mu bihugu bimaze kwironkera itike yo kwitabira inkino za nyuma z'igikombe c’Isi co mu mwaka uza ni Brazil, Uburusiya (buzokwakira igikombe), Espagne, Ububiligi, Ubwongereza, Ubudagi, Mexique, Ubuyapani, Iran, Saudi Arabia,Korea Republic, Islande, Nigeria hamwe na Misiri.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya