Mondial 2018: Umugwi w'Ububirigi niwo watahukanye ikibanza ca 3, Ubwongereza bufata ica 4

Vyanditswe itariki 14.07.2018

 

Mu kurindira urukino rwanyuma (Finale) buca ruhuza Ubufaransa na Croatia kur'uyu w'Imana 15 Mukakaro isaha cumi n'imwe (17:00), imigwi y'Ubwongereza n'Ububirigi, yatsinzwe mu gice ca kabiri gishira icanyuma, yari iramutse itana mu mitwe iharanira ikibaza ca 3. Iyo migwi yari yatanguye igikombe c’isi iri mw’itsinda rimwe rya G, ikaba kandi ifise abakinyi batari bake basanzwe bazinanye.

 

Abakinyi n'abagize "staff" y'Ububirigi inyuma yo guhabwa imidari y'umujumbu y'ikibanza ca 3

 

Urukino hagati y'abakinyi ba Premier League

 

Urwo rukino rwari rufise ishusho rya Premier League rikomeye kuko hambavu y'abakinyi b'Ubwongereza bose bakina mur'iryo higanwa, Ububirigi bwagiye mu Burusia bufise abakinyi 11 bakina mu Bwongereza, mbere havuyemwo umunyegori Simon Mignolet, abandi 10 bakaba bagumye bagaruka mu mugwi utangura mu kibuga.

Naho urukino rwo kur’uyu wa gatandatu rwari mu cuka c’umunezero ugabanije bivanye n’uko iyo migwi yatsinzwe mu gice ca kabiri gishira icanyuma maze ntiyaronka amahirwe yo gukina “finale”, imyaka myinshi yar’ihaciye iyo migwi idashika kur’iyo ntambwe (32 ku Bubirigi, 28 ku Bwongereza) yatumye izanana ishaka ryo gutahukana ico kibanza ca 3 c’iteka.

Urukino rwaranzwe n’ishaka riboneka ryo kurondera intsinzi ku mpande zose, umugwi
w’Ubwongereza akaba ariwo wagumanye umupira mu maguru umwanya munini (58%), ariko ntivyakunda ko uronka igitsindo mu mahirwe wari washoboye kurondera. Ababirigi bakoresheje ubukerebutsi budasanzwe ku ma “contre-attaques”, aho abasore Kevin de Bruyne, Eden Hazard na Romelu Lukaku biruka nk’imiravyo mu kudugana imipira. Igitsindo cambere cabonetse urukino rumaze iminota ine gusa rutanguye, kikaba catsinzwe na Thomas Meunier, umukinyi w’inyuma muri PSG, asozera umupira mwiza wari waduganywe na bagenziwe kuri “contre attaque”. Igice cambere cagiye kurangira Ububirigi bugifise 1-0. Mu gice ca kabiri, Abongereza baje bazikenyeye, barasatira bikomeye bagumana n’umupira umwanya munini kurusha Ababirigi, ariko gutsinda bibata kuw’amazi. Eden Hazard niwe yaje kuzimya icizere ca “Three Lions” atsinze igitsindo ca 2 ku munota wa 82, urukino ruca rurangira Ububirigi bufise 2-0, gutyo buba butahukanye ikibanza ca 3, ikibanza butari bwigere bushikira muri kahise k'igikombe c'isi.

 

Uko imigwi y’Ububirigi n’Ubwongereza yagiye iravyifatamwo

 

Iyo migwi uko ar’ibiri yari mw’itsinda rimwe G, Ububirigi akaba aribwo bwasozereye igice c’amatsinda buri kw’isonga mu gutsinda inkino zose uko ari 3, Ubwongereza nabwo bufata ikibanza ca 2 butsinze inkino 2:



Mu gice c’umunani gishira icanyuma, Ububirigi bwatsinze Ubuyapani 3-2 bigoranye cane kuko bwari bwabanje gutsindwa 2-0 buza gukwiza 3-2 ku munota wa 90+4. Ubwongereza nabwo bwakuyemwo Colombia bigoranye naho nyene kuko banganije 1-1 mu mwanya usanzwe bongewe n’iminota 30 y’agasunuzo buca buza gutsindira kuri penalties (4-3), ibintu vyari bimaze imyaka itari mike bibata kuw’amazi.

Mu gice ca kane gishira icanyuma, Ababirigi bahuye n’igihangange Bresil ntibajugumira bagikuramwo bagitsinze 2-1 mu rukino rwabayemwo imikenyuro ikomeye cane. Abongereza bakuyemwo Suède batsinze 2-0 mu rukino rutabagoye cane.

Mu gice ca kabiri gishira icanyuma, Ububirigi bwahuye n’ababanyi, igihugu c’Ubufaransa, maze batsindwa 1-0 mu rukino rwari rwugaye cane rwaranzwe n’ubuhinga bukomeye bwo kuzibira kuko ku mpande zompi imigwi vyaboneka ko ifise abakinyi b’ibihangange kandi banyotewe “finale”. Ubwongereza nabwo bwikubise kuri Croatia bugwa bugaramye, bwatsinzwe 2-1 mu rukino rwafashe inzira itangaje. Abongereza nibo batanguye gutsinda hakiri kare, inyuma y’iminota 5 gusa, hasigaye iminota 20 ngo urukino rurangire, abanya Croatia baba barashizemwo igitsindo, iminota 90 irangira banganya 1-1. Mu mwanya w’agasunuzo k’iminota 30, Abanya Croatia baboneka ko barushe cane bivanye n’uko bashitse kur’urwo rukino barinze guca muri za “penalties” kabiri kose, ariko bagira umutima w’ingwe bararwana bikomeye, baca baronka igitsindo ku munota w’109 baca bahagarara neza inyuma Ubwongereza ntibwaronka ikindi maze buba burasezeye finale.

Umugwi w’Ububirigi usozereye ihiganwa ufise ibitsindo 16, akaba ariwo umaze kwinjiza vyinshi kurusha iyindi yose. Umugwi w’Ubwongereza nawo winjije ibitsindo 12, kizigenza wawo Harry Kane akaba afisemwo 6, akaba ari nawe mukinyi amaze kwinjiza vyinshi kurusha abandi mu kurindira urukino rwa finale buca ruhuza Ubufaransa na Croatia (17:00).

Diègue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC