Mondial 2018: Lionel Messi yaraye afashije igihugu ciwe kuja mu bihugu 23 bimaze kuronka amatike y段gikombe c段si

Vyanditswe itariki 11.10.2017

 

Umugwi nserukiragihugu wa Argentine waraye uvuye mu menyo y段ngwe kuko imbere y置rukino rwanyuma rwo kurondera itike ruwuhuza n置w段gihugu ca Equateur, war置fise amanota 25 ukaba mu kibanza ca gatandatu kidatanga uburenganzira bwo kwitaba igikombe. Kugira umugwi wa Argentine uronke itike canke ikibanza ca gatanu gitanga uburenganzira bwo gukina urukino rwo kudadanura (barrage) n置mugwi wo muri Oc饌nie, wategerezwa kwigenza neza I Quito muri Equateur bigaca bihurirana n置ko imigwi ya P駻ou (25) na Colombie (26) yatana mu mitwe irusha ikibanza Argentine itawugiye imbere uko ar段biri, na Chili (26) nawo nyene wari imbere yawo ukaba utaronse amahirwe imbere ya Bresil mu rukino rwabahuza. Tugaruke ku kuntu Argentine waronse itike tubabwire n段bindi bihugu 22 bimaze kurironka.

 

Lionnel Messi yaraye arungitse Argentine mu gikombe c'isi ku ncuro ya 12 bikurikiranya (isanamu ya Juan Ruiz/AFP)

 

Lionnel Messi yarafashe ibintu mu ォ minwe サ

 

Urukino rwatanguye nabi cane ku mugwi wa Argentine kuko mu masegonda 38 gusa bari bijijwe igitsindo cambere. Ivyakurikiye vyabaye ibitangaza vyakozwe na Lionnel Messi kuko ha kudebukirwa n段co gitsindo, yaciye afata urukino mu 杜inwe azana urugero rwo hejuru cane hamwe biboneka neza ko yafashe ingingo yo kuronderera itsinzi umugwi wiwe hasi hejuru. Ntivyatevye, ku munota wa 12 yaciye aronka igitsindo ca mbere ku mupira yahanahanye neza na Angel Di Maria. Ntiyagarukirije aho, yabandanije arongoye umugwi wiwe mu gusatira gushika naho yinjiza ica kabiri ku munota wa 20. Urukino rwabandanije umugwi wa Argentine usatira cane ariko ntihaboneka ikindi gitsindo gushika baje kuruhuka. Mu gice ca kabiri, Lionnel Messi yagarukanye bwa bwira nyene, aca aronka igitsindo ca gatatu ku munota wa 62 kiza gitsindagira intsinzi yariko iraboneka ko itahukana Argentine. Urukino rwarangiye ata gihindutse Argentine utsinze 1-3, uca wironkera n段kibanza ca gatatu kuko Bresil watsinze Chili, Colombie nawo unganya na P駻ou waciye ufata ikibanza ca gatanu gituma uzobanza kunyinyurana na Nouvelle Z駘ande mu kurondera itike.

Uko inkino zose zagenze mu karere ka Amerika y旦bumanuko (AmSud):

Equateur 1-3 Argentine
Br駸il 3-0 Chili
Uruguay 4-2 Bolivie
Paraguay 0-1 Venezuela
P駻ou 1-1 Colombie.


Umugwi wa Chili waciye ufata ikibanza ca 6 gituma abakinyi b段bihangange nka Alexis Sanchez batazokina igikombe c段si co mu Burusia mu mwaka uza. Mur誕ko karere ka AmSud, imigwi yarushanije amanota uku gukurikira:

1. Br駸il (amanota 41)
2. Uruguay 31
3. Argentine 28
4. Colombie 27
5. P駻ou 26
6. Chili 26
7. Paraguay 24
8. Equateur 20
9. Bolivie 14
10. Venezuela 12.

Edison Cavani, umusatirizi wa PSG na Urugway niwe yinjije ibitsindo vyinshi (10) mur段zo nkino zo gukuranamwo.

 

Urutonde rw段migwi imaze kuronka amatike y段gikombe c段si Russia 2018

 

Ibihugu 23 nivyo bimaze kuronka amatike arivyo :

1. Uburusia buzokwakira ihiganwa
2. Allemagne
3. Angleterre
4. Arabie Saoudite
5. Argentine
6. Belgique
7. Bresil
8. Colombie
9. Costa Rica
10. Egypte
11. Espagne
12. France
13. Iceland
14. Iran
15. Japon
16. Korea y脱pfo
17. Mexique
18. Nigeria
19. Panama
20. Pologne
21. Portugal
22. Serbie
23. Uruguay

Mu bihugu 9 bisigaye harimwo 3 bizova mu matsinda yo gukuranamwo muri Afrika,4 bizova mu nkino zihuza imigwi 8 yabaye iya kabiri mu matsinda y段 Buraya ( Su鐡e, Suisse, Danemark, Italie, Croatie, Gr鐵e, R駱ublique d棚rlande, Irlande du Nord) na bibiri bizova mu nkino zo kudadanura hagati ya Australie Honduras na Nouvelle Z駘ande P駻ou.

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya