Football: Manchester City watahukanye igikombe ca Premier League, PSG nawo uterura ica Ligue 1

Vyanditswe itariki 15.04.2018

 

Inyuma yo gutsinda Tottenham i Wembley 1-3 kur’uyu wa gatandatu, umugwi wa Manchester City wari wazindutse urindira ibiva mu rukino hagati ya Manchester United na WBA ku kibuga ca Old Trafford. Mu Bufaransa naho, umugwi wa PSG war’uramutse wakira AS Monaco, umugwi wari wabenuriye mu mwaka uheze, Cavani na bagenziwe bakaba baje bazikenyeye ngo bawusubirize mu ndumane

 

Umugwi wa Manchester City utahukanye igikombe cawo wa 5 (Photo Simon Bellis/Sportimage via PA Images)

 

Mu Bwongereza, United watsindiwe muhira uca uha igikombe abakeba

 

Manchester City war’ufise amanota 87 mu nkino 33/38, United wa kabiri ku rutonde rw’amanota nawo ukagira 71 mu nkino 32/38, bisigura ko Man U utsinzwe wac’urushwa na City amanota 16 yose isigaranye inkino 5, n’ukuvuga vyaca birangira City ukaba utahukanye igikombe.

Umugwi wa Man United wari wabujije City gutahukana igikombe mu rukino ruheruka uwutsindiye ku kibuga cawo 2-3, aho hari kuwa gatandatu uheze aho United wagarutse mu gice ca kabiri c’urukino wariye amavubi ukuramwo ibitsindo 2-0 wari watsinzwe mu gice cambere uca wongeramwo kimwe maze ubuza ababanyi-bakeba bawo kugira umusi mukuru w’igikombe.

Kur’uyu w’Imana aho United wakira WBA, ivyo kubuza City kugira umusi mukuru vyawutaye ku w’amazi. Bagumanye umupira ku bice 71% ariko batera barekeza mw’igori incuro 4 gusa zitavuyemwo igitsindo bivanye nuko umunyegori Ben Forster n’abakinyi b’inyuma bari barikanuye. Umugwi wa WBA, usanzwe ar’uwanyuma ku rutonde wagiye guha City igikombe ku munota wa 73 ubicishije kuri Jay Rodriguez yateye n’umutwe umupira war’uvuye muri Corner. Naho Mourinho yakinishije abasatirizi biwe nka bose (Lukaku, Martial, Lingaard, Rashford, Sanchez) inyuma y’ico gitsindo, ntivyakunze k yinjiza ngo aronke inota 1 canke 3 kugira City ube urarindiriye, urukino rukaba rwarangiye United ufise 0 WBA nawo 1.

Manchester City uciye utahukana igikombe ca Premier League kuko urusha United wa kabiri amanota 16 hasigaye inkino 5, bisigura ko naho wotsindwa inkino zose usigaye ata wundi mugwi ukiwuhambije. Twobibutsa ko City utahukanye igikombe cawo ca gatanu (1937, 1968, 2012, 2014, 2018)

 

Mu Bufaransa Monaco wanyagiwe bikomeye uca usubiza igikombe wari watahukanye mu mwaka uheze

 

Muri Ligue 1, urukino rwo kw’isonga nirwo rwari rutegekanijwe kur’uyu w’Imana ngo rudadanure ko PSG utahukana igikombe canke uba urarindiriye. Edison Cavani na bagenziwe bakiriye AS Monaco, umugwi wari wabaciye mu ryahumye utahukana igikombe mu mwaka uheze ufise umusore Kylian Mbappe yagumye ku ntebe y’abasubirizi uno musi muri PSG asigaye akinira.

Urwo rukino hagati ya PSG wambere war’ufise amanota 84 na Monaco wa kabiri war’ufise 70 yose isigaje inkino 6 rwari rwitezwe cane kuko iyo migwi isanzwe yerekana urukino ruteye igomwe iyo ihuye. Uko vyagenze uno musi n’uko vyabonetse neza k PSG bari baje bakenyereye bikomeye gutahukana igikombe kuko bakinye n’ishaka ridasanzwe basatira bivuye inyuma kuva ku munota wambere, babuza Monaco inzira n’imwe yo gucaruka, baca bawunyagira ibitsindo 7 vyose kuri 1.

Ibitsindo vya PSG vyinjijwe na Giovani Lo Celso (14’, 27’), Edison Cavani (17’), Di Maria (20’, 58’), Radamel Falcao yitsinze (76’) hamwe na Julian Draxler, igitsindo ca Monaco naco cinjijwe na Rony Lopez(38’).

Umugwi wa PSG utahukanye igikombe cawo c’7, ica 5 mu myaka 6 iheze (1986, 1994, 2013, 2014, 2015, 2016, 2018).

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC