Mercato: Igurwa rya Alexis Sanchez rishobora gutuma abandi bakinyi bagera kuri 3 bahindura imigwi

Vyanditswe itariki 18.01.2018

 

Igurwa ry’abakinyi ryo hagati mw’ihiganwa bakunda kwita “Mercato d’Hiver” mu kinofunofu ryahora risa n’iritazana impinduka ku bakinyi bakomeye risa n’iryazanye ibintu bishasha uno mwaka ku mugabane wa Buraya. Aho abamenyereza benshi bari basanzwe batikura abakinyi ngenderwako hagati mw’ihiganwa, ivyatanguye gutangaza abakunzi b’umupira kw’igurwa rya Philip Coutinho muri FC Barca ava muri Liverpool bias n’ibigomba bisubire mw’igurwa rya Alexis Sanchez muri Man United, igurwa rishobora gutuma abandi bakinyi bakomeye bashika kuri batatu bahindura imigwi. Tubirabire hamwe

 

Alexis Sanchez yoba abikiwe numero 7 muri Man U

 

Mkhitaryan, Aubameyang na Batshuayi boba bagiye guhindura imigwi Sanchez niyagurishwa?

 

Inkuru irungika Alexis Sanchez muri Manchester United ibandanya igarukwako cane n’ibinyamakuru vyo mu Bwongereza aho mbere ibitari bike vyemeza ko ibintu bias n’ivyaheze hasigaye imyumvikano yanyuma. Sanchez yoba agiye gusinyira Man U imyaka ine n’igice akaba azoba afise umushahara wababa milioni 20 z’ama Euros ku mwaka, umushahara woca uba uwambere mu bakinyi ba Premier League. Ayo makuru nyene amenyesha yuko mur’iyo myumvikano vyitezwe ko Henrik Mkhitaryan aca ahamvya Arsenal ata yandi mahera asabwe mw’igurwa ry’abo bakinyi babiri kireste ayahabwa abakinyi ubwabo n’aba “agents” babo, ivyo bikaba vyoba bivuye na cane cane ku mpavu y’uko Alexis Sanchez yar’asigaje gukinira Arsenal amezi atandatu gusa.

Umugwi wa Arsenal wamaze kugurisha icese Theo Walcott muri Everton uripfuza kwongereza izindi nguvu mu basatirizi na cane cane mu gihe woba utakaze Sanchez, bikaba bivugwa cane ko Arsène Wenger yipfuza umunya Gabon Pierre Emerick Aubameyang akinira Dortmund. Mu kumusubiriza, umugwi wa Dortmund nawo woba uriko uraba ryiza Michy Batshuayi, umusatirizi wa Chelsea. Naho mu misi iheze vyasa n’ibigaragara ko Chelsea ishobora gutanga Batshuayi, amakuru yanyuma dufise n’uko ibintu vyoba vyahindutse kuko ata womusubirira Antonio Conté araronka, ariko nk’uko vyama mw’igurwa ry’abakinyi, ibintu bishobora guhinduka no ku munota wanyuma wo kuwa 31 Nzero, umusi wanyuma w’iri gurwa ry’abakinyi.

Tubamenyeshe ko amategeko ya UEFA y’inkino za Champions League zikundwa cane n’abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi yemerera Alexis Sanchez gukinira Manchester United mu gihe womugura, bivanye n’uko yahora mu mugwi ukina Europa League, ivyo bikaba biri muri bimwe bituma abakurikiranira hafi iyo “dossier” bavuga yuko Man U witeguye kugura Sanchez naho bitokunda ko Mkhitaryan ahamvya Arsenal, mbere bikaba bivugwa cane ko azokwambara inimero 7 idasanzwe mur’uwo mugwi, ikaba yarambawe n’ibihangange nka Georges Best, Eric Cantona canke Christiano Ronaldo.

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est