FIFA – Coca Cola: Igikombe c’isi kigiye guca mu bisagara 12 vyo ku mugabane wa Africa

Vyanditswe itariki 25.01.2018

 

Kuva mu mwaka w’2006, ishirahamwe Coca Cola risanzwe rikorana na FIFA ryaratanguye gutunganya urugendo rudasanzwe aho igikombe gihiganirwa n’imigwi yaronse amatike kizunguruka isi cerekanwa ku bakunzi b’umupira w’amaguru imbere y’uko gisubira mu gihugu kizokwakira ihiganwa. Mu mwaka w’2010, imbere yo gushika muri Africa y’Epfo ahakiniwe ihiganwa, igikombe caraciye mu bihugu bitari bike harimwo n’Uburundi. Uyu mwaka, igikombe kizoca mu bihugu bishika kuri 51 harimwo 10 vyo muri Africa, imbere yo gusubira mu Burusia muri Rusama mu kurindira ihiganwa rya Mondial 2018 rizotangura kuwa 14 Ruheshi 2018.

 

Umukinyi mpuzamakungu wa kera Andréa Pirlo yakiniye muri Milan AC na Juventus akaba ari no mu batwaye igikombe c’isi c’2006 n’Ubutaliano, niwe azoca muri ivyo bihugu vyose yerekana ico gikombe

 

Ibisagara 12 mu bihugu 10 nivyo bizokwakira ico gikombe muri Africa

 

Ibirori nyezina vy’urwo rugendo vyatangujwe kuwa kabiri uheze (23/01/2018) mu gisagara ca Colombo muri Sri Lanka. Ico gikombe kiriko kirazunguruka ibisagara bitandukanye muri Asia yo hagati n’Uburengero kikazoshika muri Africa kuwa 22 Ruhuhuma 2018. Kizoshikira i Khartoum muri Soudani kihamare imisi ibiri maze gice mu bisagara vya Addis-Abeba muri Ethiopie, Nairobi muri Kenya, Maputo muri Mozambique, Johannesburg na Cape muri Africa y’Epfo, Kampala muri Ouganda, Abuja na Lagos muri Nigeria, Dakar muri Sénégal, Abidjan muri Côte d’Ivoire gice kirangiriza urugendo rwo muri Africa i Cariro Mu Misri kuwa 15 gushika kuwa 16 Ntwarante.

Muri rusangi, ico gikombe kizoca mu bisagara 91 biri mu bihugu 51 vyo ku migabane 6 yose igize isi. Kizorangiriza urugendo mu gisagara ca Vladivostok mu Burusia kuwa 1 Rusama, nk’uko mubibona kur’iyi sanamu iriko urutonde nyamukuru n’amatariki y’urwo rugendo.


 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC