CHAN 2018: Uko vyifashe imbere y’inkino zanyuma mu matsinda

Vyanditswe itariki 21.01.2018

 

Kur’uyu w’Imana 21 Nzero niho haza gutangura inkino zanyuma mu matsinda ane y’igikombe ca Africa kiriko kirahuriza muri Maroc imigwi nserukibihugu igizwe n’abakinyi bakinira mu mahiganwa y’ibihugu vyabo (joueurs locaux). Inyuma y’inkino zibiri, mu matsinda A na B ibintu vyaramaze kudadanuka kuko imigwi izobandanya n’iyizoca itaha yamaze kumenyekana, mu matinda C na D nayo, ibintu bizoza kudadanuka mu nkino za gatatu, tukaba tugomba turabire hamwe uko vyifashe ku migwi 16 iri mw’ihiganwa.

 

Igihugu kibanyi c'Urwanda kirafise amahirwe yo gukina igice ca kane gishira icanyuma ariko kikazotegerezwa kuvyifatamwo neza mu rukino rugihuza na Libya (Isanamu y'utukino Nigeria 0-0 Rwanda, Photo DR)

 

Mu matsinda A na B imigwi izobandanya n’iyizotaha yose yaramaze kumenyekana

 

Itsinda A rigizwe na Maroc, Soudan, Guinée na Mauritanie



Igihugu ca Maroc cakiriye ihiganwa, ryatswe Kenya ku ngingo ya CAF, kiriko kivyifatamwo neza kuko catsinze inkino 2 zambere, co kimwe n’igihugu ca Soudan caronse itike kibanje gukuramwo Uburundi (0-0, 1-0). Ibihugu vya Mauritanie na Guinée Conakry vyatsinze inkino zibiri zose bizoca bitaha inyuma y’urukino ruzobihuza, Maroc na Soudan navyo bihiganire ikibanza cambere c’itsinda.

Uko inkino zagenze

Maroc 4-0 Mauritanie
Guinée 1-2 Soudan
Maroc 3-1 Guinée
Soudan 1-0 Mauritanie

Uko imigwi isumbana

1. Maroc ufise amanota 6, ibitsindo +6
2. Soudan 6, +2
3. Guinée 0, -3
4. Mauritanie 0, -5

Inkino zanyuma mur’iri tsinda zitegekanijwe kur’uyu w’Imana 21 Nzero igihe c’isaha zitatu z’ijoro (21:00) mu masaha y’I Burundi. Mauritanie utana mu mitwe na Guinée, Maroc nawo unyinyurane na Soudan mu kurondera ikibanza cambere

Itsinda B rigizwe na Namibie, Zambie, Ouganda, Côte d’Ivoire



Mur’iri tsinda, umugwi wa Côte d’Ivoire uri mu yikomeye ku mugabane wa Africa iyo urimwo abakinyi bawo bakinira mu mahanga ntiwakije mur’iri higanwa kuko wamaze kuronka itike ryo gusubira Abidjan inyuma y’inkino zibiri gusa. Umugwi wa Ouganda nawo, umugwi wambere mu karere ka Africa y’Ubuseruko dufatiye ku rutonde rwa FIFA, watsinzwe inkino zawo zibiri n’imigwi yo mu karere ka Africa y’Ubumanuko ukaba uzofata inzira yo gutaha inyuma y’inkino z’amatsinda.

Uko inkino zagenze

Côte d’Ivoire 0-1 Namibie
Zambie 3-1 Ouganda
Côte d’Ivoire 0-2 Zambie
Ouganda 0-1 Namibie

Uko imigwi isumbana

1. Zambie ufise amanota 6, ibitsindo +4
2. Namibie 6, +2
3. Ouganda 0, -3
4. Côte d’Ivoire 0, -3

Nko mw’itsinda A, inkino zanyuma zizohuza abatsinzwe n’abatsinze. Zitegekanijwe kur’uyu wambere 22 Nzero isaha zitatu z’ijoro: Ouganda - Côte d’Ivoire na Namibie – Zambie

 

Mu matsinda C na D, hamaze kumenyekana umugwi umwe ubandanya n’umwe utaha

 

Itsinda C rigizwe na Nigeria, Rwanda, Libye na Guinée Equatoriale



Igihugu kibanyi c’Urwanda cari cakiriye ihiganwa riheruka mu 2016 kiracafise amahirwe yo kubandanya muri « ¼ finale » kuko kinganya na Nigeria wambere mw’itsinda amanota 4 mu nkino 2, ariko kikazotegerezwa kuvyifatamwo neza mu rukino rwanyuma rukomeye ruzogihuza na Libye, umugwi ufise amanota 3. Umugwi wa Guinée Equatoriale waramaze gusezera inyuma yo gutsindwa inkino zibiri.

Uko inkino zagenze

Libye 3- 0 Guinée Eq.
Nigeria 0-0 Rwanda
Libye 0-1 Nigeria
Rwanda 1-0 Guinée Eq.

Uko imigwi isumbana

1. Nigeria ufise amanota 4, ibitsindo +1
2. Rwanda 4, +1
3. Libye 3, +2
4. Guinée Eq. 0, -4

Mu nkino zanyuma z’iri tsinda zitegekanijwe kuwa kabiri 23 Nzero (21:00), Urwanda ruzokina na Libye urukino rukomeye cane rwo kurondera itike rya ¼ finale, Nigeria nawo utane mu mitwe na Guinée Equatoriale.

Itsinda D rigizwe na Congo (Brazza), Angola, Burkina Faso na Cameroun

Mw’itsinda D, umugwi wa Cameroun waramaze gusezererwa inyuma yo gutsinda inkino zawo zibiri zose. Congo nawo waramaze kuronka itike ryo kubandanya, hakaba hasigaye kudadanura uwuzobanya n’uwuzotaha hagati ya Angola na Burkina Faso.

Uko inkino zagenze

Angola 0-0 Burkina Faso
Cameroun 0-1 Congo
Angola 1-0 Cameroun
Congo 2-0 Burkina Faso

Uko imigwi isumbana

1. Congo ufise amanota 6, ibitsindo +3
2. Angola 4, +1
3. Burkina Faso 1, -2
4. Cameroun 0, -2

Mu nkino zanyuma z’iri tsinda zitegekanijwe kuwa gatatu 24 Nzero (21:00), Angola uzotana mu mitwe na Congo, Burkina Faso nawo utane mu mitwe na Cameroun. Kugira Burkina Faso uronke itike, utegerezwa gutsinda Cameroun uwurusha n’imiburiburi ibitsindo 3 ugaca wizera ko Congo utsinda Angola n’imiburibiri uwurusha igitsindo kimwe. Umugwi wa Angola unganije na Congo uzoba uronse itike ryo kuwuherekeza mu gice gikurikira, mu gihe Angola wiotsinda Congo naho, uzoca uwuherekeza ufise n’ikibanza cambere c’itsinda.

Diègue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 28

Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Est 1-2 Les Jeunes
Musongati FC 2-2 Messager Bja
Vital'O FC 8-0 Delta Star
Olympic Star 1-0 Buja City
Inter Star 0-0 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Messager N.
Flamb. Centre 4-4 Aigle Noir