CAF: Igisagara ca Rabat cakiriye inama rukokoma y'abahinga hamwe n'inyigisho zambere kubagiye kuronka 'Licence pro CAF'

Vyanditswe itariki 14.03.2018

 

Hagati y'amagenekerezo y'9 gushika 12 Ntwarante mu gisagara ca Rabat muri Maroc harabaye inama rukokoma y'abarongoye ibisata bijejwe ubuhinga ku mugabane « séminaire continental des directeurs techniques » yatunganijwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika CAF. Iryo koraniro ahanini ryari rifise intumbero yo kwerekana ku mu garagaro impinyanyuro nshasha zijanye n'ivyigwa bizotangwa mu gutegura impamyabushobozi za CAF (Licences CAF) kuko hihwejwe ko nyinshi zatanzwe bidaciye mu mategeko mu myaka iheruka.

 

Dominique Niyonzima asanzwe ari mu mugwi w'ubuhinga ku rwego rwa CAF yari mu batunganije iyo nama rukokome

 

CAF yatanguye inyigisho zambere zo ku rwego rwa 'Licences pro'

 

Inyuma y'inama y'abarongoye ibisata vy'ubuhinga, kuva kuwa 12 gushika kur’uyu wa 14 Ntwarante haciye hakurikira inyigisho zambere za 'Licence Professionnelle CAF' (Licence Pro CAF). Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Maroc niryo ryafashe iyambere ribifashijwemwo na CAF kuba igihugu ca mbere gitunganije izo nyigisho zitegura impamyabushobozi za 'licence pro CAF', abamenyereza bo hejuru bakaba bari bafise Licence A CAF.

Mu ntumbero yo kwerekanako ari ivyigwa vyerekeyeumugabane wose, uworongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Maroc yaciye atumira abamenyereza bane baturuka mu bindi bihugu vya Afrika harimwo Hassan Shehatta wo muri Misiri (Yatahukanye incuro 3 igikombe ca CAN) Aliou Cissé, umumenyereza yafashije igihugu ciwe ca Senegal kuronka itike ryo kwitabira inkino zanyuma z'igikombe c'isi mu Burusiya, Florent Ibenge wo muri RD Congo hamwe na Pitso Mosimane yatahukanye Champions League 2017 amenyereza Mamelody Sundowns wo muri Afrika y'epfo.


Mohsin Mupenda, umuyobozi w’ubuhinga muri FFB niwe yaserukiye Uburundi i Rabat

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC