FIFA: Amazina y’abaharanira ubushimwe The Best bw’umwaka w’2017-2018 yagiye ahabona

Vyanditswe itariki 24.07.2018

 

Ishirahamwe ry’umupira kw’isi FIFA rihejeje gushira ahabona urutonde rw’abaharanira ubushimwe The Best 2017-2018. Eyashize ahabona amazina cumi cumi mu mice ine ar’iyo The Best ku mukinyi w’umwaka na The Best ku mumenyereza w’umwaka mu bagabo n’abakenyezi.

 

Raphael Varane yatwaye Champions League, Antoine Griezmann yatwaye Europa League na Kylian Mbappé batwaranye igikombe c'isi mu bakinyi bazotorwamwo uwaranze umwaka w'2017-2018

 

Abakinyi 3 batwaye igikombe c’isi mu Bufaransa n’umumenyereza wabo mu baharanira ubushimwe

 

Mu rutonde rw’abaharanira ubushimwe ku bagabo, dusangamwo abakinyi 3 bo mu mugwi w’Ubafaransa uheruka gutwara igikombe c’isi aribo Kylian Mbappé, Antoine Griezmann na Raphael Varane hamwe n’umumenyereza wabo Didier Deschamps. Umumenyereza Zinedine Zidane yahora muri Real Madrid nawe nyene aza yiyongera kuri bagenziwe b’Abafaransa mu baharanira ubushimwe.

The Best – Umukinyi w’umwaka mu bagabo

Cristiano Ronaldo (Portugal/Real Madrid/Juventus); Kevin De Bruyne (Belgique,/Manchester City FC); Antoine Griezmann (France/ Atlético de Madrid); Eden Hazard (Belgique/Chelsea); Harry Kane (Angleterre/Tottenham Hotspur); Kylian Mbappé (France/Paris Saint-Germain); Lionel Messi (Argentine/FC Barcelone); Luka Modric (Croatie/Real Madrid); Mohamed Salah (Egypte/Liverpool); Raphaël Varane (France/Real Madrid).

The Best – Umukinyi w’umwaka mu bakenyezi

Lucy Bronze (Angleterre/Olympique Lyonnais); Pernille Harder (Danemark/VfL Wolfsburg); Ada Hegerberg (Norvège/Olympique Lyonnais); Amandine Henry (France/Olympique Lyonnais); Samantha Kerr (Australie/Sky Blue FC/Perth Glory FC/Chicago Red Stars); Saki Kumagai (Japon/Olympique Lyonnais); Dzsenifer Marozsan (Allemagne/ Olympique Lyonnais); Marta (Brésil/Orlando Pride); Megan Rapinoe (USA/Seattle Reign FC); Wendie Renard (France/Olympique Lyonnais)

The Best – Umumenyereza w’umwaka mu bagabo

Massimiliano Allegri (Italie/Juventus FC); Stanislav Cherchesov (Russie/umugwi wa Russie); Zlatko Dalic (Croatie/umugwi wa Croatie); Didier Deschamps (France/umugwi wa France); Pep Guardiola (Espagne/Manchester City FC); Jürgen Klopp (Germany/Liverpool FC); Roberto Martínez (Espagne/umugwi wa Belgique); Diego Simeone (Argentine/Atlético de Madrid); Gareth Southgate (Angleterre/umugwi wa Angleterre); Ernesto Valverde (Espagne/FC Barcelone); Zinédine Zidane (France/Real Madrid).

The Best – Umumenyereza w’umwaka mu bakenyezi

Emma Hayes (Angleterre/Chelsea Ladies FC); Stephan Lerch (Allemagne/VfL Wolfsburg); Mark Parsons (Angleterre/Portland Thorns FC); Reynald Pedros (France/Olympique Lyonnais); Alen Stajcic (Australie/umugwi wa Australie); Asako Takakura (Japon/uwugwi wa Japon); Vadão (Brésil/équipe du Brésil); Jorge Vilda (Espagne/umugwi wa Espagne); Martina Voss-Tecklenburg (Allemagne/umugwi wa Suisse); Sarina Wiegman (Pays-Bas/umugwi wa Pays-Bas).

Ubushimwe buzotangirwa i Londres mu Bwongereza kuwa 24 Nyakanga 2018, amatora akaba agabuwe uku gukurikira:

25% kuri ba kizigenza b’imigwi nserukirabihugu
25% ku bamenyereza b’imigwi nserukiragihugu
25% ku mugwi userukira abamenyeshamakuru b’inkino
25% ku barorerezi bashobora gutora guhera uyu musi gushika kuwa 10/08/2018 kuri Fifa.com

Mu ntango za Nyakanga, ishirahamwe FIFA rizoshira ahabona amazina atatu atatu yambere mu mice yose uko ar’ine.

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir