Football: Amakuru ashushe ya "Mercato" ku mugabane wa Buraya

Vyanditswe itariki 31.01.2018

 

Kur’uyu wa gatatu 31 Nzero isaha zitandatu z’ijoro niho ikiringo ca Mercato co hagati mw’ihiganwa kiza kurangira. Turabire hamwe amakuru yanyuma ajanye n’abakinyi bariko barahindura imigwi canke bongereza amasezerano muyo bari basanzwemwo:

 

Henrik Mkhtaryan na P-E Aubameyang babiciye bigacika muri Dortumnd bagiye gukinira Arsenal

 

 

1. Pierre Emmerick Aubamenyang yasinye icese muri Arsenal avuye muri Borussia Dortmund ku kiguzi kingana na milioni 63,75 z’ama Euros. Iryo gurwa rica ryugururira inzira Michy Batshuayi ashaka kuva muri Chelsea aja muri Dortmund na Olivier Giroud ava muri Arsenal aja muri Chelsea. Igurwa ry’aba bakinyi babiri ntiriremezwa icese ariko bivanye n’uko umugwi wa Dortmund wari wavuze ko uzorekura Aubameyang uronse uwumusubirira, biboneka y’uko abo bakinyi bashobora gufata izo nzira mu masaha ari imbere.

2. Umugwi wa Manchester City waraye wakiriye umukinyi w’inyuma yamuka mu Bufaransa Aymeric Laporte ava muri Athletic Bilbao ku kiguzi kingana na milioni 65 z’ama Euros. Athletic Bilbao nawo waciye ugura Inigo Martinez ava muri Real Sociedad kuri milioni 32 z’ama Euros.

3. Emerson Palmieri yahora akinira AS Roma yaguzwe na Chelsea ama milioni 20 y’ama Euros. Pietro Pellegri nawe yahora mu Butaliano nyene muri Genoa yiyunze na AS Monaco kuri milioni 25 z’ama Euros.

4. Marc Bartra yahora kina inyuma muri Borussia Dortmund yahoze akinira FC Barcelona yasubiye muri ESpagne akaba yiyunze na Betis Séville ku kiguzi ca milioni 10,5 z’ama Euros

5. Samuel Eto’o yaraye ahagaritse icese amasezerano yar’afitaniye na Antalyaspor muri Turquie, akaba yaciye yiyunga n’uwundi mugwi wo mur’ico gihugu, Konyaspor mu masezerano yo kuwukinira imyaka ibiri n’igice. Tubibutse k Eto’o afise imyaka 36.

6. Sandro Ramirez, umusatirizi wa Everton yatijijwe muri Séville gushika ihiganwa ry’2017-2018 riheze. Twobamenyesha kandi umukinyi Axel Tuanzebe wa Manchester United yatijijwe muri Aston Villa. Daniel Sturridge yatijijwe na Liverpool muri WBA, G. Deulofeu nawe atizwa na FC Barcelona muri Watford.

7. Diafra Sakho yariyunze icese na Rennes avuye muri West Ham mur’iyi ndwi ku kiguzi kiri hagati ya milini 5 na 10 z’ama Euros.

8. Juan Mata yongereje amasezerano yoheranye n’uyu mwaka muri Manchester United gushika mu 2019. Muri Arsenal naho, Mesut Ozil yorangije amasezerano uno mwaka nawe nyene yongereje gushika mu 2021, bikaba bivugwa ko agiye guhembwa milioni 20 z’ama Euros ku mwaka, umushahara utari bwigere uhabwa umukinyi mur’uwo mugwi

9. Umukinyi Javier Pastore wa PSG ariko araronderwa hasi hejuru na Inter Milan, umugwi wamaze gusezera Yuto Nagatomo aja muri Galatasaray. Ryad Mahrez nawe, umukinyi akomeye cane muri Leicester City ariko araronderwa bikomeye na Manchester City kur’uyu musi wanyuma, bikaba bivugwa ko ashobora kugurishwa kuri milioni 70 z’ama Euros.

10. Tubibutse ko Coutinho yagurishijwe Mercato igitangura ava muri Liverpool aja muri FC Barcelona ( milioni 120+40 (bonus)) akaba yashitse yambara umwambaro w’igiharuro 14 wahorana Javier MAscherano yagiye muri Chine (Hebei CFFC). Alexis Sanchez nawe yaramaze guhamvya Manchester United ava muri Arsenal mu gihe Henrik Mikhtarian yaciye amusubirira muri Arsenal. Abo bakinyi uko ari batatu baramaze gutangura gukina mu migwi yabo mishasha.

Tubandanya tubakurikiranira hafi ayo makuru y’abakinyi bahindura imigwi

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir