CAF: Abaserukizi 3 ba CHAN hamwe n'abahinga 2 harimwo umurundi bari mu bikorwa bikomeye biherekeza CHAN 2018

Vyanditswe itariki 03.02.2018

 

Mu gihe hariko haraba inkino zigira gatanu z’ihiganwa rya CHAN muri Maroc, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri afrika 'CAF' ryaratumiye abakinyi batatu babiciye biracika mu myaka y'inyuma bivanye n'ubutwari berekanye mu kibuga bagikina, abo nabo bakaba biswe abaserukizi (ambassadeurs) b’iryo higanwa, amabanga agizwe no kurangura ibikorwa bitandukanye mu gukundisha umupira w’amaguru.

 

Abaserukizi n'abahinga ba CAF bari kumwe n'abana bato i Sidi Moumen

 

Dominique Niyonzima mu mugwi w’intumwa 5 za CAF uri mu bikorwa bidasanzwe biherekeza CHAN2018

 

Robert Muteba Kidiaba yahoze akinira TP Mazembe na RD Congo ,ubu akaba ari umumenyereza w'abanyegori, Adel Chedli w'umunya Tunisia hamwe na Naybet wo muri Maroc nibo batowe nk'abaserukizi mw'ihiganwa ry'uno mwaka. Abo bakinyi ba kera batatu baciye bongerwamwo abahinga babiri bo mu gisata c’ubuhinga muri CAF aribo Anthony Bafoé wo muri Ghana n’umurundi Dominique Niyonzima mu ntumbero yo kurangura ibikorwa bitandukanye hambavu y’ihiganwa rya CHAN 2018.

Igikorwa bahereyeko cabaye ico gufasha mu gutanguza ihiganwa ridasanzwe ryatunganijwe n’ishirahamwe ry’umupira muri Maroc kuva kuwa 18 Nzero. Iryo higanwa ryahuje abanyororo bavuye mu bihugu cumi na bibiri vyo muri Africa, urukino rwo kuryugurura rwabereye mw’ibohero ry’I Casablanca rukaba rwahuje Maroc na Nigeria, umugwi wa Maroc utahukana itsinzi y’ibitsindo 13-3. Inyuma y’ico gikorwa, uwo mugwi wa CAF ugizwe n’abaserukizi 3 n’abahinga 2 waciye ugendera ikigo c’abana biga umupira kiri i Sidi Moumen mu buseruko bwa Casablanca.




Abaserukizi n’abahinga ba FIFA mu birori vyo kwugurura icese ihiganwa ry’abanyororo


 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir