Imihamuro mu mupira w’amaguru : mbega hano iwacu no mu bihugu vya buraya vyifashe gute?

Vyanditswe itariki 06.04.2017

 

Kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uyu mwaka, twaratangaye cane tubonye imigigwa abakinyi bagize imbere y’urukino rw’umusi wa 21 w’ihiganwa Primus League hagati ya Athletico Olympic na Lydia Ludic. Abakinyi b’umugwi wa LLB bacinjira ku kibuga baciye bapfukama barapfundurura bongera barapfundika imigozi y’ibirato, bangezi babo ba Athletico baca barabigana, urukino rutanguye naho umupira wambere bawutaye hanze, aba Athletico nabo babigira uko nyene. Mbega iyo migigwa yo guhamura imbere y’urukino yoba ifise ico ifasha ku bakinyi mu kurondera intsinzi? Vyoba vyifashe gute hoho mu bakinyi b’i Buraya ? Nivyo tugomba turabire hamwe.


Abakinyi ba LLB bariko barahamura imbere y'urukino na Athletico kuwa 25 Ruhuhuma 2017 rwarangiye ku ntsinzi ya LLB 1-0

 

Uko vyifashe mw’ihiganwa rya Primus League n’ico abo vyega babivugako :


Moussa Tuyikeze*, umwe mu bahumure bamaze imyaka myinshi bakurikirana amahiganwa y’umupira w’amaguru yaratuganiriye cane ku bijanye no kwemera amangetengente mu bakinyi, abamenyereza, abarongozi b’imigwi n’abakunzi basanzwe. Yabanje kutubwira ko amaze kwibonera kenshi imvura nyinshi igwa ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore no mu micungararo yaho urukino rutanguye, ahandi mu gisagara haguye akavura gake cane canke ata yaguye. Ivyo bintu bigoye kwemera biri mu rukurikirane rurerure rw’ivyo yatudondaguriye bijanye n’ingorane zidatahuritse zishikira abakinyi bakomeye ku misi y’inkino canke ahandi ugasanga umukinyi yahora abayabaye adugije urugero mu buryo budasanzwe.

Tumubajije ikibanza ivyo bifise mu gutegura imigwi, yatubwiye ko afatiye kuvyo yagiye arabona mu migwi itandukanye, kenshi na kenshi ingingo zo gukoresha amangetengete zifatirwa mu buyobozi canke mu bamenyereza b’imigwi, abakinyi bagakurikiza ivyo baba babwiwe ko bitanga intsinzi ari naho usanga mu migwi y’abamenyereza bemera ivyo bintu abakinyi batabikurikiza bashobora gukurwa mu rutonde naho baba bakomeye. Ibindi bintu bikunda gushika kenshi, n’imihamuro abakinyi bagiranira hagati yabo bivanye n’ivyo baba basanzwe bemera canke barabwiwe kugira bagire umwimbu kurusha bagenzi babo.

Umwe mu bakinyi ba Primus League twashoboye kuganira kur’ico kibazo, yaratwemereye ko ata mangetengete yemera na gato, ati ariko, mu mugwi wiwe ubuyobozi buyaha ikibanza n’uburyo bukomeye cane ugereranije n’ibindi vya nkenerwa mu gutegura umugwi, bigatuma rero abakinyi bose binjira mu kibuga bategerezwa gukurikiza ku murongo imigenzo n’imiziro baba bigishijwe mu ntumbero yo kuronka intsinzi.

Umuhinga mu vy’ingendo n’inyifato y’abanonotsi twaganiriye yaraduhaye insiguro y’ico kibanza amangentengete ashobora kugira mu nkino. Yatumenyeshejeko inkino zisaba inguvu n’ubuhinga nk’umupira w’amaguru zikenera integuro ikwiye mu mutwe w’umukinyi kugira ishaka n’ubwira vyiwe bishobore guhangana n’intumbero y’urukino. Mur’ico gihe rero, umukinyi arakenera ikintu kimurindisha muri we ashobora kwifadikiza ari naho bamwe baca basenga, abandi bakizera umwambaro, abandi bakagira ibirato bibarindisha, gutyo gutyo gushika kur’abo bashika kure mu bijanye no guhamura. Muri make, yatubwiye ko ivyo vyose bija mu ntumbero yo kurindisha umukinyi,ati iyo hakozwe ivyigwa nteguramutwe canke izindi nteguro z’inkino zikwiye, ivyo vyose ntivyokenerwa na kare yaba arivyo bikora imigwi imwimwe ntiyokwigeze itsindwa.

Mbega i Buraya hoho abakinyi barahamura?



Ico n’ikibazo abantu benshi bakunda kwibaza na cane cane iyo babonye ikibanza ibintu vyo guhamura gifise muri Africa. Ariko rero, n’abakinyi rurangiranwa mu migwi ikomakomeye ya Buraya barafise imigigwa ataho itaniye no guhamura umuntu afatiye ku kibanza abo bakinyi usanga barayihaye mu buzima bwabo. Turabire hamwe imigigwa itanganje y’abakinyi n’abamenyereza bamwe bamwe ba kera n’ab’ubu:

John Terry: kizigenza rurangiranwa wa Chelsea yaramaze imyaka cumi yumviriza cd imwe y’umuririmyi Usher imbere y’inkino zose akongera agahagarika imodoka yiwe mu kibanza kimwe, akicara mu kibanza kimwe muri bus y’umugwi, akongera kandi akambara ibikingiramurundi bimwe mu nkino zose mur’iyo myaka gushika aho abitereye mu rukino yakiniye I Camp Nu

Laurent Blanc: abakurikiranye igikombe c’isi c’umwaka w’1998 mu Bufaransa muribuka ko uwo mukinyi rurangiranwa w’inyuma yasoma umunyegori wabo Fabien Barthez mu mutwe imbere y’inkino zose kiretse urwa finale atakinye kubw’amakarata y’umuhondo abiri.

Filippo Inzaghi: Uyu musatirizi yanditse amateka akomeye n’Ubutaliano na AC Mila yar’afise umugwirwa utangaje, imbere y’urukino yarihereza amapake y’ibisuguti vy’abana mugabo akaza arasigazamwo bibiri bibiri

Gary Lineker yakiniye imigwi nka Leicester City canke Tottenham n’Ubwongereza ntiyigera atera mw’igori mu kwishisha kw’imbere y’urukino (échauffement), vyongeye, igice cambere c’urukino kirangiye atinjije, yaca ahindura umwambaro.

Pepe Reina umunyegori yasamiye umugwi wa Liverpool imyaka icenda yama ahagarika umuduga wiwe mu kibanza ca 39 aho bahagarika imiduga ku kibuga Anfield, imbere yo kuhashika yahagarara kw’iguriro ry’igitoro rimwe, yaba agikeneye canke atagikeneye.

Ivan Rakitic umukinyi wo hagati muri FC Barcelona afise umugirwa utangaje yama akora imbere y’urukino: arifunga ukuguru kw’ibubamfu na ca gitambara c’abafise ububabare bita bandage, agaca yambara isogisi y’ububamfu maze akarenzako ikirato c’ububamfu, hageze kwinjira mu kibuga naho ategerezwa gutanguza ukuguru kw’iburyo mu guhonyora ku musezero

Barry Fry: igihe yamenyereza umugwi wa Birmingham City FC mu Bwongereza, yaremeza ko ikibuga St Andrew gihumanye, imbere y’urukino yaca azunguruka umusezero akihagarika ku mpande zine zawo. Haheze imyaka bamubajije nimba hari ico vyafasha yavuze ati “ nabonye twaciye dutangura gutsinda nca nibaza ko bikora, ariko mu nyuma nabonye bambogoza, nibaza rero ko bitakora”

Béla Guttmann: inyuma yaho atwariye igikombe gikuru c’imigwi ya Buraya mu 1962 na SL Benfica, ari naco cahavuye citwa UEFA Champions League, yarasezeye uwo mugwi avuze abwiye abarongozi bawo k utazosubira gutwara igikombe na kimwe ca Buraya mu myaka 100 iri imbere. Kuva ico gihe, Benfica umaze gutsindwa muri finale umunani zose!

Mircea Lucescu, umumenyereza wa Zenith Saiint-Petersbourg aremeza kandi agasaba ko umuduga utwaye abakinyi utokwigera ugenda amajanyuma (marche arrière) canke ngo ujemwo abakenyezi, ngo bitera imikoshi umugwi

Nk’uko mubibona, utwo turorero tumwe muri twinshi twatororokanijwe n’ishirahamwe ry’umupira wa Buraya UEFA, turerekana ko no kur’uwo mugabane, imihamuro yemerwa n’abatari bake bakanayikoresha mu buryo butandukanye. Ico iyo mihamuro n’iyo migirwa yose ihuriyeko, n’ukuremesha umukinyi no gutuma yumva ko ashize ubwoba yiteguriye urugamba rwo mu kibuga, ivyo navyo bikaba bikunda hakoreshejwe uburyo n’ubuhinga bukwiye, imigwi n’abakinyi batarinze kuja mu bintazi kenshi usanga bibasamaza bikanatera izindi nduru na cane cane hano iwacu.

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est