Imigwi yo muri Primus League: Olympic Star wavutse gute, umaze gutera iyihe ntambwe?

Vyanditswe itariki 07.04.2017

 

Inyuma y’aho tubashikirije kahise k’umugwi wa Magara Star, abakinyi bawugize n’uko wifashe muri Primus League uno mwaka , uno musi tubayagira ku mugwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga. Uwo mugwi uheruka gutangura gukinira ku kibuga casubiwe co mu gisagara ca Muyinga mu gusanurwa no gusaswako umusezero wa kijambere, n’umwe mu migwi ikomeye mu Buraruko bw’igihugu kandi ukundwa cane, turabire hamwe uko wavutse n’intambwe ugezeko.

 

Ikimenyetso (logo) ca Olympic Star

 

Umugwi Olympic Star wavutse mu bihe n’uburyo bitoroshe ukaba umaze imyaka 20

 

Umurwi OLYMPIC STAR wavutse neza na neza muri Gitugutu 1997 utangujwe n'abantu batarenga indwi, ubu ukaba uriko uhimbaza imyaka 20 utanguwe.

Ico gihe hari indyane hagati ya Unité fc na Kiyago fc ziturutse ku vya politique, unité fc bayita ngo n’iya UPRONA, Kiyago nayo bakayitirira FRODEBU ugasanga abashigikiye Kiyago bamana ubwoba kuko ico gihe Unité FC yatwarwa misi yose n'umuyobozi w'umusoda. Niho rero bamwe bamwe mu bakunzi b’umupira barabira hamwe izo ngorane haba abo muri Unité nabo muri Kiyago baca bariyonkora baja hamwe bagira umurwi unywanisha abanya Muyinga muri ico gihe c'amagume baca bawita Olympic Star de Muyinga. Ico gihe mu 1997 n'abakinyi bakina muri unité na Kiyago benshi baciye bakwirikira indongozi zabo zivuye muri iyo mirwi zija muri Olympic Star. Urukino rwambere rwabereye muri commune Gashoho aho Olympic Star yari yatwaye imirwi ibiri cadet na seniors.

Umuyobozi wambere yitwa Gahungu Patrick akaba yagiye arakurikirwa na Mboneko Félix, Nzeyimana Musafiri, Ntibanyiha Venerand, Hon Mpabansi Jean Berchmans, Bigirimana Nestor, Harerimana Epipode, Nzeyimana Musafiri gushika ubu aho umugwi uramutswa Simeon Barayandema kuva mu mwaka w’2016.

Nk’uko twavyiganiwe n’abayobozi ba Olympic Star, imigwi yabashigikiye cane cane muri urwo rugamba rwo gushinga umugwi wabo ni nka Rumuri yakinamwo ba Amars na Habimana Aimable batazira Marandura urongowe na Nyenimigabo Jean Jacques hamwe n'umurwi Musongati w'i Gitega wari urongowe n'umutama Manirambona na Hassan Mahwege.

Umugwi Olympic Star ntiwamaze umwanya muri championnat local kuko mu mwaka w’1999 wari umaze kwinjira muco bita ligue nationale intérieure, ico gihe imigwi yo hagati mu gihugu yakina ukwayo kandi kuva ico gihe uwo murwi nturigera ukoroka ahubwo wagumye uduga gushika n’igihe habereye ihiganwa rimwe ku rwego rw’igihugu. Kuva ico gihe umugwi ushingwa, wambara amabara y’ubururu n’iryera kandi nturigera uhindura izina na rimwe canke ngo ugure ikibanza c’uwundi mugwi mw’ihiganwa.

 

Bimwe bimwe muvyo Olympic Star umaze gushikako, abakinyi bawugize n'uko wifashe uyu mwaka

 

Kuva aho hatanguriye ihiganwa ry’igihugu cose mu cicaro cambere, umugwi wa Olympic Star umaze gukoroka rimwe gusa mu cicero ca kabiri, aho hari mu 2010 ukaba waciye ugaruka mu cicero cambere mu 2014 gushika ubu.
Uwo mugwi uramaze gukina urukino rwa finale mu gikombe c’Umukuru w’igihugu, hari mu 2005 utsindwa 3-0 na Muzinga.


Finale Muzinga 3-0 Olympic Star mu gikombe c’Umukuru w’igihugu 2005

Mu mwaka w’1999 muri Ligue Nationale Intérieurre no mu 2010 muri Ligue Nationale A, umugwi Olympic Star waratahukanye igikombe kidasanzwe gihabwa umugwi wigenjeje neza kuruta iyindi mu nyifato kivukanyi ku kibuga bimwe bita fair play.

Abakinyi bagize umugwi wa Olympic Star uno mwaka

Abakinyi banditswe muri FFB ko bakinira Olympic Star uno mwaka ni 17 gusa, nabo ni :

1. Alifa Coka uavutse mu 1995
2. Mbazumutima Baba 1989
3. Girukwishaka Fabrice 1994
4.Ndayisaba Alain 1988
5. Mwenebantu Azor 1992
6. Barisize Nassor 1994
7. Ramadhan Pascal 2000
8. Kashindi Paul 1990
9. Nijimbere Pégale 1992
10. Shauri Amissi 1986
11. Saidi Slim 1997
12. Watulasiru Lucien 1990
13. Nduwayo Isaac 1991
14. Jumatatu Haruna 1986
15. Ndinda Alain Jupin 1998
16. Lumeya Magloire 1994
17. Mudasiru Iddy 1989
Abakinyi 11 batanguye mu rukino rwambere ku musezero mushasha w’ikibuga Umuco: Olympic Star 1-2 Aigle Noir

Naho batsinzwe, baranezerewe n’uko bagiye kuza barakinira ku kibuga ciza ugereranije n’ico bahorana

Kuva kuwa 31 Ntwarante, Olympic Star waratanguye gukinira ku musezero wa kijambere uheruka gusaswa ku kibuga c’i Muyinga mu bikorwa vyo kugisanura. Gushika ku nkino 24 umaze gukina, umazegutsinda inkino 7, unganya 7 nyene uca utsindwa incuro cumi. Uri mu kibanza c’icenda n’amanota 28, ukaba umaze kwinjiza ibitsindo 15 utsindwa 26. Olympic Star n’umwe mu migwi iri hagati na hagati ku rutonde, imigwi isa n’iyimaze kwizera kubandanya mu cicaro ca mbere mu mwaka uza.

Tuzobandanya dukurikiranira hafi uwo mugwi tubamenyeshe n’ayandi makuru yawo atandukanye

Ubwanditsi bwa burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.