Meny’imigwi: Kahise k’ishure ry’umupira w’amaguru Le Messager n’ivyo rimaze gushikako mu myaka 13 rimaze

Vyanditswe itariki 01.07.2017

 

Mu ntumbero yo gufasha abakunzi b’inkino kumenya kahise n’umwimbu w’imigwi bakunda, twaratanguje igisata twise « Meny’imigwi » aho tubayagira ku mateka y’imigwi ya hano iwacu. Twatanguriye ku migwi yo mu cicaro cambere c’umupira w’amaguru tukaba tumaze kubayagira ku migwi Magara Star, Olympic Star na Vital’O FC. Uno musi tuza kurabira hamwe uko ishure ry’umupira w’amaguru Le Messager ryavutse, intumbero ryari rifise, n’umwimbu rimaze gushikako mu gihe uno mwaka rikwije imyaka 13 riri ku kivi.

 

Ikimenyetso (logo) kiranga ishure ry'umupira "Le Messager"

 

Le Messager, ishure ryavutse mu ntumbero yo guteza imbere impano z’urwaruka mu gutegura abakinyi rurangiranwa

 

Ishure Le Messager ryavutse mu mwaka w’2004 rishinzwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’Igihucu c’Uburundi ubu, ico gihe akaba yari Umushikirangaji wa Leta ajejwe Intwaro ibereye. Nk’uko abimenyesha, intumbero yar’iyo kwigisha ubuhinga n’ubumenyi bw’umupira w’amaguru urwaruka, ngo impano basanzwe bafise ivemwo inzira yo kuba abakinyi rurangiranwa batera iteka igihugu cabo mu karere no mu makungu. Iruhande y’iyo ntumbero nyamukuru, harimwo kandi n’iyindi bijana yo kwigisha urwaruka kwifata neza, kumenya kwibeshaho no kuba abana b’igihugu b’akarorero mu rundi rwaruka.

Ikigo cambere catangujwe mu gisagara ca Bujumbura , gitangurana n’abana 45 bavuye mu ma komine atandukanye y'igisagara. Ubu Le Messager rigeze ku bigo bitanu, i Bujumbura, mu Rumonge, i Ngozi, i Gitega n’i Nyanza Lac, rikaba ririmwo urwaruka rugera mu majana 300,ku rugero rwa 60 kuri buri kigo bagabuye mu mice y’abatarenza imyaka 17, abatarenza 20 n’abatarenza 23.

Intango ntiyari yoroshe na gato

Nk’uko bishikirizwa na Athanase Hatungimana, benshi batazira Cokoloko, arongoye iryo shure imbere y’amategeko, intango yari igoye cane. Abakinyi bagirira imyimenyerezo ahantu bagenda ibilometero bishika kuri bitanu n’amaguru, bikaba kandi vyari bigoye cane kubaronkera ico basubiza munda inyuma y’imyimenyerezo, bimwe bita récupération. Inyuma y’igihe kitari gito mur’izo ngorane z’intango, abakunzi b’iryo shure n’abandi bashatse gushigikira uwo mugambi bararifashe mu mugongo mu kurironsa imiduga ibiri minini itwara abantu 60, n’iyindi igereranye itanu yo mu bwoko bwa Coaster itwara abantu 35 hamwe n’ibikoresho bitandukanye vyo gukina no kwimenyereza mu mupira w’amaguru. Izo mfashanyo zimaze kuboneka, itunganywa ry’ibikorwa ryarisununuye, mbere na ya mpemburo y’inyuma y’imyimenyerezo.

 

Ivyo ishure rimaze gushikako kuva mu 2004

 

Inyuma yaho ishure rironkeye abakinyi batari bake, iciyumviro co kugira ibibuga bwite caciye kivuka. Mu mwaka w’2010, Académie Le Messager yuguruye icese ikibuga “Urukundo” cubatswe ku musozi Buye wa Commune Mwumba mu Ntara ya Ngozi. Ico kibuga cakira abantu bicaye ibihumbi 4600 kikaba giheruka gusubirwamwo gisaswako umusezero wa kijambere.Mu 2012, ishure ryaciye ryugurura ikindi kibuga citwa “Ivyizigiro” mu Rumonge,naco cakira abantu bicaye 5418, akaba ari naco umugwi Vital’O FC wakirirako inkino kuva muri Nzero 2017. Mwomenyako ivyo bigo bifise n’ibibuga vya Volleyball na Basketball bishobora kwakira inkino, hakaba hari n’umugambi wa vuba wo kwubaka ibibanza vya kijambere bikorerwamwo amahiganwa yo kwiruka (piste d’athlétisme).

Le Messager rimaze gushikana imigwi itatu mu cicaro cambere, Messager Ngozi na Messager Bujumbura ikiri mu cicaro cambere na les Crocos wo mu Rumonge wasubiye mu cicero ca kabiri mu mwaka uheze, hakaba kandi hariho amahirwe yo gushikanayo umugwi Flambeau du Centre mu gihe wotsinda Burundi Sport Dynamik mu nkino zibiri izokina zo kudadanura umugwi uduga mu cicero cambere kuwa 28 Ruheshi n’uwa 02 Mukakaro. Le Messager rimaze kandi gutanga abakinyi batari bake mu mugwi nserukiragihugu, tukaba twovuga nka Sabumukama Enock, Bayizere Olivier, Uwayezu Nice, Idrissa Ramadhan, Dany Cédric Kagabo n’abandi

Le Messager riramaze kwitaba amahiganwa atandukanye mu makungu


Abakinyi ba Messager Ngozi bafashe urugendo rugana Zanzibar gukina n’umugwi KVZ muri CAF Confederations Cup

Le Messager ryitabiriye ubwambere inkino mpuzamakungu i Moscou mu gihugu c’Uburusiya ku bakinyi batarenza imyaka 20, iryoshure rikaba ryaratahukanye igikombe c’ihiganwa ryiswe “Coupe de la Victoire”, hari mu kwezi kwa Rusama 2013. Iryo higanwa ryitabiriwe n’imigwi yo mu mu Burusiya, Sénégal, Afrika y’Epfo n’Uburundi. Mukwezi kwa Nyakanga 2013, Le Messager ryaritavye ihiganwa ryabera mu gihugu ca Africa y’Epfo ariko rikaba ryahagaze inyuma y’umusi umwe gusa w’inkino bivanye n’ingorane z’uburyo ku bari baritunganije.

Mu kwezi kwa Ndamukiza 2014 mu gisagara ca Trabzon muri Turquia, abana batarenza imyaka 19 basanzwe bahurikiye muri Académie Le Messager bitabiriye ihiganwa “Rize Cup” bashoboye gutahukana , iryohiganwa ryitabiriwe n’imigwi itandatu ivuye muri Turquia , muburusiya , hamwe naAcadémie Le Messager yavuye mu Burundi . Messager Ngozi imaze kwitabira incuro zibiri mu nkino z’igikombe ca CAF Confederation , mu 2015 hamwe no mumwaka w’2017.

Abakinyi bakinye mu mwaka w’umupira w’2016-2017 mu cicaro cambere



Messager Bujumbura


Abahagaze kuva i bubamfu uja i buryo: Samba Rodriguez, Ramadhani Jumaine, Juma Amissi Lami, Éloge Nihirimbere, Salumu Ramadhani, Assani Nkurunziza, Umati Alihamdu Nduwimana, Yannick Nshimirimana, Dannick Nkurunziza, Obedi Mavugiro. Umunyegori: Hussein Ndayishimiye


Samba Rodriguez
Ways Yussuf
Yussuf Iddy
Nshimirimana Jules
Adanga Taylor
Nkurunziza Hassan
Miburo Pascal
Nihorimbere Eloge
Nshimirimana Yannick
Bahita Yves
Mfaume Swedy
Harura Hassan
Bizimana Pascal
Ndayishimiye Hussein
Salumu Ramadhan
Ramadhani Jumaine
Kigabiro Selemani
Mavugiro Obed
Gatore Thierry
Gakiza Aimé
Nduwimana Alihamdu
Idrissa Mamera
Niyogushima Dieudonné
Irakoze Landry
Ndikumasabo Eric Armel
Sinzinkayo Fleury
Nibizi Trésor
Juma Amissi
Nkurunziza Danick
Niyonkuru Isaie

Messager Ngozi


Abahagaze kuva i bubamfu uja i buryo: Youssouf Hakizimana, Irambona Tonny, Jean Paul Manirakiza, Idrissa Ramadan, Lewis Vyizigiro, Dieudonné Ntibahezwa. Abasutamye Olivier Bayizere, Alli Intelligent Fataki, Amini Abdul, Enock Sabumukama, Danny Cédric Urasenga (Kizigenza)


Ntibahezwa Dieudonné
Ninahazwe Bienvenu
Mbonimpa Hamim
Nkurunziza Joel
Amini Abdoul
Mvuyekure Radjabu
Manirakiza Jean Paul
Karikera Ibrahim
Urasenga Cédric Dany
Irambona Tony
Sabumukama Enock
Museremu Iddy
Nizigiyimana Ismail
Bayizere Olivier
Fataki Ally Intelligent
Hakizimana Yussuf
Irakoze Fernand
Tuyisenge Sostene
Bizimana Jean Jacques
Nduwayezu Nice
Ndayishimiye Amani
Idrissa Ramadhan
Ngendambizi Willy
Bizoza Jean Bosco
Maniraduhaye Bienvenu
Mpisemwoneza Ladislas
Vyizigiro Lewis

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.