Kahise k置mugwi Magara Star, abakinyi bawugize n置kuntu wifashe muri Primus League

Vyanditswe itariki 23.03.2017

 

Mbega abakunzi b段nkino za hano iwacu boba bazi kahise k段migwi canke abakinyi bayigize ? Mbega boba bafise ivyiyumviro boterera abarongoye imigwi bakunda kugira itere imbere ? Ivyo n段bindi bibazo biri mu vyatumye dutanguza igisata gishasha twise ォ Meny段migwi サ ku rubuga rwanyu burundisport.com, ico gisata kikazoza kirabamenyesha bimwe bimwe mu biranga imigwi ya hano iwacu kugira mutahurirwe ukuntu ikora n置kuntu yifashe mw段higanwa. Tugiye guhera ku migwi 16 ihurikiye muri Primus League A, tukaba dutanguriye ku mugwi Magara Star.

 

Ikimenyetso (logo) c'umugwi Magara Star

 

Kahise k置mugwi Magara Star

 

Umugwi wa Magara Star watanguye neza na neza mu kwezi kwa Nzero 2014, ukaba wari umugwi wegukira komine Bugarama mu ntara nshasha ya Rumonge. Muri uwo mwaka w2014 abawurongoye baciye bagura umugwi wo mu cicaro ca gatatu mw段higanwa ryo mu Kanyosha kugira uje guhiganwa n段yindi mu kuronder aikibanza co kuduga mucicaro ca kabiri arikwo guca bawandikisha mw段higanwa ryo mu cicaro ca gatatu mw段shirahamwe ry置mupira w誕maguru mu Kanyosha.

Uwo mugwi ntiwatevye kugira umwimbu mwiza kuko umwaka wa mbere waciye utahukana igikombe uca uronka akaryo ko gukina inkino zo kurondera itike ryo kuduga mu cicaro ca kabiri. Wakinye urukino rwa mbere ukuramwo Beach Boys wo mu Kayanza, mu rukino rwanyuma batsindwa na Les Lierres igitsindo 1-0 bica biranka ko uduga mu cicaro ca kabiri muri uwo mwaka w2014.Mu mwaka w2015, umugwi Nyanza United wakinye igice ca kabiri c段higanwa wiyitirira Magara star bikaba vyavanye nuko uwurongoye Magara star yari yaguze ikibanza ca Nyanza United uca ubandanya mu cicaro ca mbere kuva mu mwaka w段nkino 2015-2016 gushika ubu.


Abakinyi 11 batanguye mu rukino Magara Star 0-2 Vital丹 FC, Abahagaze kuva i buryo bw段sanamu: Simpo, Floris, Mustafa, Gamal, Ayubu, lnnocent, Armel Gervais; Abicaye: Berinck, Djuma, Mulume

 

Abakinyi 21 nibo bagize umugwi wa Magara Star wo mu ntara ya Rumonge

 

1 Ndimurukundo Dieudonn yavutse mu 1994
2 NIbigira Fabrice 1998
3 Misigaro Alexis 1998
4 Mapungo Esron 1994
5 Mulum Emmanuel 1998
6 Nyandwi Floris 1998
7 Nduwimana Fiston 1998
8 Habimana Armel 1993
9 Ndikumana Djuma 1998
10 Akimana Alain Merci 1995
11 Nsengiyumva Robert 1990
12 Nyandwi Innocent 1998
13 Djuma Jamali 1998
14 Ndayishimiye Ayubu 1998
15 Ndayikeza Augustin 1998
16 Asmani Hadji 1994
17 Djuma Simpo 1997
18 Ntahondi Gervais 1998
19 NYamweru Corneille 1994
20 Harerimana Claude 1998
21 Nahimana Chepe Hussein 1995

Uko umugwi Magara Star wifashe mw段higanwa rya Primus League uno mwaka



Inyuma y段nkino 23 umaze gukina, umugwi Magara Star, umenyerezwa na Ulimwengu Innocent, uri mu kibanza ca 15 n誕manota 19, ukaba umaze gutsinda inkino 5, unganya 4, utsindwa 14, umaze kwinjiza ibitsindo 22 winjizwa 36 ( burundisport.com/primusleague ). Mu nkino cumi ziheze, watsinze rimwe gusa unganya kabiri uca utsindwa incuro 7 zose, n置kuvuga ko waronse amanota 5 kuri 30, bikaba vyatumye umanuka cane ku rutonde ubu ukaba uri mu kibanza c段migwi ishobora kumanurwa icicaro ihiganwa riheze ata gihindutse.

Umugwi wa Magara Star wakirira inkino ku kibuga Ivyizigiro co mu Rumonge, co kimwe n置mugwi wa Vital丹 FC, ukaba uhimiriza abakunzi bawo kuza ku bwinshi kuwushigikira nk置ko abarongozi bawo babitumenyesheje.

Urukino Magara Star wimirije n置ruzowuhuza n置mugwi Tourbillon FC ku kibuga ivyizigiro kur置yu wa gatandatu 25 Ntwarante isaha indwi n段gice (13h30) mu nkino zo gukuranamwo mu gikombe c旦mukuru w棚gihugu.

Ubwanditsi bwa burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est