Meny’imigwi: Amateka y’umugwi Vital’O Football Club ukwije imyaka 60 uvutse

Vyanditswe itariki 30.05.2017

 

Inyuma yo kubashikiriza uko imigwi ya Magara Star na Olympic Star yavutse n’ivyo imaze gushikako mu gisata gishasha twise meny’imigwi ku rubuga rwanyu, uno musi twabateguriye urutonde rw’ivyo umugwi wa Vital’O FC umaze gushikako n’ibindi bitari bike bijanye n’ivyagiye birawuranga kuva ukivuka mu mwaka w’1957, ukaba ukwije imyaka 60 uno mwaka. Nk’uko muza kubibona, uwo mugwi wagiye urahindura amazina akatari gake gushika ufate irya Vital’o rimaze imyaka 40, ukaba ariwo mugwi umaze gutwara ibikombe vyinshi mu mahiganwa ya hano iwacu ukongera ukaba kandi ariwo mugwi wonyene wo mu Burundi umaze gutwara igikombe mpuzamakungu.

 

Ikimenyetso c'umuwi wa Vital'O Football Club

 

Amazina Vital’O wagiye uragira n’abawurongoye kuva ukivuka

 

Umugwi wa Vital’o Fc wavutse mu mwaka w’1957 ushinzwe n’abakunzi b’umupira bagwiriyemwo benshi bamuka mu gihuga kibanyi c’Urwanda bica bituma bawuha izina rya Rwanda Fc. Iryo zina ryamaze imyaka cumi riza gusubirirwa na Alteco FC mu 1968 igihe ishirahamwe Alteco rihingura ibikoresha bivuye mu butare bwa zinc ritanguye gufata mu mugongo umugwi. Hagati y’umwaka w’1972 na 1977 umugwi warabanje gufata izina rya Tout Puissant Bata, izina ry’ihinguriro ry’ibirato, inyuma yo kwiyunga n’umugwi Rapide FC baca bagira izina Espoir FC ryabandanije gushika mu 1977.

Mu mwaka w’1977, ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ryatanguje ikinyobwa gishasha bita Vital’eau rica rifata mu mugongo umugwi Espoir FC mu ntumbero z’ubudandaji bw’ico kinyobwa, ari naho umugwi waca uhindura izina ukitwa Vital’eau. Ariko rero, iryo zina ntiryatevye kuko ryasa n’iridatunganije neza, nikwo guca barihindura riba Vital’O umugwi uca urarigumana gushika ubu naho haciye imyaka irenga cumi Brarudi itagifata mu mugongo uwo mugwi nk’uko vyari bimeze.

Abagiye bararongora umugwi wa Vital’o Fc kuva mu mwaka w’1957

1957-1966 : Karuretwa
1966-1974 : Batsinda Samuel
1974-1976 : Kazungu Emile
1976-1978 : Nduwigoma Samuel
1978 – 1986 : Batsinda Samuel
1987-1994 : Muramira Grégoire
1995-1998 : Irambona Nestor
1998-2001 : Batsinda Samuel
2002-2003 : Kampanda Augustin
2004-2011 : Bahama Joseph Désiré
2011-2013 : Djamali Seif
2013-2014 gushika ubu : Bikorimana Benjamin

Abamenyereza bamenyereje Vital’o Fc kuva 1981

1981-1985 : Mavekele
1985-1986 : Jumaine Anthar
1987-1988 : Kanyenkore Jean-Gilbert Yaoundé
1989-1992 :Rashid Sheradi
1993-2001 : Kanyenkore Jean-Gilbert Yaoundé
2002-2003 : Okoko Godefroid hamwe na Kazadi Mwilambwe
2004-2006: Ramadhan Maulidi
2006-2015: Kanyenkore Jean-Gilbert Yaoundé hamwe na Feruzi Haruna
2016-2017 : Ndayiragije Etienne , Micheal Weiss , Haringingo Christian Francis Mbaya hamwe na Amidou Hassan
2017 gushika uno musi : Haringingo Christian Francis Mbaya hamwe na Amidou Hassan


Abakinyi ba Vital’O n’umuyobozi w’umugwi imbere y’urukino rwanyuma rw’igikombe c’Ubumwe kuwa 28 Nzero 2017 (Vital’O pen4-pen5 Messager Ngozi). Guhera i bubamfu: Junior kavumbagu, Kiza Fataki, Jonathan nahimana, Pistis Barenge, Jules Ulimwengu, Benjamin Bikorimana, Steve Nzigamasabo, Emery Kadogo Nimubona, Gaël Duhayindavyi, Trésor Akimana, Iddy Djumapili, David Nshimirimana

 

Umwimbu wa Vital’O FC kuva mu mwaka w’1977

 

Mu mahiganwa y’i Burundi:

Vital’o Fc umaze gutahukana ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rikuru incuro 21 ( 1979,1980,1981,1983,1984,1986,1990,1994,1995,1996,1998,1999,2000,2006,2007,2009,2010,2012,2015,2016) ukaba uza kw’isonga mu migwi imaze gutahukana ico kibanza kenshi .

Muvyo washitseko mu myaka biri iheze, mu 2015 watahukanye ibikombe bitatu (Primus League , Coupe du Président hamwe na Super Coupe ), mu 2016 watahukanye igikombe ca Primus League hamwe na Super Coupe uca ufata ikibanza ca kabiri mu gikombe c’Umukuru w’Igihugu. Uyu mwaka w’2016-2017, Vital’O FC warasubiye inyuma ugereranije n’imyaka ibiri iheze kuko warangije ihiganwa mu kibanza ca gatatu , uca ukurwa mu Gikombe c’Umukuru w’Igihugu mu gice c’umunani gishira icanyuma. Ihiganwa washoboye gushikamwo kure n’ihiganwa rishasha ry’Igikombe c’Ubumwe wabaye uwa kabiri utsinzwe na Messager Ngozi kuri za penalties mu rukino rwanyuma.

Munkino zo mu karere no ku mugabane wa Afrika:

Mu mwaka w’1982 niho Vital’o Fc watangura gukina inkino zo ku mugabane wa Afrika
Igice ca 16 gishira icanyuma : (1986,1984,1989,1993,2006,2015)
Igice ca 8 gishira icanyuma : (1983,1986,1991,1995,1996,1997,1998,1999,2000,2001)
Urukino rwanyuma (Finale) : Mu 1992 , wakinye na Africa Sports wo muri Cote d’Ivoire.

Ku 1982 Vital’o FC umaze kwitabira inkino za CAF Champions League incuro 26 ukaba umaze gukina n’imigwi itandukanye nka National El Ahly, Zamalek , Arabe Controctors , Tonnerre de Yaoundé, Union de Douala , Power Dynamo , Green Buffalos , Afrika Sports , El Mereick , Inter club de Brazza , D.C.M.P , Dragon de l’Ouénné , Manga sport , Tiko United , Cotton Sport de Garoua,Enugu Rangers, Enyimba , CF Mounana n’iyindi.

Mu mwaka w’2013, Vital’O watahukanye igikombe ca CACAFA Kagame Cup cabereye mu gihugu ca Soudan uca uba mugwi w’I Burundi wonyene umaze gutahukana igikombe mpuzamakungu.

Amazina y’abakinyi bakomakomeye bagiye baraca muri Vital’O FC n’urutonde rw’abagize umugwi wakinye mu 2016-2017:



1970: Bombeshay Taku, Tindo, Feruzi, Juma Edouard, Rwogera, Tchambala, Antoine, Kaskul, Halfan Paul, Makambo Louis, Michel.

1980 – 1990: Kazadi Mwilambwe, Halidi, Ndjali, Muvala, Malick Jabir, Shundu, Kamrani, Mudeyi, Ajebe, Kitambala Albert, Famba, Katumba, Okombo, Simon, Makenzi, Lomani, Saleh.

1990 – 2007: Gatera Alphonse, Mbuyi Jean Marie, Kitenge Debo, Djuma Mossi, Mala Ibrahim, Asmani, Maradona, Indele, Saleh, Omar Saleh, King Barezi, Makenzi Karim, Wembo Sutche, Karorero Blaise, Henry Mbazumutima, Fidel, Erasto Nyoni, Cadeau, Yamin Selemani, Ntibazonkiza Saidi, Jean-Jacques, Ramadhan, Tambwe Floribert

2007 gushika muri 2017: Djafari Jumapili, Nzokira Jeff, Tambwe Amissi, Laudit Mavugo, Shasiri Nahimana, Hussein Shabani Tchabalala, Moussa Mossi, Arakaza Mc Arthur, Moussa Sova, Miami Mbakiye, Nshimirimana David, Iddy Djumapili, Kaze Gilbert, Nzigamasabo Steve,...

Urutonde rw’abakinyi bakinye mu mwaka w’umupira w’2016-2017:

Arakaza Mc Arthur yaciye agugwa mu gihugu c’Ubuganda inyuma y’inkino nkeyi yakinye.
Nahimana Jonathan
Bigirimana Yannick
Rugerinyange Joseph
Nimubona Emery Kadogo
Ndizeye Vovo Selemani
Kiza Fataki
Hakizimana Vianney
Hakizimana Issa
Nshimirimana David
Iddy Djumapili
Barenge Pistis
Nzigamasabo Styve
Muhinde Alimasi
Duhayindavyi Gael
Akimana Trésor
Ndikumana Landry
Ali Shabani
Ndaruhutse Emmanuel
Ngenzi Issa
Ulimwengu Jules
Bigirimana Floribert
Kavumbagu Junior
Mavugo Kennedy
Bimenyimana Bonfils Caleb
Niyonkuru Nassor

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est