Mbega mwoba muzi abakinyi ba Primus League bafise imiduga bagenderamwo ?

Vyanditswe itariki 06.12.2016

 

Mu matohoza burundisport.com yagize yasanze abakinyi bane, bose bo mu mugwi wa Vital’O FC , aribo bonyene bafise imiduga bagenderamwo:

 

 

Mur’ayo matohoza burundisport.com yagize yasanze muri rusangi abakinyi ba Primus League bugarijwe n’ubukene, kuri benshi imodoka ikaba ari indoto batizera gushikako bari mu Burundi. Abo twashoboye kuyaga bavuga ko ivyo biva ahanini ku gahembo gato baronka mu migwi yabo, abandi bakavuga yuko abagwizatunga bashigikira inkino bakiri bake ugereranije no mu bindi bihugu aho abakinyi bakerebutse usanga bafatwa neza cane. Iyo bishitse umukinyi akaronka uburyo bwo kugura imodoka, kenshi yiyumvira kuyikoresha mu rudandazwa kugira imwunganire mu buzima bwa misi yose, bikaba rero biri mu bituma abafise izo bagenderamwo ari bake cane.

Mu gihe Uburundi buri mu migambi yo guteza inkino bikomeye bukaronka n’akaryo ko kuja mu mahiganwa nk’igikombe ca Afrika canke ic’isi yose, imigambi ituma abakinyi baronka ubuzima bwisununuye irakenewe ku mpande zose kuko niyo ntango yo guha icizere abakiri bato no kubaha ifatiro ry’indoto zo gukerebuka mu nkino, bikazotuma impano zigaragara abanonotsi bacu bafise zivamwo ibikombe n’imidari bitera iteka igihugu cacu.

 

Ubwanditsi bw’ikinyamakuru canyu

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 28

Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Est 1-2 Les Jeunes
Musongati FC 2-2 Messager Bja
Vital'O FC 8-0 Delta Star
Olympic Star 1-0 Buja City
Inter Star 0-0 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Messager N.
Flamb. Centre 4-4 Aigle Noir