Primus League: Urutonde rw’abamenyereza dufatiye ku mwimbu wa Nyakanga 2017

Vyanditswe itariki 02.10.2017

 

Mu ntumbero yo gikomeza igikorwa co gutera intege ihiganwa ry’icicaro ca mbere Primus League, tugiye kuza turabashikiriza ibiharuro bitandukanye vyaranze ukwezi kw’inkino. Nk’uko bikorwa no mu mahiganwa akomakomeye, gusesangura umwimbu w’abamenyereza biri mu bikorwa bihambaye bifasha mu kuraba uko imigwi yigenjeje no kuraba aho ihobahoba yokwisununura. Ico gikorwa rero tugiye kuza turagikora tukazoza turisunga ibiharuro bitandukanye bitandukanye twashimye kugarukako twongera tubashikiriza uko abamenyereza bagiye bararutana kuno kwezi.

 

Umumenyereza Miburo wa Les Jeunes Athlétiques niwe aza ubwambere mu bamenyereza b'imigwi yaduze mu cicaro cambere

 

Ibiharuro twisunze mu guharura amanota y’abamenyereza

 

Abategura imigwi bagizwe n’urunani rw’abantu kenshi barenga bane bivanye n’itunganywa ry’umugwi, umwe wese akaba afise uruhara mu gutegura umugwi, bisigura ko umwimbu w’umugwi usanga ubazwa abantu benshi baba barongowe n’umumenyereza mukuru. Mu kuraba ubusumbane bw’abateguye imigwi mu kwezi kwa Nyakanga ari nakwo kwambere kw’ihiganwa ry’2017-2018, twashimye gukoresha uguharura gusanzwe gukorwa n’ishirahamwe FIFA mu gutondeka imigwi nserukirabihugu buri kwezi, tukaba twaciye tubihinyanyurira kw’ihiganwa rya hano iwacu mu gukoresha ibi biharuro bikurikira:

Igiharuro P: giserukira amanota umugwi wagiye uraronka urukino ku rundi, ayo nayo tukaba twayatanze uku : amanota 4 ku rukino umugwi utsinze wafashe urugendo, amanota 3 ku mugwi utsinze wakiniye ku kibuga usanzwe wakirirako inkino (naho woba wakiriwe ku rupapuro rw’urukino), inota 1 umugwi unganije aho wakiniye hose, n’ubusa mu gihe watsinzwe aho wakiniye hose

Igiharuro C canke « coéfficient » : giserukira ico twokwita «uburemere bw’umugwi » ico naco kikaba giharurwa hisunzwe ikibanza R umugwi mwakinye uba urimwo ku rutonde rw’umusi uheruka : C= (26-R) /10. Nk’akarorero, uhuye n’umugwi wabaye uwambere mu musi ukurikira, igiharuro kiza gukoreshwa ni C=2,5 uhuye n’umugwi wabaye uwanyuma naho akaba C=1. Ivyo bisigura ko wigenjeje neza wahuye n'umugwi munini bitanga amanota menshi.Tukaba twobamenyesha ku nkino z'umusi wambere w'ihiganwa, imigwi yose twayihaye igiharuro C=1

Ivyo biharuro bibiri nivyo duca twisunga mu gutanga amanota, kandi igiharuro C kigahinduka uko imigwi ihindura ibibanza inyuma y’umusi w’inkino, bisigura ko mu guharura uko abamenyereza basumbana mu kwezi kwa Gitugutu, amanota y’uko bazokwigenza mu mus iwa 5 w’ihiganwa azoharugwa hisunzwe uko imigwi ihagaze inyuma y’umusi wa 4.

Igiharuro canke « formule» yo gutanga amanota gica kiba PxCx10 ari naco gitanga uru rukurikirane rw’abamenyereza mu kwezi kwa Nyakanga

 

Uko abamenyereza basumbana mu manota mu kwezi kwa Nyakanga

 

1. LLBs4A

Amanota 195

2. Aigle Noir
176

3. Messager Ngozi
144

4. Athletico Olympic
144

5. Olympic Star
123

6. Les Lierres
108

7. Ngozi City
102

8. Buja City
94

9. Les Jeunes
73

10. Musongati
48

11. Flamb. Centre
46

12. Messager Buja
45

13. Flamb. Est
44

14. Vital’O FC
40

15. Inter Star
18

16. Delta Star
14


Uko imigwi isumbana ku rutonde rw’amanota y’inkino mubisanga kuri burundisport.com/primusleague:


Mufise ico mwipfuza guterera canke gushikiriza, tubahaye ikaze hano musi muri "Commentaires"

Igisata c'ibiharuro muri burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya