Primus Ligue: Hazoca uwambaye ku musi wanyuma w’ihiganwa ry’2018-2019

Vyanditswe itariki 26.04.2019

 

Kur’uyu wa 27 Ndamukiza 2019, niho ihiganwa rya Primus Ligue 2018-2019 rizosozerwa, hakaba hategekanijwe inkino indwi zizobera isaha imwe, inkino zizoba zishushe cane kuko hari vyinshi bitaradadanuka. Tubirabire hamwe.

 

Umugwi wa Messager Bujumbura wamaze gukoroka mu cicaro cambere hamwe na Athletico Olympic yagize ihiganwa rigoye cane uyu mwaka

 

Imigwi 6 izokora ibishoboka vyose ngo ntirangize mu bibanza vy’iyikoroka mu cicaro ca kabiri

 

Mu gihe umugwi wa Aigle Noir wamaze gutahukana igikombe, Messager Bujumbura nawo ukaba waramaze gukoroka mu cicaro ca kabiri, nta kiradadanuka ku bibanza bisigaye. Imigwi ya Vital’O FC na Musongati FC iracarwanira ikibanza ca kabiri, Flambeau du Centre, Olympic Star, Athletico Olympic, LLBS4A, Kayanza United na Flambeau de l’Est nayo ikaba yiteguriye gukora ibishoboka vyose ngo ntizorwe mur’ibiri iherekeza Messager Buja mu cicaro ca kabiri. Imigwi isigaye yaramaze kuronka uburenganzira bwo kuzoguma mu cicaro cambere, ikaba isigaye iharanira gurangiza mu kibanza ciza.

Tubanze tubibutse uko imigwi isumbana amanota inyuma y’inkino 29 n’urutonde rw’inkino z’umusi wa 30 ari nawo wanyuma:




 

Ibikenewe kuri buri mugwi kugira ugume mu cicaro cambere:

 

Inkino zagiye zirahuza imigwi ishobora kunganya amanota mu rugamba rwo kuguma mu cicaro cambere:

Flamb. Centre 3-0 Olympic Star kuwa 04/09/2018
Olympic Star 2-1 Flamb. Centre kuwa 04/02/2019

Athletico 1-1 Flamb. Centre kuwa 15/09/2018
Flamb. Centre 0-1 Athletico kuwa 01/12/2018

Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd kuwa 03/11/2018
Kayanza Utd 1-1 Flamb. Centre kuwa 13/04/2019

Olympic Star 3-1 Athletico kuwa 03/11/2018
Athletico 3-0 Olympic Star kuwa 16/02/2019

Olympic Star 0-0 Kayanza Utd kuwa 30/09/2018
Kayanza Utd 2-2 Olympic Star kuwa 23/12/2018

LLBS4A 1-1 Athletico kuwa 09/09/2018
Athletico 1-0 LLBS4A kuwa 20/02/2019

Athletico 2-0 Kayanza Utd kuwa 24/11/2018
Kayanza Utd 3-2 Athletico kuwa 27/02/2019

Athletico 0-1 Flamb. Est kuwa 12/10/2018
Flamb. Est 2-1 Athletico kuwa 09/03/2019

LLBS4A 0-0 Kayanza Utd kuwa 22/08/2018
Kayanza Utd 0-2 LLBS4A kuwa 31/03/2019

Flamb. Est 0-2 LLBS4A kuwa 30/09/2018
LLBS4A 2-0 Flamb. Est kuwa 15/12/2018

Bivanye n’amategeko y’ihiganwa rya Primus Ligue avuga y’uko iyo imigwi inganya amanota haca habanza kurabwa uko yatsindanye (hatarimwo ivy’igitsindo co hanze “but à l’extérieur”) imbere yo kuraba ibitsindo ifise, ibi nivyo bisabwa ku migwi 6 iharanira kuguma mu cicaro cambere:

Flambeau du Centre na Olympic Star

Umugwi wa Flambeau du Centre uri mu kibanza ca 10 ukaba unganya na Olympic Star amanota 34. Flambeau du Centre niwo uza imbere mu nkino zibiri zahuje iyo migwi, ivyo bituma iyo migwi irangije inganya amanota Flambeau du Centre ariwo uzoza imbere naho Olympic Star woba ufise ibitsindo vyinshi.

Kugira iyi migwi igume mu cicaro cambere, isabwa inota rimwe gusa. Bishitse igatsindwa naho, bizoca bivana n’ivyavuye mu nkino za Athletico, LLBS4A na Kayanza United, hongere harabwe inkino zagiye zirahuza iyo migwi.

Athletico Olympic na LLBS4A

Iyi migwi irangije ihiganwa ry’2018-2019 iri mu mazi ashushe mu gihe mu myaka y’inyuma yari mu migwi ikomeye cane mw’ihiganwa. LLBS4A warangije ihiganwa ry’2016-2017 mu kibanza cambere urusha Athletico wa kabiri amanota 8, uca urangiza iry’2018-2019 uri mu kibanza ca kabiri usumbwa inota rimwe gusa na Messager Ngozi.

Kugira abakunzi b’iyi migwi bazobandanye bayirorerera mu cicaro cambere mu 2019-2020, isabwa gutsinda ku musi w’ejo. Ironse ayo manota 3, uko vyongenda kwose ku yindi migwi iriko irahiganira ibi bibanza, LLBS4A na Athletico Olympic izoguma mu bibanza vy’icicaro cambere.

Ishobora kandi kuguma mu cicaro cambere mugihe yotsindwa, bigaca bihurirana n’uko Flambeau de l’Est na Kayanza United yatsinzwe yose, canke iyo migwi yose uko ar’ine ikanganya mu nkino z’ejo. Bishitse ikarangiza inganya amanota na Kayanza United canke na Flambeau de l’Est, hazoca harabwa izo nkino zagiye zirayihuza.

Kayanza United na Flambeau de l’Est

Inkino z’umusi wa 30 zizotangura iyi migwi isanzwe iri mu bibanza vy’iyikoroka mu cicaro ca kabiri. Kugira yihe icizere co kurangiza iminota 90 ironse itike ryo kuguma mu cicaro cambere, itegerezwa gutsinda ku musi w’ejo, bigaca bihurirana n’uko iyi migwi yindi yavyifashemwo nabi ku buryo ica iyisumvya amanota canke ikanganya maze hakarabwa inkino zayihuje.

Izi nkino zitezwe cane ku musi w’ejo hamwe n’uko imigwi izogenda irarushanya amanota muzobikurikirana ikibiriraho ku rubuga rwacu rwa Facebook hamwe no ku nsamirizi y’Uburundi umurongo wa kabiri (92.9Mhz, 98.9Mhz na www.rtnb.bi) mu runani rudasanzwe twabateguriye rwo gusozera ihiganwa ry’2018-2019.

Diègue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 5

Flamb. Centre 1-0 Athletico Ac.
Olympic S. 2-0 Ngozi City
Messager N. 6-0 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Buja City
Aigle Noir 3-1 BS Dynamic
Musongati FC 0-0 Inter Stars
LLBS4A 0-3 Vital'O FC
Rukinzo FC 1-1 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 6

Les Lierres 0-3 Bumamuru FC
Athletico Ac. 3-2 Kayanza Utd
Messager N. 2-1 Vital'O FC
Inter Star 1-0 Aigle Noir
Rukinzo FC 0-3 Flamb. Centre
BS Dynamic 0-0 Olympic S.
Buja City 2-3 Musongati FC
Ngozi City 0-1 LLBS4A