CAF Confederation Cup: Umugwi wa Olympic Star watanguye imyimenyerezo mu gisagara ca Bujumbura

Vyanditswe itariki 05.02.2018

 

Kuwa 10 Ruhuhuma 2018 kuri Stade Prince Louis Rwagasore (15:00), umugwi wa Olympic Star uzokwakira Etoile Filante wo muri Burkina Faso mu rukino rwambere rwo gukuranamwo muri CAF Confederations Cup. Abagenduzi ba CAF bari bishikiye ku kibuga Umuco c’i Muyinga mu kwezi guheze bamenyesheje ko Olympic Star uzokwakirira kuri Stade Prince Louis mu kurindira ingingo ziva mu cegeranyo, ivyo bikaba vyatumye abagize uwo mugwi baca baza gutangura imyiteguro I Bujumbura. Abakinyi 25 nibo bari mu myiteguro bakaba bayigirira kuri Centre Technique National aho baba, no kuri Stade Prince Louis Rwagasore aho bazokinira.

 

Umumenyereza w'Intamba Alain Olivier Niyungeko yishikiye ku kibuga guha impanuro abakinyi ba Olympic Star

 

Abakinyi 25 bagize umugwi wa Olympic Star uri mu mwiherero:

 

1. Watulasubi Lucien
2. Juma Haruna
3. Wilondja Ibrahim

4. Mudasir Iddy
5. Muhuza Patient
6. Mwenebantu John Azor
7. Mbazumutima Baba
8. Barisize Nassor
9. Kamango Tally Tablir
10. Hakizimana Arnaud
11. Lomeya Magloire
12. Pascal Ramadhani
13. Slim Saidi
14. Sibomana Abdoul
15. Kabura Christian
16. Junior Hassan
17. Juma SImpo
18. Bizimungu Issa
19. Girukwishaka Fabrice
20. Ndinda Alain Jupin
21. Nijimbere Pegal
22. Kashindi Paul
23. Bizimana Joe
24. Ingabire Cristy
25. Gamal Juma

Nk’uko twavyiboneye mu mwimenyerezo bakoreye kuri Stade Prince Louis Rwagasore, umumenyereza mukuru w’Intamba Alain Olivier Niyungeko, abamenyereza babiri bo muri Vital’O FC aribo Amidou Hassan (asanzwe amenyereza abanyegori no mu Ntamba) hamwe na Coach Jumaine, bari bahishikiye gufashanya na Hussein Wello asanzwe amenyereza Olympic Star mu gutegura imikenyuro no gutanga impanuro zitandukanye ku bakinyi.

Twobamenyesha kandi ko no mu myiteguro ya LLBS4A, umugwi wamaze kuja mu mwiherero kuri Centre Technique National nyene gutegura urukino rwa CAF Champions League ruzobahuza na Rayon Sport, umumenyereza Alain Olivier Niyungeko yabonetse mu gikorwa co gutanga impanuro ku bakinyi no gufashanya n’abamenyereza b’umugwi.

Tuzobandanya tubashikiriza ibijanye n’imyiteguro y’iyo migwi izoserukira igihugu mu nkino za CAF

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est