Football: Uko Olympic Star na LLBS4A yavyifashemwo mu nkino zo gukuranamwo mu mahiganwa ya CAF

Vyanditswe itariki 10.02.2018

 

Kur’uyu wa gatandatu 10 Ruhuhuma, imigwi ibiri iserukira Uburundi mu mahiganwa ya CAF yar’iramutse itangura inkino zo gukuranamwo. Muri Confederation Cup, umugwi wa Olympic Star wakiriye Etoile Filante wo muri Burkina Faso i Bujumbura kuri Stade Prince Louis Rwagasore, muri Champions League naho, umugwi wa LLBS4A wari mu gisagara ca Kigali mu Rwanda gutana mu mitwe na Rayon Sport. Turabire hamwe ivyavuye mur’izo nkino.

 

Kizigenza Baba na bagenziwe ba Olympic Star ntibashoboye berekanye urukino rwiza ariko barangiza bataronse igitsindo

 

I Bujumbura, Olympic Star werekanye urukino rwiza ariko wiboma ku ruhome rwa Etoile Filante

 

Nk’uko umumenyereza wa Etoile Filante yari yabimenyesheje ku musi w’ejo igihe umugwi ushika, bari baje bipfuza kugerageza kudatsindirwa i Bujumbura, ivyo bikaba vyabonetse kuva urukino rugitangura kuko basa n’abaguma barindiriye abakinyi ba Olympic Star maze bakaza barasatira kuri “contre-attaques” gusa. Abasatirizi ba Olympic Star nka Slim Saidi, umwe mu bari bitezwe cane, ntibashoboye guca mu ryahumye abakinyi b’inyuma ba Etoile Filante bafashijwe n’igihagararo cabo gikomeye no kuzibira begeranye mu gukingira izamu ryabo.

Naho muri rusangi Olympic Star ariwo wasatiriye cane, abasatirizi ba Etoile Filante bashoboye kwegera izamu rya Lucien Watulasubi mu ma “contre-attaques” anyaruka bagize bakuye imipira inyuma, ariko ahabera magabo mu gukuramwo imipira ishushe yose bateye, afashijwemwo cane na Mwenebantu John yakinye neza cane inyuma ku ruhande rwa Olympic Star.

Inyuma y’urwo rukino rwarangiye 0-0, Hussein Nahimana Wello yagize ati “Twari twiteze yuko baza gukina bazibira ariko hariho imikenyuro imwimwe itangeze nk’uko twari twayiteguye. Ivyo biva ahanini ku burambe buto bw’abakinyi bacu mu mahiganwa nk’aya, ariko naho bir’uko berekanye ko bafise ubushobozi bwo kwerekana urukino rwiza, no kuba duhejeje urukino ata gitsindo twinjijwe biduha icizere gikomeye co kuja kurondera umwimbu urushirije muri Burkina Faso. Ko abakinyi ba Etoile Filante bakinye bazibira uno musi, bisigura ko bazosatira mu rukino rwo gusubiriza, ivyo navyo bizotuma turonka imyanya myinshi yo gushika mw’igori kuko tugiye kubandanya imyiteguro yo kubishikako.” Abakinyi ba Olympic Star bagiye kubandaniriza imyiteguro kuri Centre Technique National i Bujumbura gushika bafashe urugendo rwo gukina urukino rwo gusubiriza rutegekanijwe kuwa 21 Ruhuhuma 2018. Umugwi uzorengana uzoca utana mu mitwe na Al Hilal wo muri Sudani.

 

I Kigali, umumenyereza “Mayele” n’umugwi wiwe batangaje Rayon Sports

 

Imbere yo gufata urugendo agana igisagara ca Kigali, Emmanuel Bankuwiha batazira “Mayele” umumenyereza wa LLBS4A yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Nararavye urukino rwahuje Rayon Sport na APR (muri Heros Cup, itsinzi ya APR 2-1, NDLR) kandi nasanze urugero rw’umupira wo mu Rwanda ruri hasi cane. Nta nkeka dufise ko tuzoronka intsinzi mu Rwanda maze dusozere akazi i Bujumbura mu gusezerera Rayon Sports”. Ayo majambo yaragarutsweko cane mu binyamakuru vyo mu Rwanda, aho hafi nka vyose vyavuga ko “Mayele” ariko ararota, ata mugwi afise woshobora guhangana na Rayon Sports, umugwi ukinisha n’abarundi bitumwako mu mugwi nserukiragihugu nka Pierre Kwizera, Shassir Nahimana canke Hussein Shabani.

Inyuma y’urwo rukino rw’amajambo, urukino nyezina rwagiye gutangura igihe c’isaha icenda n’igice rukaba rwari rwitabwe n’abarorerezi isinzi harimwo abarundi batari bake barimwo n’abamenyeshamakuru bahishikiye gukurikiranira urwo rukino hafi. Abakunzi ba Rayon Sports bari biteze ibitsindo vyinshi vy’umugwi wabo kuva mu minota yambere batangajwe n’imikenyuro ya LLBS4A. Uwo mugwi usanzwe ufise abakinyi batari bake bamenyereye amahiganwa mpuzamakungu nka Issa “Divic”, Rashid Léon, Iddy Saidi “Ballack”, Hafidh Moussa n’abandi washoboye kubatangaza mu kurangiza igice cambere ata gitsindo winjijwe (0-0) naho abasatirizi ba Rayon Sports bari bagerageje kwegera izamu rya Fabien Mutombora akatari gake. Mu gice ca kabiri, LLBS4A wabandanije werekana wo waje wazikenyeye mbere urashobora no kuronka amahirwe yahavuye avamwo igitsindo cambere c’urukino cinjijwe n’umusore Jamal Basunza hasigaye iminota 15 ngo urukino rurangire. Ico gitsindo caje nk’inkuba ku bakunzi ba Rayon Sports ariko nticaca intege abakinyi bawo kuko baciye basatira bikomeye bararonka nabo igitsindo cinjijwe n’umurundi Hussein Shabani “Chabalala” inyuma y’iminota 7, urukino ruca rurangira imigwi inganije 1-1.

Twobamenyesha ko umugwi wa LLBS4A wakinye urwo rukino udafise umunyegori wa kabiri bivanye n’uko umwambaro yari yagiye afise utari ufise igiharuro gihwanye n’ico uwo mugwi wandikishije muri CAF, ivyo bikaba vyatumye atemererwa kuja kuri “feuille de match”. Amakuru yo kwizera atumenyesha yuko n’umugwi wa Olympic Star wahatswe kugira ikibazo nk’ico nyene, ariko bakaba bari babibonye hakiri kare imyambaro itari ifise ibiharuro bihuye n’ivyanditse irakosorwa. Tubibutse ko urukino rwo gusubiriza rwa LLBS4A – Rayon Sports narwo nyene rutegekanijwe kuwa 21 Ruhuhuma 2018 rukazokinirwa i Bujumbura. Umugwi uzorengana uzoca uhura na Mamelody Sundowns wo muri Africa y’epfo, umugwi watahukanye CAF Champions League mu mwaka w’2016.

Diègue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est