FFB: Abarongozi bashasha b'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu kiringo 2017-2021 baraye bamenyekanye

Vyanditswe itariki 10.10.2017

 

Kw'igenekerezo ry'8/10/2017 kuri Hôtel Tropitel i Gitega niho hatunganywa amatora y'indongozi nshasha z'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB. Abaserukiye amashirahamwe n’imigwi 50 bafise uburenganzira bwo gutora bose bari bahishikiye abo nabo akaba ar’abarongoye amashirahamwe 18 y’umupira w’amaguru mu ntara, abarongoye imigwi 16 yo mu cicaro cambere na 14 yo mu cicaro ca kabiri, uwurongoye ishirahamwe ry'abahagarikizi hamwe n'uwurongoye ishirahamwe ry’abamenyereza. Ico gikorwa cari citabwe kandi n’abaserukiye CNO, ubushikiranganji buraba inkino, ishirahamwe CAF eka mbere n’abandi batumire b’iteka batari bake bari batumiwe kurorera ayo matora. Tugaruke ku vyaranze n'ivyavuye mu matora

 

Hon. Réverien Ndikuriyo niwe yatowe ngo abandanye arongoye FFB gushika mu 2021, akaba yamenyesheje ko ariho azogarukiriza

 

Uko amatora yagenze

 

Muri rusangi, amatora yabaye mu mutekano nta ngere, mbere n’amashirahamwe FIFA na CAF yari yatumiwe kurungika abarorerezi akaba yarungitse Madame Lydia Nsekera yigeze gutwara FFB akaba asigaye afise amabanga atandukanye muri FIFA na CAF. Abitavye amatora nka bose bashitse mu gisagara ca Gitega kuwa gatandatu, benshi muribo bakaba mbere bari bashitse kurorera urukino rukomeye rwa Aigle Noir – LLBS4A (4-0).


Igihe c’isaha imwe y’ijoro kuri Hotel Helena, uwari arangije ikiringo c’imyaka ine atwara FFB ariwe Hon. Réverien Ndikuriyo yarakoranije umugwi wahora umufasha kurongora, abitoza, abazotora n’abamenyeshamakuru, agaruka ku migambi yaranguwe yongera ashimira abo bakoranye. Bivanye n’uko yariko yitoza ku kiringo ca 2017-2021, yaciye ashikiriza imigambi nyamukuru afise mu myaka ine ir’imbere ifatiye ahanini ku guteza umupira w’amaguru hisunzwe guteza imbere uw’abana bakiri bato, bakarerwa bakurikiranirwa hafi kuva bakiri bato, mu gutegura umugwi nserukiragihugu ukomeye ushobora kuzokwitaba igikombe c’isi c’2026 kizojamwo ibihugu 9 canke 10 vyo muri Afrika, ivyo bikaba biri mu mugambi yise « Vision 20-26 ». Yarongeye amenyesha ko mu migambi ya vuba harimwo gutunganya ivyigwa vyo ku rwego rwo hejuru ku bamenyereza b’imigwi nserukira gihugu, mbere iyo migwi ikazokurikiranwa cane n’igisata gishasha kizoba kigizwe n’abayitaho ku musi ku musi (Managers). Mu kurangiza, yasavye ko abagiye gutorwa n’abahahora canke abazoba batsinzwe bokorana bose mu guteza imbere umupira w ‘amaguru, aca anamenyesha ko atazosubira kwitoza mu 2021( amategeko ya FFB yabimwemerera). Inyuma ya Hon. Réverien Ndikuriyo, OPC1 Alexandre Muyenge « Manalex » nawe nyene yitoza mu bipfuza kurongora ishirahamwe yaraciye ku mayange imigambi yiwe igizwe ahanini no guteza imbere umupira w’amaguru biciye mu kuwushikana no kuwamamaza mu turere twose tw’igihugu.

Amatora nyezina yatanguye bukeye kuw’Imana 08 Gitugutu igihe c’isaha zine kuri Hotel Tropitel i Gitega, akaba yamaze amasaha atandatu. Imbere y’uko atangura bwite, umugwi ujejwe amatora wabanje gusoma amakete ya Alexandre Muyenge na Hon. Gloriose Ndayizeye amenyesha ko basokoye muvyo kwitoza bica bituma ikibanza c’umuyobozi mukuru n’ic’uwurongoye igisata c’umupira w’abigeme vyitozwamwo umuntu umwumwe. Ivyavuye mu matora n’ibi bikurikira muri buri kibanza :

Umurongozi mukuru w’ishirahamwe FFB:

Hon. Ndikuriyo Reveriano yitoje wenyene inyuma yaho « Manalex » asokoreye, aca astinda ku majwi 48/50

Icegera ca mbere

Habimana Aimable batazira Marandura niwe agiye kubandanya mur’ico kibanza nyene yahoramwo kuva mu 2013, inyuma yo kurusha Ryivuze Apollinaire hamwe na Nzisabira Hussein bahiganwa.

Mu gice cambere c’amatora (1er tour), Appollinaire Ryivuze batazira Bayano yari yaronse amajwi 21, Aimable Habimana aronka 14 anganije na Nzisabira Hussein. Umugwi utunganya amatora waciye ufata ingingo yo guhuza Habimana na Nzisabira mu matora yo gukuramwo umwe aza kuja muri “2è tour” na Ryivuze. Ubwo burenganzira bwaciye buronka Habimana ku majwi 27/50. Haciye rero haba igice ca kabiri nyezina c’amatora hagati ya Ryivuze na Habimana, gica gitahukanwa na Habimana Aimable “Marandura” ku majwi 28/50, Ryivuze nawe aronka ayasigaye 22/50

Icegera ca kabiri

Samugabo Moustapfa niwe yagumye muri ico kibanza inyuma yo kuronka intsinzi y’amajwi 28/50 arushije Nimubona Arcade (17/50) yahora arongoye igisata c’amategeko hamwe na Rwabayinkovu Émile (6/50) yari arongoye igisata c’umupira w’abakiri bato.

Igisata kijejwe ivy’amategeko ( Commission juridique et Statut du joueur)

Manirakiza Marc yitoza wenyene akaba yatowe ku majwi 45/50.

Igisata kijejwe iterambere ry'umupira w'abakenyezi

OPC2 Kabura Eugénie yitoje wenyene inyuma yaho Hon. Gloriose Ndayizeye asokoreye aca yizerwa kubandanya arongoye ico gisata ku majwi 49/50

Igisata kijejwe gutegura inkino (Commission Compétitions)

Yussuf Mossi yitoje wenyene akaba yatowe kubandanya arongoye ico gisata ku majwi 42/50.

Igisata c'imigenderanire yo mu Burundi no mumakungu (Relations publiques et internationales)
Mur’ico kibanza hitoje umuntu gusa nawe akaba ar’umumyeshamakuru wa RTNB hamwe na BBC, Ramadhan Kibuga yatowe ku majwi 45/50.

Igisata kijejwe ubutunzi

Umushingamateka Denis Karera niwe agiye kuramutswa ico kibanza inyuma yo kwitoza wenyene akaronka amajwi 32/50.

Igisata kijejwe guteza imbere umupira w’abakiri bato (Football des Jeunes)

Rwabayinkovu Emile niwe yahora akirongoye, ubu kiramutswa Ndayizeye Sylvestre yatowe ku majwi 45/50 akaba yari yitoje wenyene mur’ico kibanza.

Igisata c'umupira wo ku musenyi hamwe n'uwo muri “salle” (Beach Soccer - FootSalle)

Ico gisata ni gishasha, amahirwe akaba yaguye kuri Djuma Musoma asanzwe ari mu batanguje inkino za beach soccer mu Burundi. Yatsinze Nkejimana Aboubakar barinze kuja mu gice ca kabiri c’amatora (2è tour) ku majwi 25/50 nawe yaronse 22/50. Mu gice cambere, Musoma yari yaronse 24/50, Nkejimana nawe aronka 23/50.

Abandi bane batowe

Nk’uko bitegekanywa n’amategeko ya FFB, inyuma yo gutorwa, umuyobozi wa FFB yaciye ashikiriza amazina ane umugwi w’amatora. Ayo mazina nayo na “dossiers” bijana, n’ivy’abaja mu bibanza vy’uwurongoye igisata c’amagara, ic’umutekano, ic’ubuhinga n’ic’abahagarikizi, bakaba bategerezwa kwemezwa canke guhakanwa n’inama ya bose. Amazina ane yose yatanzwe yaremejwe, abagiye kuja mur’ivyo bibanza akaba ari:

- Dr Maronko Boniface azobandanya arongoye igisata c’ubuvuzi
- OPC1 Alexandre Muyenge azobandanya arongoye igisata c’umutekano na Fair Play
- Jean Claude Niyongabo azobandanya n’igisata c’abahagarikizi
- Gishikizo Jean Pierre agiye kurongora igisata c’ubuhinga cahoramwo Djuma Musoma

Mwomenyako inyuma y'abo 14 baciye mu matora, hari abandi bamaze kugenwa n’umuyobozi w’ishirahamwe. Abo nabo ni Manirakiza Jérémie, amaze imyaka 8 akora nk'umunyamabanga mukuru, akaba agiye gukorana n'icegera naho uwuzoja mur’ico kibanza atarashirwa ku mugaragaro n'umurongozi mukuru wa FFB, hamwe n’abagize ibiro bijejwe ubuhinga bazobandanya uko bari n’ukuvuga Mupenda Mohsin umuyobozi w’ubuhinga (Directeur Technique National), icegera ciwe Kanega Alphonse na Daniella Niyibimenya atwara igisata c’ubuhinga mu mupira w’abakenyezi.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya