CAN 2019 : Uburundi buzoherekeza ibindi bihugu 4 vyo mu karere muri Egypt

Vyanditswe itariki 25.03.2019

 

Nk’uko mwabikurikiranye umunota ku wundi ku rubuga rwacu rwa Facebook, Uburundi bwararonse itike ryabwo ryambere ryo kwitaba igikombe ca CAN kur’uyu wa gatandatu 23 Ntwarante, bunganije na Gabon 1-1 mu rukino rwanyuma rw’itsinda C. Igikombe ca CAN c’uyu mwaka kizoba ari ica mbere citabwe n’ibihugu 24, Uburundi bukaba buzoherekeza ibindi bihugu 4 vyo mu karere, hamwe n’ibindi bihugu 2 bironse amatike yavyo yambere

 

Inyuma y'urukino, Gael Bigirimana yaciye arongora bagenziwe mu gisabisho co gushima

 

Igitsindo ciza cane ca Cédrick Amissi canditse urupapuro rushasha mu mupira w’amaguru mu Burundi

 

Imbere y’urukino rwo kur’uyu wa gatandatu, Uburundi bwari mu kibanza ca 2 n’amanota 9, inyuma ya Mali wari wamaze kuronka itike n’amanota 11, bugaca busumvya Gabon amanota 2. Vyasaba ko Uburundi bunganya canke bugatsinda Gabon kugira buronke itike ryo kwitaba CAN 2019. Igice cambere carangiye ata gitsindo kiraboneka (0-0) ariko Intamba zikaba zari zamaze kwerekana ko zaje zikeneye intsinzi, umupira ukomeye cane w’umutwe wa Fiston Adbul Razzak wasamwe n’umunyegori Ovono ukaba waravyerekanye.

Mu gice ca kabiri, Abarundi barabandanije gusatira, Saido Berahino aratera uwundi mupira mwiza cane n’umutwe, Pierre Kwizera nawe atera uwundi n’ukuguru ariko Ovono araguruka ayisama yose. Ku munota wa 75 niho igitangaza cakoreka, ku mupira mwiza cane yar’ahawe na Fiston Abdul Razzak, asozera igikorwa giteye igomwe co kuduza umupira bahanahana uvuye inyuma, Cédrick Amissi yaciye awurasa atawuhagaritse, uca musi y’ukuguru kwa Ovono urinjira, igihugu cose kija mu munezero udasanzwe. Abanye Gabon ntibaciye bacika intege kuko baciye basatira bikomeye igori rya Jonathan Nahimana mu minota isigaye, gushika naho Ngando Omar yiyinjiza ku munota wa 82, yariko agerageza gusohora umupira ushushe utewe uvuye i buryo, ibitsindo biba bibaye 1-1.

Umumenyereza Olivier Niyungeko yaciye asohora Cedrick Amissi ashiramwo umukinyi w’inyuma Moussa Omar kugira akomeze gukingira iryo nota rimwe. Ubwoba bwagiye kwuzura abakunzi b’Intamba ku musegonda wanyuma w’urukino aho Pierre Emerick Aubameyang yar’aronse « coup franc », ariko aca ayitera nabi cane Jonathan ayisama bitamugoye, umuhagarikizi Gehad Gerisha w’umunya Egypt aca avuza ifirimbi irungika Uburundi mu gihugu ciwe gukina CAN.

 

Ibihugu 5 vyo mu karere bizoba biri mu matsinda ya CAN 2019 azomenyekana kuwa 12 Ndamukiza

 

Hambavu y’Uburundi, ibihugu 4 vyo mu karere arivyo Kenya, Uganda, Tanzania na RDC navyo nyene vyararonse amatike yo kwitaba CAN 2019. Imigwi ya Kenya na Uganda yari yaronse amatike inyuma y’umusi wa 5 wo mu matsinda, ariko RDC na Tanzania yagiye kuyaronka kur’uyu w’Imana. RDC watsinze umugwi mwiza cane wa Liberia 1-0 i Kinshasa, Tanzania nawo wirahira Uganda 3-0 i Dar-Es-Salam. Twobamenyesha kandi ko hambavu y’Uburundi nyene, ibindi bihugu bibiri vyaronse amatike yavyo yambere ya CAN, akaba ari Mauritanie na Madagascar.

Ijinjora ry’uko imigwi izohura mu matsinda ritegekanijwe kuwa 12 Ndamukiza 2019 muri Egypt, imigwi ikaba yagabuwe mu mice 4 izofasha gutora amatsinda 6 :

Umuce 1 : Egypt, Ghana, Tunisie, Côte d’Ivoire, Cameroun, Sénégal
Umuce 2 : Maroc, Nigeria, RD Congo, Algérie, Mali, Guinée
Umuce 3 : Uganda, Africa y’Epfo, Guinée Bissau, Zimbabwe, Angola, Burundi
Umuce 4 : Mauritanie, Namibie, Bénin, Kenya, Madagascar, Tanzanie

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 28

Messager Bja 1-3 Les Lierres
Messager N. 0-0 Aigle Noir
Olympic S. 0-0 Flamb. Est
Buja City 1-1 Musongati FC
Athletico Ol. 1-1 Bumamuru FC
Kayanza Utd 0-2 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Flamb. Centre
Vital'O FC 0-1 Rukinzo FC

Primus Ligue, umusi wa 29

Messager Bja 2-4 Olympic S.
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est
Rukinzo FC 0-1 LLBS4A
Buja City 0-3 Athletico Ol.
Kayanza Utd 1-1 Flamb. Centre
Aigle Noir 2-1 Musongati FC
Messager N. 3-0 Ngozi City
Bumamuru FC 1-0 Les Lierres