Primus League : Slim Saidi niwe yaraye atowe nk’umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi muri Nyakanga

Vyanditswe itariki 12.10.2017

 

Inyuma y’amatora yakozwe n’abamenyeshamakuru bagera kuri 30 akaba yashize ahabona abakinyi Slim Saidi, Shaka Bienvenue na Jules Ulimwengu nka batatu barushije abandi amajwi mu gutorwa nk’abigenjeje neza muri Nyakanga, twaciye tubashikiriza abo bakinyi ngo namwe abarorerezi b’umupira mwitorere uwukwiye agashimwe, ico gikorwa cari kimaze imisi gikorerwa ku rubuga rwacu rwa Facebook kikaba caraye kirangiye. Tubashikirize ibiharuro vyavuye mu matora mwakoze vyashize imbere umusatirizi Slim Saidi wa Olympic Star nk’umukinyi yigenjeje neza mu kwezi kwa Nyakanga muri Primus League.

 

Umusatirizi Slim Saidi ntiyorohereje na gato abakinyi b'inyuma ba Primus League mu kwezi kwa Nyakanga

 

Ibiharuro vyavuye mu matora

 

Imbere yo kubamenyesha ibiharuro vyavuye mu matora y’abakunzi kuri Facebook, tubanze tubibutse ko mu matora yakozwe n’abamenyeshamakuru, Slim Saidi ariwe yaje mu kibanza cambere atowe n’abamenyeshamakuru 28/30 (93%), uwa kabiri aba Shaka Bienvenue yatowe na 14/30 (47%), uwa gatatu nawe akaba ayabaye Jules Ulimwengu yatowe na 7/30 (23%). Bivanye n’uko amajwi y’abamenyeshamakuru n’ayab’arorerezi tuyaharura ku bice 50 % 50%, Slim Saidi yasa n’uwugiye mu matora y’abarorerezi yamaze kwenurira bagenziwe, turabire hamwe amajwi yaciye aronka mu barorerezi.
Amatora yitabwe n’abantu bagera ku 2161 batoreye aho twari twaberetse hakaba harimwo abashika ku 96 batoye ukutariko nko amajwi yabo aca aba imfagusa. Amajwi duharurirako rero ashika ku 2065. Mur’ayo majwi :
Slim Saidi niwe yarushije bagenziwe mu kuronka 928 n’ukuvuga ibice 45%,
Jules Ulimwengu aza ubwa kabiri n’amajwi 691 (33%)
Shaka Bienvenue aza ubwa gatatu n’amajwi 446 (22%)
Dushize ayo majwi y’abarorerezi n’ay’abamenyeshamakuru ku bice 50% 50%, Slim Saidi niwe aguma imbere, bisigura ko yatowe n’abamenyeshamakuru n’abarorerezi nk’umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu kwezi kwa Nyakanga muri Primus League. Uko ari batatu bakurikirana uku gukurikira mu majwi ateranije :

1. Slim Saidi (Olympic Star)

69%

2. Shaka Bienvenue (Aigle Noir)
34,5%

3. Jules Ulimwengu (LLBs4A)
28%


Inkinyamakuru burundisport.com kirakeje Slim Saidi yatowe n’abamenyeshamakuru hamwe n’abarorerezi nk’umukinyi akwiye agashimwe kacu k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Nyakanga 2017, akaba mbere yaronse amanota Atari bwigere aronka umukinyi n’umwe kuva dutanguye gutanga ako gashimwe. Tuboneyeho n’akaryo ko gusubira gushimira abamenyeshamakru badufashije ico gikorwa n’abarorerezi mwese mubandanya kudukurikirana. Ako gashimwe tuzokamushikiriza mur’iyi misi ikurikira, tukazobamenyesha uko kazotangwa.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi w'7

Les Jeunes 0-2 Aigle Noir
LLBS4A 2-1 Athletico Ol.
Flamb. Centre 0-1 Buja City
Messager N. 3-0 Delta Star
Ngozi City 0-1 Musongati
Olympic S. 1-0 Les Lierres
Messager Bja 0-1 Vital'O FC
Flamb. Est 1-0 Inter Star

 

Primus League, umusi w'8

Kuwa 21/10
Vital'O FC 15:00 (Ivyizigiro) Ngozi City
Les Jeunes At. 16:00 (PLR) Athletico Ol.
Olympic S. 15:00 (Umuco) LLBS4A
Kuwa 22/10
Buja City 14:00 (PLR) Delta Star
Inter Star 16:00 (PLR) Messager N.
Musongati FC 15:00 (Gitega) Flamb. Est