Primus Ligue: Amazina y’abakinyi barushije abandi mu kwezi kwa Munyonyo 2019 yamenyekanye

Vyanditswe itariki 05.12.2019

 

Nk’uko twabibamenyesheje, agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi muri Primus Ligue kazobandanya uko ukwezi kwabayemwo iryo higanwa gutashe. Umugwi w’abamenyeshamakuru 10 bakurikiranye cane ihiganwa waratoye abakinyi bavyifashemwo neza kurusha abandi, turabire hamwe uko abakinyi bagiye barakurikirana mu manota.

 

Yusuf Ndayishimiye (Aigle Noir), Iddy Museremu (Messager Ngozi) na Issa Hakizimana (Musongati FC) nibo bazotorwamwo umukinyi yaranze Munyonyo 2019 muri Primus Ligue

 

Uko abakinyi 14 bagomwe basumbasumbana mu manota y’abamenyeshamakuru

 

1. Ndayishimiye Yusuf “Nyange” (Aigle Noir)

Amanota 37

2. Iddy Museremu (Messager Ngozi)
18

3. Issa Hakizimana (Musongati FC)
9

4. Elyphaz Ndayisenga (Kayanza United)
8

5. Landry Ndikumana (Kayanza United)
3

Eric Kwizera (Olympic Star)
3

Temba Radjabu (Messager Ngozi)
3

Ndayishimiye Abdul (Athletico Olympic)
3

9. Rukundo Onésime (Messager Ngozi)
1

Gakiza Aimé (Flambeau du Centre)
1

Ndizeye Eric (Musongati FC)
1

Raoul Vyamungu (Bumamuru FC)
1

Massudi Narcisse (Aigle Noir)
1

Ndikumana Danny (Athletico Olympic)
1

 

Umugwi w’abamenyeshamakuru 10 batoye uku kwezi ugizwe na:

 

1. Niyubahwe Élysée(Umuco FM)
2. Amidou Hassan (Buja FM)
3. Mahoro Nadège (RTNB)
4. Prosper (Eagle Sport)
5. Kwizera Ismaïl (Radio Isanganiro)
6. Irakoze Yves (Radio Humuriza FM/ Gitega)
7. Billy (Rema FM)
8. Raymond Prosper (BE TV)
9. Baraguma Adam (Radio Nderagakura)
10.Ongwa Léa (Star FM - Gitega )


Nk’uko musanzwe mubimenyereye, abakinyi batatu bambere baca bashikirizwa abakunzi ba Primus Ligue maze nabo bakitoreramwo uwukwiriye agashimwe, amanota bamuhaye agaca aja ku rugero rwa 50% 50% hamwe n’ay’abamenyeshamakuru.

Abakinyi Yusuf Ndayishimiye, Iddy Museremu na Issa Hakizimana nibo muca mwitoreramwo namwe uwukwiye agashimwe, tukaza kubashikiriza uko mubigenza mu masaha y’imbere tubicishije ku muhora wacu wa Facebook.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 28

Athletico Ac. 0-1 Buja City
Messager N. 2-1 BS Dynamic
Bumamuru FC 1-3 Olympic S.
Kayanza Utd 2-1 Les Lierres
Inter Stars 2-1 Vital'O FC
Flamb. Centre 0-0 Aigle Noir
Ngozi City 1-4 Rukinzo FC
Musongati FC 4-0 LLBS4A