Primus Ligue: Abigenjeje neza kurusha abandi mw'ihiganwa ry'2018-2019 barashimiwe kur'uyu wa gatanu

Vyanditswe itariki 02.06.2019

 

Kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama 2019, ibirori bidasanzwe vyo gusengera no gushigikira Intamba vyasozerewe n'umusi mukuru wo gutanga ubushimwe ku bigenjeje neza kurusha abandi muri Primus Ligue 2018-2019. Urwo rubanza rwari rwatunganijwe n'ishirahamwe Brarudi, ribicishije ku kinyobwa Primus gisanzwe gifata mu mugongo ihiganwa ry'icicaro cambere mu mupira w'amaguru.

 

Bamwe mu bakinyi 11 batowe nk'abagize umugwi wa 11 b'akarorerei muri Primus Ligue 2018-2019

 

Gushima intambwe umupira w'amaguru mu Burundi ugezeko nivyo vyagarutsweko cane mu majambo yashikirijwe

 

Yâk?ra abashitsi, Lamine EL ABASSI arongoye igisata ca "Marketing" muri Brarudi yabanje gukeza Abarundi bose muri rusangi ku ntambwe bateye yo kuronka itike ryo kwitaba igikombe ca CAN, aca ashima ugukorana neza kuri hagati ya FFB n'ishirahamwe Brarudi, ari navyo vyatumye ishirahamwe Brarudi ryitaba akamo ko guterera Intamba. Yaciye yongera arashima uko ihiganwa rya Primus Ligue 2018-2019 ryagenze, ihiganwa ryaje gukomeza ibikorwa Brarudi ryiyemeje vyo kubandanya riba hafi umupira w'amaguru ribicishije ku kinyobwa Primus, nko gutanga ubushimwe ku bakinyi barusha abandi buri kwezi.

Mw'ijambo rya Hon. Révérien Ndikuriyo arongoye FFB, yabanje kugaruka ku bikorwa bidasanzwe vyari vyaranze uwo musi, aho isinzi ry'abakunzi b'Intamba bari bakubise baruzura baje kuzishigikira no kuzisengera kuri Stade Prince Louis Rwagasore. Yaciye ashimira ishirahamwe Brarudi ku ntererano yaryo ribandanya kugira mu mupira w'amaguru mu Burundi, ikaba iri mu bituma n'umugwi nserukiragihugu ubandanya gutera imbere kuko urimwo abakinyi batari bake baramuwe n'ihiganwa rya Primus Ligue. Yaciye agaruka ku migambi ya vuba n'iya hafi ishirahamwe FFB rifitiye umupira w'amaguru mu Burundi, amenyesha ko hariko hakorwa ibishoboka vyose kugira umupira w'amaguru mu Burundi ube umwuga ukwije ibisabwa vyose, ushobora kubeshaho abawukora kandi ugateza imbere igihugu. Mu gutanga akarorereo k'ibimaze gukorwa, yamenyesheje ko mu mwaka w'2018-2019, inkino zose za Primus Ligue zakiniwe ku bibuga vya kijambere kandi hariho n'ibibuga bishasha bigiye kwambikwa imisezero igezweho mu kwitegurira Primus Ligue 2019-2020.

Inyuma y'amajambo yari yateguwe kur'uwo musi mukuru wo gusozera icese ihiganwa rya Primus Ligue 2018-2019, haciye hatangwa ubushimwe ku bigenjeje neza kurusha abandi.

 

Abaronse ubushimwe bw'abarushije abandi mw'ihiganwa ry'2018-2019

 

1. Umukinyi yaranze umwaka (Meilleur joueur): Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir)

2. Umukinyi yatsinze vyinshi kurusha abandi: Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir) yatsinze 25

3. Umukinyi akiri muto yaranze umwaka (Révélation): Aimé Fales Ndizeye (Aigle Noir)

4. Umugwi wa 11 b’akarorero (11 type) : Onésime Rukundo (Messager Ngozi) mw’igori, Chancel Ndaye (Rukinzo FC), Chris Ndikumana (Musongati FC), Eric Ndizeye (Musongati FC) na Moussa Muryango (Vital’O FC) inyuma, Mabano Shabani (Aigle Noir), Yusuf Ndayishimiye Nyange (Aigle Noir) na Olivier Dusabe (Vital’O FC) hagati, hamwe n’abasatirizi Iddy Museremu (Messager Ngozi), Saidi Irakoze (Musongati FC) na Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir).

5. Umumenyereza w’umwaka (Meilleur Entraineur) : Joslin Bipfubusa (Aigle Noir)

6. Umuhagarikizi wo hagati w’umwaka (Meilleur arbitre central) : Georges Gatogato

7. Umuhagarikizi wo ku ruhande w’umwaka (Meilleur arbitre assistant) : Pascal Ndimunzigo

8. Umugwi w’abarorerezi warushije abandi (Meilleur fan club) : Ijwi (Musongati FC)

9. Agashimwe kadasanzwe ku mukinyi w’umurundi akinira mu mahanga yavyifashemwo neza kurusha abandi : Fiston Abdul Razak (JSK/Algérie)

Ibirori vyasozerewe mu kanyamuneza ntangere, abatumire basangira ibinyobwa n’ibifungurwa.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Olympic S. 1-2 Musongati FC
Flamb. Centre 3-1 Kayanza Utd
BS Dynamic 0-1 Bumamuru
Inter Star 0-0 Messager N.
Athletico Ac. 4-0 Ngozi City
Buja City 1-2 LLBS4A
Aigle Noir 1-2 Les Lierres

Primus Ligue, umusi wa 2

Bumamuru 2-0 Flamb. Centre
Ngozi City 0-1 BS Dynamic
Buja City 3-2 Athletico Ac.
Musongati 2-0 Rukinzo FC
Messager N. 4-1 Olympic S.
Les Lierres 1-2 LLBS4A