Primus Ligue: Iddy Museremu yaraye ashikirijwe agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Gitugutu 2019

Vyanditswe itariki 18.11.2019

 

Inyuma yo gutsinda igitsindo ca « coup-franc » ku munota wanyuma w’urukino rudasanzwe hagati y’umugwi wiwe wa Messager Ngozi na Ngozi City (1-1) kur’uyu wa gatandatu, Iddy Museremu yabandanije umunezro wiwe yakira agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Gitugutu 2019 mw’ihiganwa rya Primus Ligue. Ako gashimwe yagatsindiye mu matora yakozwe n’umugwi w’abamenyeshamakuru bakurikiranye cane ihiganwa bunganiwe n’abakunzi b’umupira nabo bamugomye nk’uko tugomba tubigarukeko.

 

Iddy Museremu yakiriye agashimwe kagizwe n'igikombe n'ibahasha y'ibihumbi 250 vy'amarundi.

 

Uko amatora atunganijwe

 

Imbere y’uko hatanguzwa igikorwa co gutora umukinyi yaranze ukwezi, ishirahamwe Brarudi risanzwe rigatanga ribicishije ku kinyobwa Primus ryari ryamenyesheje igituma katevye gutangura. Imvo nyamukuru yari yavuye ku bikorwa bindi vyo gushigikira ihiganwa n’abarorerezi baryo vyari bigitunganywa, ako gashimwe kakaba kagiye kubandanya mu mezi yose hazoba habayemwo ihiganwa rya Primus Ligue.

Umugwi w’abamenyeshamakuru 10 bakurikiranye ihiganwa niwo wabanje gukorana uratora abakinyi bavyifashemwo neza kurusha abandi. Buri mumenyeshamakuru yatanga amazina atatu, umukinyi ashize mu kibanza cambere akaronka amanota 5, uwo mu kibanza ca kabiri amanota 3, uwo mu kibanza ca 3 nawe inota 1.

Amanota menshi ashoboka kuri buri mukinyi ni 50, n’ukuvuga mu gihe yoba yashizwe mu kibanza cambere n’abamenyeshamakuru bose. Ivyo bica bifasha guharura ibice kw’ijana (%) vya buri mukinyi mu manota y’abamenyeshamakuru, bikaba bifise urugero rwa 50% iyo biteranijwe n’ibice umukinyi aronka mu majwi y’abarorerezi, gutyo hagaca haboneka umukinyi yatsindiye agashimwe.

Abakinyi batatu bambere mu matora y’abamenyeshamakuru nibo baca bashikirizwa abarorerezi maze nabo bakitoreramwo uwukwiye agashimwe. Nk’uko bisiguye aha hejuru, umukinyi yabaye uwa kabiri canke uwa gatatu mu matora y’abamenyeshamakuru arashobora gutahukana agashimwe bishitse agatorwa n’abakunzi b’umupira ku bwinshi ku buryo hateranijwe ivyo bice bibiri vy’amatora ku rugero rwa 50% 50% aca arusha abandi.

 

Abamenyeshamakuru 10 n’abakunzi b’umupira 5347 nibo batoye

 

Uwo mugwi w’abamenyeshamakuru 10 uzoza urahinduka buri kwezi, hakaba hazoguma harabwa abakurikirana ihiganwa bikwiye kugira hatorwe abakinyi babikwiriye koko. Abamenyeshamakuru 10 batoye umukinyi w’ukwezi kwa Gitugutu ni :

1. Wilson Kwizera (Radio Culture)
2. Ntagasigaye Vivance (Rema FM)
3. Etienne « Profondeur » ( Radio Isanganiro)
4. Rwasa Jean-Paul (Radio TV Ubuntu)
5. Nitunga Firmin (RTNB)
6. Dorcas Germaine (Buja FM)
7. Eric Douglas(Mishe Mishe TV)
8. Radjabu Bosingwa (indundi.com)
9. Moussa Momo (Ubuzima Fm -Kayanza)
10. Habonimana Fleurette (Akeza.net)

Abakinyi bashoboye gutorwa bashika kuri 18, bakaba basumbanye uku gukurikira mu manota:

1. Iddy Museremu (Messager Ngozi) : Amanota 43 (86%)
2. Elyphaz Ndayisenga ( Kayanza United) : 8 (16%)
3. Raoul Vyamungu (Bumamuru FC): 6 (12%)

4. Théodore Ngabirano (Bumamuru FC): 5
5. Landry Ndikumana (Kayanza Utd): 4
6. Gakima Aimé (Flambeau du Centre): 4
7. Asmani Amissi (Flambeau du Centre): 3
8. Juma Nzeyimana (Vital'O FC): 3
9. Eddy "Gasongo" (Bumamuru FC): 3
10. Roger Bigirimana (Musongati FC): 3
11. Jospin Nshimirimana (Aigle Noir): 1
12. Hamimu "Hafidh" (Inter Star): 1
13. Olivier Dusabe (Vital'O FC): 1
14. Ibrahim "Messi" (Flambeau du Centre): 1
15. Abedi (Rukinzo FC): 1
16. Rahim Nsegiyumva (Flambeau du Centre): 1
17. Hamza Ndikumana (Inter Star): 1
18. Asmani Akbar (Vital'O FC): 1

Nk’uko musanzwe mubimenyereye, abakinyi batatu bambere nibo baciye bashikirizwa abakunzi b’umupira maze nabo baritoreramwo uwukwiriye agashimwe. Mwaciye mutora mugera ku 5347, mubicishije ku ma « pages » ya burundisport.com, ffb na Primus Burundi basanzwe bakorana mu gutegura ako gashimwe, maze mutanga amajwi uku gukurikira :

Iddy Museremu: 2213 (41%)
Elyphaz Ndayisenga: 2098 (39%)
Raoul Vyamungu: 1036 (20%)

Umusatirizi Iddy Museremu wa Messager Ngozi niwe yaciye atsindira agashimwe abaye uwa mbere mu majwi y’abamenyeshamakuru n’ay’abakunzi b’umupira, tukaba tumukeje kuri kano gashimwe atwaye ubugira kabiri inyuma y’ ako mu kwezi kwa Ruhuhuma 2019 twongera tumwipfuriza kubandanya aroranirwa.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 14

Bumamuru FC 0-1 Inter Star
Buja City 0-1 Vital'O FC
Musongati FC 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 1-1 Ngozi City
Les Lierres 2-1 Olympic S.
LLBS4A 0-1 B.S Dynamic
Aigle Noir 5-2 Flamb. Centre
Athletico Ac. Kuwa 20/11 Rukinzo FC

Primus Ligue, umusi wa 15

Inter Star 1-2 Rukinzo FC
Ngozi City 1-2 Les Lierres
Olympic S. 2-2 Bumamuru FC
Musongati FC 2-1 Aigle Noir
LLBS4A 1-0 Athletico Ac.
BS Dynamic 1-1 Messager N.
Kayanza Utd 1-1 Vital'O FC
Flamb. Centre 2-1 Buja City