Primus Ligue: Bienvenue Kanakimana yaraye ahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu mezi ya Nyakanga na Gitugutu 2018

Vyanditswe itariki 10.12.2018

 

Kur’uyu w’Imana 9 Kigarama, niho ishirahamwe Brarudi, ribicishije ku kinyobwa Primus gisanzwe gifata mu mugongo ihiganwa ry’icicaro cambere, ryasanga umusatirizi wa Aigle Noir ariwe Bienvenue Kanakimana ku kivi, rijanywe no kumushikiriza ubushimwe bubiri yatsindiye bw’umukinyi yigenjeje neza mu mezi ya Nyakanga na Gitugutu 2018. Tugaruke ku kuntu amatora yagenze, ivyo uwo mukinyi yashikirije inyuma yo kuronswa agashimwe n’uko bigiye kubandanya.

 

Bienvenue Kanakimana, umukinyi yaranze Nyakanga na Gitugutu 2018 muri Primus Ligue

 

Amatora y’abamenyeshamakuru yashize imbere Bienvenue Kanakimana amezi abiri yikurikiranya

 

Nk’uko twari twabibamenyesheje mu mwaka w’inkino uheze, ishirahamwe Brarudi niryo rigiye kuza riratanga agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi, agashimwe kataziriwe « Primus Player of The Month » #PPM. Mu gutora uwo mukinyi, bitegekanijwe ko umugwi w’abamenyeshamakuru baba bakurikiranye ihiganwa batora amazina y’abakinyi batatu barushije abandi maze amaze gushirwa ahabona abarorerezi nabo bagatoramwo uwukwiye agashimwe.

Kuva umwaka w’inkino utanguye, umugwi ujejwe ivy’ako gashimwe muri Brarudi uriko uratunganya uburyo bwa kijambere abarorerezi bashobora kuzoza baratoramwo, ari nayo mpavu, mu kurindira ko ubwo buryo buheza gutunganywa, bashimye ko mu mezi yambere hoba haratora abamenyeshamakuru gusa.

Amatora yambere yabaye mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu mu kuraba umukinyi yarushije abandi muri Nyakanga, abakinyi batatu bambere bakaba babaye aba bakurikira :

1. Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir) yaronse amanota 33
2. Irakoze Saidi (Musongati FC) yaronse 24
3. Ndayishimiye Youssouf « Nyange » (Aigle Noir) yaronse 18

Mu matora y’umukinyi yaranze ukwezi kwa Gitugutu yabaye mu ntango za Munyonyo nayo, abakinyi batatu barushije abandi bari aba bakurikira :

1. Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir) yaronse amanota 36
2. Abedi Bigirimana (Rukinzo FC) yaronse 11
3. Aaron Musore (Musongati FC) yaronse 9

Nk’uko mubibona, Bienvenue Kanakimana niwe yatsindiye ubwo bushimwe bwose uko ari bubiri dufatiye kur’ayo matora y’abamenyeshamakuru. Ata gihindutse, amatora y’umukinyi w’ukwezi kwa Kigarama ashobora kuzokorwa nk’uko vyahora biri hakoreshejwe ubwo buhinga bushasha, tukabamenyesha kandi ko ivyo bikorwa vyo kwitunganya gushasha, hamwe n’ikirangamisi kidasanzwe cavuye ku mahiganwa ya CAF, vyatumye ata gashimwe k’umukinyi wa Munyonyo gategurwa.

 

Ico Bienvenue Kanakimana yashikirije inyuma yo kuronswa agashimwe

 

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bari bahishikiye, Bienvenue Kanakimana yarerekanye umunezero udasanzwe yar’afise, ku kibazo c’uko yiyumva, ivyatumye atera iyo ntambwe n’imigambi yiwe ya hafi aca yishura ati : « Mfise umunezero udasanzwe kuba natewe iteka ryo gutorwa nk’umukinyi yigenjeje neza kurusha abandi amezi abiri akurikirana. Ndashimira abamfashije bose kugira nshike kur’iyi ntambwe aho mbona umwimbu w’ibikorwa vya misi yose mu mugwi nsanzwe nkinamwo, nkaba kandi narafashijwe no kugendera ubwitonzi no kwitanga mu kibuga. Ivyo nipfuza n’ukubandanya nkora kugira nshike n’ahasumba iyi ntambwe, nkaba nizeye ko mu mugwi nsanzwe nkinamwo tuzobandanya n’ishaka dufise mbere tugatwara igikombe c’uyu mwaka. Dufise umugwi w’abakinyi bakundana kandi bafatanye mu nda, turafise ishaka ryo kwitanga cane nta nkeka ko uyu mwaka tuzokora ibikomeye».

Ako gashimwe yaronse kari kagizwe n’igikombe hamwe n’amabahasha abiri imwimwe igizwe n’ibihumbi majana abiri na mirongo itanu (2x 250 000 FBU).

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 21

Les Lierres 1-3 Vital'O FC
Buja City 3-0 Ngozi City
Aigle Noir 1-0 Bumamuru
Kayanza Utd 2-1 Flamb. Est
Flamb. Centre 0-2 Messager N.
Athletico 3-1 Messager Bja
Olympic S. 1-1 Rukinzo FC
Musongati 3-1 LLBS4A

Primus Ligue, umusi wa 20

Bumamuru FC 1-2 Messager Buja
Flamb. Centre 1-0 Buja City
Flamb. Est 0-0 Messager N.
Ngozi City 2-0 Vital'O FC
Rukinzo 4-1 Musongati FC
Aigle Noir 1-2 Kayanza Utd
Athletico Ol. 1-1 Les Lierres
Olympic S. 2-0 LLLBS4A