Primus Ligue: Agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kagarutse

Vyanditswe itariki 15.10.2018

 

Nk’uko mwari mwabimenyeshejwe mu mpera z’ihiganwa ry’2017-2018, ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus ryarafashe mu minwe, ridadikanije na FFB hamwe n’ikinyamakuru burundisport, igikorwa co gutanga agashimwe ku mukinyi yigenjeje neza kurusha abandi muri Primus Ligue buri kwezi. Inyuma y’igihe kitari gito c’impinyayuro zo gutunganya ako gashimwe mw’ihiganwa ry’2018-2019, kagarutse kakaba kagiye kuza karatangwa buri kwezi.

 

Akanakimana Bienvenue, umwe mu bakinyi bafashije cane Aigle Noir kugira umwimbu mwiza mu kwezi kwa Nyakanga 2018 nubu bikibandanya

 

Akanakimana Bienvenue niwe yatsindiye agashimwe k’umukinyi yaranze Nyakanga 2018

 

Bivanye n’uko impinyayuro zo gutegura ibizoba mu mwaka wose w’2018-2019 zafashe igihe kitari gito zikarenza amatariki umukinyi yahora atorerwako, umugwi ujejwe gutunganya ico gikorwa washimye ko ukwezi kwa Nyakanga kutokwijana kandi kwabayemwo inkino nyinshi, uca ushima gukoranya abamenyeshamakuru bakurikiranye cane Primus Ligue mur’ukwo kwezi maze baratora abakinyi bigenjeje neza kurusha abandi. Abo nabo bakaba bakurikiranye uku gukurikira mu manota:

1. Akanakimana Bienvenue (Aigle Noir): amanota 33

2. Irakoze Saidi (Musongati FC): 24

3. Ndayishimiye Youssouf (Aigle Noir): 18

4. Abedi (Rukinzo FC): 6

5. RamadhanPascal ( Musongati FC): 3

6. Urasenga Danny Cedric ( Messager Ngozi): 3

7. Nuru Hakizimana(Les Lierres): 1

8. Mabano Shabani ( Aigle Noir): 1

9. Félicien (Bumamuru FC): 1

Umukinyi Akanakimana Bienvenue niwe aciye atsindira agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi kwa Nyakanga « Primus Player of The Month ». Ibirori vyo kumushikiriza ako gashimwe bizoba kuwa 6 Munyonyo, bikaba bizobera rimwe n’ibirori vyo gushikiriza agashimwe umukinyi azoba yatsindiye ak’ukwezi kwa Gitugutu 2018. Uwo nawe azotorwa n’abamenyeshamakuru inyuma y’urukino rwanyuma rwa Primus Ligue rwo mur’uku kwezi, maze batatu bambere bace bashikirizwa abakunzi ba Primus Ligue nabo bitoreremwo uwukwiye agashimwe, bikaba bizokwama bigenda gutyo gushika ihiganwa rirangire. Iri tandukaniro ry’umukinyi w’ukwezi wka Nyakanga 2018 ribaye bivanye n’imvo twamaze kubasigurira, tukaba dukeje cane Akanakimana Bienvenue kur’iryo teka yatewe n’abamenyeshamakuru bakurikiranye Primus Ligue mu kwezi guheze.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 26

Rukinzo FC 1-1 Flambeau
Bumamuru FC 1-0 Vital'O FC
Messager N. 1-0 LLBS4A
Aigle Noir 2-3 Olympic S.
Musongati 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 1-0 Kayanza Utd
Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Les Lierres 1-2 Buja City

Primus Ligue, umusi wa 27

Flamb. Centre 2-3 Bumamuru
Vital'O FC 2-1 Kayanza Utd
AIgle Noir 0-2 Rukinzo FC
Flamb. Est 2-1 Athletico Ol.
Buja City 0-0 Messager N.
Ngozi City 0-0 LLBS4A
Musongati FC 1-0 Messager Bja
Les Lierres 3-2 Olympic S.