Primus Ligue: Abakinyi baharanira agashimwe k’ukwezi kwa Gitugutu 2018 bamenyekanye

Vyanditswe itariki 01.11.2018

 

Nk’uko twaheruka kubibamenyesha, agashimwe k’umukinyi yaranze ukwezi karagarutse muri Primus Ligue, umukinyi Akimana Bienvenue yatsindiye ak’ukwezi kwa Nyakanga akaba azoronkera rimwe agashimwe n’uwugiye gutsindira aka Gitugutu aho abarorerezi nabo bazohabwa akaryo ko gutora. Umugwi w’abamenyeshamakuru bakurikiranye ihiganwa rya Primus Ligue mur’uku kwezi twaraye dusozereye baragiye hamwe baratora abakinyi bigenjeje neza, batatu bambere akaba aribo abarorerezi nabob aca batoramwo uwukwiye agashimwe.

 

Abakinyi 3 barushije abandi amanota: Akanakimana Bienvenue (Aigle Noir), Abedi Bigirimana (Rukinzo FC) na Aaron Musore (Musongati FC)

 

Abakinyi bagomwe n’abamenyeshamakuru

 

Umugwi w’abamenyeshamakuru bashika kuri 10 niwo watuwe n’umugwi utunganya ako gashimwe ngo batore abakinyi barushije abandi mur’uku kwezi. Mu gutora, umumenyeshamakuru wese yatanga amazina atatu, umukinyi atanze ubwambere akaronka amanota 5, uwa kabiri akaronka 3, uwa gatatu nawe akaronka inota 1. Uku niko abakinyi bagomwe bagiye barushanya amanota:

1. Bienvenue Akanakimana (Aigle Noir FC)

Amanota 36

2. Abedi Bigirimana (Rukinzo FC)
11

3. Aaron Musore (Musongati FC)
9

4. Youssouf Ndayishimiye “Nyange” (Aigle Noir)
8

. Cédric Mavugo (Aigle Noir)
8

6. Olivier Dusabe (Vital’O FC)
6

7. Joseph Kashindi (Musongati FC)
3

. Olivier Bayizere (Messager Ngozi)
3

9. Joseph Othieno (LLBS4A)
1

. Lionnel (Les Lierres)
1

. Eric Kwizera (Les Lierres)
1

. Christian Mbirizi (Vital’O FC)
1

. Ziga Nahimana (Kayanza United)
1

 

Ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus rizotangira rimwe agashimwe ka Nyakanga n’aka Gitugutu

 

Kur’uyu wa gatanu 02 Munyonyo 2018, abakunzi b’inkino bazoca bamenyeshwa uko batangura gutora hagati y’abakinyi batatu barushije abandi amanota aribo Bienvenue Akanakimana wa Aigle Noir, Abedi Bigirimana wa Rukinzo FC na Aaron Musore wa Musongati FC. Umukinyi azorusha abandi mu majwi y’abarorerezi ateranijwe n’ay’abamenyeshamakuru ku bice 50% 50% azoba atahukanye agashimwe Primus Player of the Month ka Gitugutu 2018 maze akazogashikirizwa icese, ari kumwe na Akanakimana Bienvenue yatahukanye aka Nyakanga akaba ari no mu bahiganwa uku kwezi, n’ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus gisanzwe gifata mu mugongo ihiganwa ry’icicaro cambere.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC