Primus League: Inkino zidasanzwe mu kirangamisi c'umusi wa 19

Vyanditswe itariki 14.02.2018

 

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi « FFB » ryasohoye ikete rishira ahabona ikirangimisi c'inkino z'umusi wa 19 zitegekanijwe gukinwa hagati y'amagenekerezo ya 17 na 18 Ruhuhuma 2018. Bivanye nuko Olympic star na LLB s4a ifise inkino zo gusubiriza kuwa 21/2/2018 mu nkino z'ijonjora z'ibikombe vya Total Champions League hamwe na Total Confederation Cup, hazokinwa inkino 6 gusa ku 8 zisanzwe zikinwa, iyo migwi ikaba iciye ikwiza inkino zibiri z’ikirane muri Primus League, inkino zizokinwa ku matariki azomenyeshwa hanyuma nk’uko biboneka mur’iryo kete rya FFB. Turabire hamwe uko umusi wa 19 uzogenda, hakaba harimwo inkino zidasanzwe.

 

Vital'O FC mu myimenyerezo ikomeye irongowe na Gilbert Kanyenkore kuri "Tempete"

 

Vital’O FC uzokwakirira kuri Prince Louis urukino rudasanzwe, i Ngozi naho Messager unyinyurane na Aigle Noir

 

Umugwi wa Vital’O FC uheruka kwakiraka kwiyunga ubugira kandi na Kanyenkore Gilbert « Yaoundé » uriko utegura urukino rudasanzwe ruzokinwa kur’uyu w’Imana. Biciye mu mwumvikano na FFB hamwe na Flambeau de l’Est, uzokwakirira uwo mugwi kuri Stade Prince Louis Rwagasore isaha icenda (15:00) mu rukino rwambere rwa « Yaoundé » kuva agarutse ku ntebe y’uwo mugwi yashikanye ku mwimbu ukomeye muri kahise kur’ico kibuga.

Urwo rukino ruzohuza Vital’O FC na Flambeau de l’Est ruzoba kandi ar’urukino rudasanzwe kuko arirwo rukino rushobora kuba urwanyuma rwa Primus League ruzoba rukiniwe ku musezero wa stade Prince Louis Rwagasore umaze hafi imyaka 13. Amakuru yo kwizera dukesha abegereye FFB atumenyesha yuko uwo musezero ugiye guhindurwa n’ikibuga gisanurwe muri vyisnhi, tukabibutsa ko n’urukino rwambere rwahakiniwe rwari rwakinywe na Vital’O FC umenyerezwa na « Yaoundé » nyene utsinda Flamengo 5-0. Mur’urwo rukino, icegera ca Yaoundé yari Feruzi Haruna ubu asigaye amenyereza…Flambeau de l’Est azokwakira kur’uyu w’Imana, akaba ari kimwe muri vyinshi bituma urwo rukino ruba urudasanzwe.

Kur’uyu w’Imana igihe c’isaha icenda nyene, i Ngozi naho ku kibuga Urukundo c’i Buye hazoca uwambaye hagati ya Jean-Jeacques Eydelie na Bipfubusa Joslin, abamenyereza b’imigwi ya Messager Ngozi na Aigle izoba iramutse itana mu mitwe mu rukino rwo kw’isonga rya Primus League. Umugwi wa Messager Ngozi watsinze inkino zose wakiniye i Buye mur’iri higanwa ukaba kandi waratsinze Aigle Noir uwusanze i Gitega (1-2) mu rukino rutangura rw’umusi wa 12 kuwa 18 Munyonyo 2017. Mbega Shaka Bienvenue na bagenziwe bazoza bazikenyeye ngo basubirize mu ndumane Danny « Kagabo » na bagenziwe ? Inyishu ni kuw'Imana 18 Ruhuhuma!

 

Urutonde rwose rw’inkino zo ku mus iwa 19 w’ihiganwa

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 28

Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Est 1-2 Les Jeunes
Musongati FC 2-2 Messager Bja
Vital'O FC 8-0 Delta Star
Olympic Star 1-0 Buja City
Inter Star 0-0 LLBS4A
Ngozi City 1-2 Messager N.
Flamb. Centre 4-4 Aigle Noir