Football: Papy Faty, intwari yo hagati mu kibuga, yaraye yitavye Imana asandabiye mu rukino

Vyanditswe itariki 26.04.2019

 

Inkuru y’umubabaro y’urupfu rwa Papy Faty ihejeje kwemezwa icese n’ubushikirangaji bw’inkino mu gihugu ca Eswatini (cahoze citwa Swaziland) muri kino gitondo co kuwa 26 Ndamukiza. Uwo mukinyi w’Umurundi yavutse kuwa 18 Nyakanga 1990 yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo inyuma yo kugwa bukumbi ku munota wa 15 w’urukino rwariko ruhuza umugwi wiwe wa Malanti Chiefs na Green Mamba mu cicaro cambere ca Eswatini.

 

Papy Faty mu mugwi wa Bidvest Wits muri Africa y'Epfo (Photo Kickoff.com)

 

Papy Faty, umukinyi w’igitangaza hagati mu kibuga, yaciye mu migwi itandukanye yongera akinira Intamba

 

Papy Faty yigiye umupira mu mugwi wa Inter Star i Bujumbura kuva agifise imyaka 11 mu 2001, aca awukinira gushika mu mwaka w’2008 aho yaca agomwa na Trabzonsport muri Turquia. Uwo mugwi waciye umutiza muri MVV Maastricht muri Pays Bays umwaka umwe (2009-2010). Mu mwaka w’2011, Papy Faty yaciye agaruka ku mugabane wa Africa akinira umugwi wa APR FC mu Rwanda umwaka umwe imbere yo kuja muri Africa y’Epfo mu mugwi wa Bidvest Wits yamazemwo imyaka itandatu ari nawo watumye amenyekana cane. Yaraye asandabiye mu gihugu ca Eswatini aho yari yateye umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Malanti Chiefs mu kiringo c’amezi atandatu.

Mu mugwi w’Intamba, Papy Faty yarahamagawe ku ncuro zishika 28 aca atsinda ibitsindo 3. Yar’umukinyi mwiza cane wo hagati, atembereza agapira atekanye akongera akamenya guhanahana no kuzibira. Urukino rwiwe rwanyuma mu Ntamba rwabaye urukino Burundi – Gabon (1-1) rwo kuwa 23 Ntwarante 2019 aho yasubiriye Nahimana Shasir mur’urwo rukino rwanditse amateka mashasha yo kujana Uburundi mu gikombe ca CAN.

 

Papy Faty yitavye Imana inyuma y’umusi umwe gusa ayagiye ikinyamakuru Soka Laduma ibitari bike ku magara yiwe

 

Mu kiganiro yari yahaye ikinyamakuru Soka Laduma wo muri Africa y’epfo ku wa gatatu (24/04/2019), Papy Faty yaragarutse ku bitari bike muvyo yaciyemwo mu mugwi wa Wits yongera avuga uko yiyumva kuko ku ncuro zibiri zose yari yaregeze kurabira mu kibuga ariko arakina. Papy Faty yagize ati “Naho abaganga bamye bambwira ko mfise ikibazo c’umutima, kugeza naho mbere bamwe bambwiye ko nshobora no gusandabira mw’itiro canke mu kibuga, jewe namye numva merewe neza. Niyumva uko merewe, nta kintu na kimwe numva mu magara yanje combuza kubandanya nkina umupira ari naco gituma nabandanije nimenyereza nongera ndondera umugwi ndonkamwo ikibanza co gukina”.

Mur’ico kiganiro nyene yahaye Soka Laduma, Papy Faty yamenyesheje ko inyuma y’aho abaganga ba Wits bamuburije gukina no kubandanya yimenyereza yari yarasavye ko yosinyiranira n’uwo mugwi urupapuro rwemeza ko bishitse akagwa mu kibuga bitobaharurwako. Nk’uko avyivugira, uwo mugwi wahavuye wemera gusinya urwo rupapuro inyuma y’inkino zibiri yari yakiniye Intamba zihura na Namibia. Urwo rupapuro rumaze guterwako umukono, yaciye asubira mu mugwi arimenyereza yongera araronka n’umwanya wo gukina. Ntivyatevye ariko kuko mu rukino rwariko ruhuza umugwi wiwe na Chippa United, yarabaye nk’uwuzungurirwa gato, aca asaba gusubirizwa, inyuma yaho umugwi waciye ufata ingingo burundu yo kudasubira kumukinisha.

Umugwi wa Wits umaze gufata ingingo yo kudasubira gukinisha Papy Faty, yaciye atangura kurondera hirya no hino icovura ingwara ziwe. Nk’uko yavyivugiye, yaraciye mu batari bake harimwo abavuza imiti ya kavukire n’abasenga nka Prophet TB Joshua muri Nigeria, haragera igihe yiyumva ko aremye ashobora gusubira mu kibuga. Ni mur’ico gihe nyene abaganga bo mu gisagara ca Johannesburg bamubwira ko bashobora kumubaga bakamushiramwo akuma koza karasahiriza umutima wiwe, ariko aca abamenyesha ko yumva amerewe neza kandi yiyumva ko ashobora kubandanya akina, ari naho yaca aja mu biganiro na Malanti Chiefs muri Eswatini.

Papy Faty yasozereye ico kiganiro amenyesha ko yumva amerewe neza cane, yuzuye umunezero kuba yararonse amahirwe yo kuba mu mugwi uha Uburundi itike ryawo ryambere rya CAN, aca aheraheza avuga ati: “ Icipfuzo canje kiruta vyose mur’uno mwanya n’uko noba mu mugwi uzoserukira Uburundi muri CAN2019, maze nkaronka akaryo ko kwerekana ivyo nshoboye n’uko ata kibazo na kimwe mfise c’umutima”.

Nk’uko mubibona, intwari Papy Faty yaraye asandavye ariko akora umwuga yakunda cane kandi akaba yari yiteze kwitangira igihugu. Turahojeje umuryango wiwe yavukamwo, tugahoza n’umuryango wiwe munini w’umupira w’amaguru haba mu mirwi yaciyemwo no mu bakunzi b’Intamba mu rugamba. Imana imwakire mu bwami bwayo.

Mwipfuza gusoma ikiganiro cose yahaye Soka Laduma, ni ku murongo https://www.pressreader.com/south-africa/soccer-laduuma/20190424/page/10/textview

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar