Primus League: LLBS4A wasubiye mu kibanza cambere, Messager Buja nawo wavuye mu mazi ashushe

Vyanditswe itariki 28.01.2018

 

Ihiganwa rya Primus League ryarabandanije mur段yi ndwi rikaba ryari rigeze ku musi waryo wa 17. Umugwi wa Flambeau de l脱st wari wakinye inkino 2 mu musi wa 16 w段higanwa nta rukino war置fise, ku rundi ruhande, umugwi wa Bujumbura City utari wakinye mu musi wa 16 wakinye inkino 2. Inyuma y段misi 17 y段higanwa rero, imigwi yose uko ari 16 ifise inkino 17, umugwi wa LLBS4A ukaba waraye usubiye kw段songa ry段higanwa (wari watakaje inyuma y置musi wa 14) bivanye n段tsinzi yawo 4-1 ca Flambeau du Centre yaje ikurikira itsindwa rya Messager Ngozi na Les Lierres 2-0. Tugaruke ku vyaranze umusi wa 17 w段higanwa.

 

Umugwi wa Flambeau du Centre wabanje gutangaza LLB mu kwuwinjiza 1-0 inyuma y'iminota 3 imbere y'uko LLB bivyukiranya

 

Les Lierres batangaje Messager Ngozi bategurira LLBS4A inzira y段kibanza cambere

 

Imigwi ya Bujumbura City na Inter Star niyo yuguruye umusi wa 17, aho hari kuwa gatatu 24 Nzero aho Buja City wirahira Inter Star 1-0.

Kur置yu wa gatandatu 27 Nzero niho hakinwa inkino zibiri zari zitezwe cane kuri Stade Prince Louis Rwagasore, umugwi wa Messager Ngozi wari kw段songa ry段higanwa war置ramutse ugendera Les Lierres w7, LLBS4A wa kabiri nawo ukaba war置ramutse wakira Flambeau du Centre wa 11. Abakinyi ba Les Lierres baje bazikenyeye, badugira hamwe bongera bamanukira hamwe, barabuza abakinyi b段mbere ba Messager kuronka imipira bongera basatira banyaruka ku ma ォ contre-attaques サ. Igice cambere cagiye kurangira bamaze kwironkera 2-0 (Junior 7, Salum 29)mu buryo butatangaje na gato abarorerezi bari bahishikiye kuko berekanye umupira w置rugero runini kurusha abashitsi babo, bica bituma mbere urukino rurangira Messager Ngozi utabeze mbere Les Lierres banahushije ayandi mahirwe menshi naho ata kindi bashoboye kwongeramwo.

Inyuma y段tsinzi ya Les Lierres, intumbero yar段mwe gusa ku bakinyi ba LLBS4A : kuronka amanota 3 aca atuma baca kuri Messager Ngozi bagafata ikibanza cambere. Intango y置rukino ntiyagenze nk置ko bari bavyiteze na gato kuko inyuma y段minota 3 gusa y置rukino Flambeau du Centre war置binjije 1-0. ABakinyi ba LLB baciye bivyukiranya barasatira bikomeye, mbere ntibateba kugikurayo kuko Jules Ulimwengu yaciye yandikisha 1-1 ku munota w7. Urukino rwabandanije ruhengamiye ku ruhande rwa LLB biboneka neza ko bafise ibintu mu ォ minwe サ, eka mbere ntibatevye gushiramwo ica kabiri (C駘駸tin Habonimana) baca baja kuruhuka bafise 2-1. Igice ca kabiri cagize isura nk段y段cambere kuko LLBS4A wafashe Flambeau de l脱st ku mababa no ku mahembe ubongera ibindi 2 (Iddy Saidi ォ Ballack サ, Jamal) urukino ruca rurangira bafise 4-1, n誕manota 41 abashira mu kibanza cambere basumvya rimwe Messager Ngozi.

 

Messager Bujumbura wavuye mu kibanza c段migwi ikoroka icicaro usubirirwa na Ngozi City

 

Mu zindi nkino zibiri zabaye kuwa gatandatu, Aigle Noir wanganije na Olympic Star 1-1, Ngozi City nawo unganya na Les Jeunes Athl騁iques 0-0

Kur置yu w棚mana 28 Nzero, hari hategekanijwe inkino 3 zari zisigaye mu mus iwa 17. Musongati wanganije na Vital丹 FC 0-0, Bujumbura City utsinda Athletico Olympic 2-0, maze Messager Bujumbura wirahira Delta Star 5-2. Iyo ntsinzi ya Messager Bujumbura yaciye ituma uva mu kibanza ca 14 wahoramwo usimbira muca 12. Umugwi wa Ngozi City utari bwigere uja mu bibanza bitatu vyanyuma vy段migwi ikoroka icicaro waciye ufata ikibanza ca 15 inyuma y段nkino 7 zose wikurikiranya udatsinda.

Ihiganwa rya Primus League rizobandanya kuwa 11, 12 na 13 Ruhuhuma, impera y段ndwi iza (02-05 Ruhuhuma) ikaba izokinwamwo inkino zambere z段gikombe c旦mukuru w棚gihugu.
Uko inkino zose zagenze mu mus iwa 16 na 17 n置ko imigwi isumbana mu manota :






Di鑒ue Nifasha

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est