Football: Kanyenkore Gilbert Kagabo Yaoundé niwe aramutswa amabanga yo kumenyereza umugwi wa Vital'o FC

Vyanditswe itariki 09.02.2018

 

Kur'uno wa gatanu igenekerezo ry'9/2/2018 niho umurongozi wa Vital'o FC Bikorimana Benjamin yashira ahabona umugwi w’ubuhinga « staff technique » mushasha ugiye kumenyereza Vital’O FC inyuma yaho umumenyereza mukuru yahahora Nzeyimana Mailo atangiye imihoho.

 

Kuva i bubamfu uja i buryo: Amidou Hassan, Niyonkuru Jumaine, Bikorimana Benjamin, Harerimana Haruna, Kanyekore Gilbert

 

Gilbert Kanyenkore agarutse mu mugwi azi cane amaze kumenyereza igihe kitari gito awandikamwo amateka akomeye

 

Bikorimana Benjamin arongoye umugwi wa Vital'o fc yagize ati :''Narabonye ikete ryanditswe n’umumenyereza Mailo Nzeyimana aho yamenyesha ko agomba ko amasezerano twari dufitaniye ahagarara, nari niteze yuko atwandikira canke adusaba umubonano kugira tumenye ico twofasha ariko ntivyaca mur’ubwo buryo. Umuntu wese burya agendana n'ibibazo niyo mpamvu bisaba ko hoba umwumvikano ntangere kuko umugwi ari nk’umuryango. Umumenyereza mukuru agiye gusubirira Nzeyimana Mailo ni Kanyenkore Gilbert Kagabo Yaoundé azokorana na Harerimana Haruna, Niyonkuru Djumaine hamwe na Amidou Hassan nk'umumenyereza w'abanyegori ».

Kanyekore Gilbert benshi batazira Yaoundé n’umumenyereza yakoranye na Vital’O FC igihe kitari gito mbere ahandika amateka akomeye yagumye yibukwa n’abakunzi b’uwo mugwi imbere yo kuja kumenyereza mu migwi nka Kiyovu na Bugesera mu Rwanda gushika mu kwezi kw’icenda 2017 aho yaca agaruka mu Burundi. Yar’amaze igihe afise amabanga yo kwigisha umupira mw’ishure rya Vital’O FC rikorera mu Gatete mu ntara ya Rumonge.

 

Yaoundé ati: «Ndanezerewe kubona nasubiye kwizerwa» n'umugwi nkunda kandi nubaha

 



Inyuma yo kwiyunga kandi na Vital’O FC icese, Kanyenkore Gilbert Yaoundé ati: " Ndanezerewe cane kubona nsubiye kugirirwa icizere co kumenyereza umugwi nkunda kandi nubaha cane, turizeye kubandaniriza aho abandi bari bamaze kuwushikana, igikorwa twari tumaze igihe dukora co gufasha « académie » ya Vital'o fc isanzwe ifise icicaro mu Gatete kigeze kure kandi turizeye ko hamwe na 'staff' yanje igizwe n'abamenyereza 3 bakorera mu Rumonge mu migwi ibiri (Gatete Fc hamwe na Bioénergie Fc) twongeyemwo Haruna, Djumaine hamwe na Amidou bizofasha cane mu kiringo kiri imbere mu gikorwa co kurobanura abakinyi babishoboye bazoca baduzwa muri Vital'o Fc »

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, 1/2 finale

France 1-0 Belgique
Croatie 2-1 Angleterre

Mondial 2018, ikibanza ca 3

Belgique 2-0 Angleterre

Mondial 2018, Finale

France 4-2 Croatie