Primus Ligue: Kanakimana Bienvenue niwe yatowe nk’umukinyi yarushije abandi muri Kigarama 2018

Vyanditswe itariki 24.01.2019

 

Inyuma yo gutahukana ubushimwe bw’amezi ya Nyakanga na Gitugutu 2018, Bienvenue Kanakimana yaraye atsindiye agashimwe k’ukwezi kwa Kigarama, tukabibutsa ko muri Munyonyo ata gashimwe katunganijwe bivanye n’uko imigwi ya Vital’O FC na Messager Ngozi itakinye ihiganwa rya Primus Ligue. Mu matora y’abakunzi b’umupira yaje akurikira ay’abamenyeshamakuru, Kanakimana Bienvenue, umusatirizi wa Aigle Noir, yaraye arushije biboneka abo bahiganwa aribo Dusabe Olivier, umukinyi wo hagati muri Vital’O FC, na Ndizeye Eric akina inyuma akaba na kizigenza wa Musongati FC.

Abakunzi b’umupira bitavye amatora bashika ku 3065, bamwe bakaba batoye babicishije kuri pages Facebook za burundisport.com, FFB na Primus, abandi barungika ubutumwa kuri 61 14 14 14, ikiringo co gutora kikaba catanguye kuwa gatandatu 19 Nzero gushika kuwa gatatu 23 Nzero (23:59).

 

Kanakimana Bienvenue, umusatirizi wa Aigle Noir

 

Uku niko abo bakinyi 3 bagiye bararushanya mu majwi y’abakunzi ba Primus Ligue

 

1.KANAKIMANA Bienvenue (Aigle Noir FC)

1481 (48,3%)

2. NDIZEYE Eric (Musongati FC)
1005 (32,8%)

3. DUSABE Olivier (Vital’O FC)
579 (18,9%)


Twobibutsa ko no mu majwi y’abamenyeshamakuru , Kanakimana Bienvenue ariwe yari yarushije abandi aronse amanota 27 kuri 50 ashoboka, n’ukuvuga ibice 54%, akaba rero aciye atahukana ako gashimwe aronse amajwi 51,1% dufashe ku rugero rungana ay’abamenyeshamakuru n’ay’abakunzi b’umupira.

Ndizeye Eric yari yabaye uwa gatatu mu matora y’abamenyeshamakuru n’amanota 13/50 yabaye uwa kabiri mu y’abakunzi b’umupira agaca mbere arusha Olivier Dusabe muri rusangi kuko yaronse makeya mu y’abarorerezi naho yari yabaye uwa kabiri mu y’abamenyeshamakuru (18/50). Uku niko abo bakinyi barushanya muri rusangi dufatiye hamwe amajwi y’abarorerezi n’ay’abamenyeshamakuru:

1. Kanakimana Bienvenue: 51,1%
2. Ndizeye Eric: 29,4%
3. Dusabe Olivier: 27,4%

Ibirori vyo guha agashimwe Kanakimana Bienvenue bizokorwa n’ishirahamwe Brarudi ribicishije ku kinyobwa Primus kur’uyu wa mbere kuri Centre Technique National mu Ngagara aho asanzwe ari mu mwiherero w’Intamba U20, akaba mbere ari kumwe n’abo babiri bahiganwa mur’aya matora.

Turamukeje kur’iyo ntambwe idasanswe yo gutwara ako gashimwe incuro 3 yikurikiranya, tukamwipfuriza kubandanya ater’imbere no kuroranirwa mu mwuga wiwe, tukaba kandi dushimiye abamenyeshamakuru n’abakunzi b’umupira bitavye iki gikorwa co gutora.

 

 

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 21

Les Lierres 1-3 Vital'O FC
Buja City 3-0 Ngozi City
Aigle Noir 1-0 Bumamuru
Kayanza Utd 2-1 Flamb. Est
Flamb. Centre 0-2 Messager N.
Athletico 3-1 Messager Bja
Olympic S. 1-1 Rukinzo FC
Musongati 3-1 LLBS4A

Primus Ligue, umusi wa 20

Bumamuru FC 1-2 Messager Buja
Flamb. Centre 1-0 Buja City
Flamb. Est 0-0 Messager N.
Ngozi City 2-0 Vital'O FC
Rukinzo 4-1 Musongati FC
Aigle Noir 1-2 Kayanza Utd
Athletico Ol. 1-1 Les Lierres
Olympic S. 2-0 LLLBS4A