CAN 2019: Ishirahamwe FFB ryatanguje icese isekeza ryo gushigikira Intamba

Vyanditswe itariki 25.04.2019

 

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2019, niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatanguza icese isekeza ryo guhamagarira Abarundi gushigikira Intamba zizoserukira igihugu muri CAN 2019. Iryo sekeza ryatangujwe n’igikorwa co gutera umukono ku masazerano hagati ya FFB n’ishirahamwe Modern Diary Burundi rihingura amata yitwa Natura. Tugaruke kuri bikuru bikuru vyavugiwe mur’ico gikorwa cabereye kuri Centre Technique National.

 

Juma Mohamed arongoye Modern Diary Burundi i bubamfu, Très Hon. Réverien Ndikuriyo arongoye FFB i buryo

 

Abakunda intamba bose bahamagariwe kuzishigikira umwe wese mu co ashoboye

 

Mu gutanguza icese isekeza ryo guhamagarira Abarundi gushigikira umugwi w’Intamba mu Rugamba uzoserukira igihugu muri Egypte muri CAN 2019 (21 Ruheshi – 19 Mukakaro), Umuyobozi wa FFB yabanje gutera ivyatsi ivyagiye biravugwa n’ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu mahanga mu ntumbero yo gucafuza igihugu. Yagize ati: “Umugwi w’Intamba n’uw’Abarundi kandi aho uzokina hose uzoba userukiye Uburundi. Nta kintu na kimwe cobuza yuko Abarundi bavyipfuza bawuterera kuko ari navyo vyawushikanye ku ntambwe ugezeko. N’igikorwa co gukunda igihugu kandi kizokorwa n’uwuvyipfuza kandi mu buryo umwe wese abona ko ashoboye mu gushigikira umugwi wacu”.

Yaciye ashimira ishirahamwe Modern Diary Burundi ridahengeshanya gushigikira ibikorwa vya FFB ribicishije ku mata Natura risanzwe rihingura, iryo shirahamwe rikaba ryatanguye ico gikorwa mu kwezi kwa Ndamukiza 2018 aho Uburundi bwatunganya ihiganwa rya CECAFA ry’abadashikana imyaka 17.

Igikorwa co gushigikira Intamba kigiye kubandanya n’ayandi masezerano azosinywa hagati ya FFB n’amashirahamwe atandukanye, ibiganiro bikaba bigeze kure. Umuyobozi wa FFB yaciye aboneraho akaryo ko guhamagarira umuntu avyipfuza wese gushigikira Intamba muvyo ashoboye, yagize ati: “N’uwuzozana umwumbati tuzowakira!” aca yibutsa ko hariho n’umurongo wa Lumicash (99990) wugururiwe ico gikorwa. Yarangije ashimira abamenyeshamakuru ku gikorwa bariko barakora yongera abasaba intererano yabo mu gukwiragiza akamo ko gushigikira Intamba, aca yongera abasaba kubandanya bakurikiranira hafi uko abakinyi b’abarundi bari mu bihugu bitandukanye bariko barigenza kuko bizofasha cane mu gutora umugwi ubikwiriye.

 

Amata Natura azoherekeza Intamba mu myiteguro yose no muri Egypt

 

Mw’ijambo yashikirije, Juma Mohamed arongoye ishirahamwe Modern Diary Burundi yabanje gushimira abitanze bose kugira umugwi w’Intamba uronke itike ryawo ryambere ryo kujana Uburundi mu nkino za CAN. Yaciye amenyesha yuko ishirahamwe arongoye ryiyemeje kuzoba hafi umugwi w’Intamba mu myiteguro, rikaba ryawushikirije ibahasha y’ibihumbi 10 vy’amadolari (10 000$) ryiyongeye ku mata menshi bazoha umugwi w’Intamba ku bibuga vyo kwimenyereza no mw’ikambi aho bazoba baba. Yarangije amenyesha yuko MDB rigiye kubandanya rishigikira inkino mu Burundi, aca ahamagarira n’abandi babishopboye kwitaba bivuye inyuma ako kamo ka FFB kiswe #DushigikireIntambaZacu

Tubibutse ko Uburundi buzotangura ihiganwa rya CAN kuwa 22 Ruheshi 2019 mu gisagara ca Alexandrie aho buzotana mu mitwe n’umugwi wa Nigeria. Iyindi migwi ibiri igize itsinda B uburundi burimwo ni Guinée Conacry na Madagascar.

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar