FFB : « Inyigisho zatanzwe n'umuhinga wa FIFA Souissi Hatem zagenze neza », Mupenda Mohsin

Vyanditswe itariki 10.07.2018

 

Mupenda Mohsin arongoye igisata kijejwe ubuhinga mw'ishirburundisportamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi arashimishwa cane n'inyigisho ziherutse gutangwa n'umuhinga avuye mugihugu ca Tunisia Souissi Hatem ku bijanye n'abamenyereza 'Elite A' . Mu kiganiro gito yburundisportaye ikinyamakuru burundisport, M. Mohsin yagize ivyo atuyagira inyuma y'imisi 5 bari ku kigo c'igihugu ki jejwe ubuhinga.

 

Umwigishaa Souissi Hatem hamwe, abagize umugwi w'ubuhinga muri FFB n'abamenyereza bakurikiye ivyigwa

 

 

burundisport: N'igiki mwisunze mw'itororokanya ry'abamenyereza bakurikiye izonyigisho?

M. Mohsin : Twatoye abamenyereza baherutse kuronka impapuro mpamyabushobozi za CAF (Licence C) n'abazironse bafise imigwi mu cicaro ca mbere n'ica kabiri, abamenyereza basanzwe bariko barakurikirana ibijanye n'ivyokunonora imitsi (préparateurs physiques) hamwe n’abakenyezi bakurikirana ivyo kumenyereza.

burundisport: Mwoba mwisunze iki mu gutora Hatem nk’umwigisha?

M. Mohsin: Ntivyari vyoroshe kumuronka bivanye nuko hari inkino zanyuma z'igikombe c'isi, benshi usanga bifitiye ubuzi butandukanye bigatuma batemera kuza kwigisha. Mugabo yaje hageze kuko arazi kwigisha kandi twarabishimye yanasavye ko mu gihe bizokenerwa ko hakorwa 'Elite B ' bomukoma ishwasha akabandanya n'urya mugwi yigishije kuko yabonye aho urugero rwabo rugera akavuga ko biboneka ko bakeneye kubandanya biga kugira bashike kurugero rushimishije .

burundisport : Akarusho koba kangana gute muravye uko ivyigwa vyagenze?

M. Mohsin : Mu vy’ukuri izi nyigisho twaronkejwe na Hatem zaje hageze kuko benshi muribo basanzwe bafise imigwi mu cicaro ca mbere n'ica kabiri bizoca bibafasha gutunganya neza (planification) imyimenyerezo bazokorerako mu mahiganwa buca atangura.

burundisport: N'izihe zindi nyigisho za FIFA zimirije?

M. Mohsin : Buri mwaka ishirahamwe FIFA ritanga ku bihugu birihurikiyemwo inyigisho (Formation) zine canke zitane bivanye n’ibiba vyasabwe. Uno mwaka hategekanijwe zine, inyuma ya 'Elite' hagiye gukurikira iy'abamenyereza b'umupira wo ku musenyi hagati y'amagenekerezo ya 23 gushika 27, hakurikire mu kwezi kwa Myandagaro izindi zibiri ( iy'abanyegori hamwe na Grassroots) .

burundisport: Turabashimiye cane

M. Mohsin : Nanje ndabashimiye

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir