Football: Umugwi w’Intamba U20 waraye uronse itike rya CAN 2019 inyuma yo gukuramwo ibihugu bitatu

Vyanditswe itariki 24.07.2018

 

Kur’uyu w’Imana 22 Mukakaro, niho umugwi w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 waronka itike ryo kuzoja muri Niger gukina CAN U20 muri Ruhuhuma 2019. War’uhejeje kwirahira umugwi wa Zambia, ari nawo wari watahukanye igikombe giheruka (2017), ku ntsinzi ya 3-0 mu rukino rwo gusubiriza i Ngozi bica biba 3-1 muri nkino zibiri bivanye n’uko umugwi wa Zambia wari watsinze 1-0 i Lusaka.Uburundi buronse itike bukuyemwo ibihugu bitatu bitoroshe na gato.

 

Umunezero wari wose ku bakinyi n'abarorerezi inyuma yo kuronka itike rya CAN 2019

 

Uburundi bwinjijwe ibitsindo 2 gusa mu nkino 6

 

Mu gice cambere co gukuranamwo, Uburundi bwasereye umugwi wa Ethiopia, Intamba zatsinze 2-0 muri Ethiopia, zica zitsinda 1-0 mu Burundi. Bwaciye buhura na Sudani, urukino rwambere rubera i Burundi rurangira 1-1, ariko abasore ba Joslin Bipfubusa baca bakora ibikomeye batsindira Sudani iwabo 2-0.

Igice canyuma co gukuranamwo carimwo imigwi 14 gusa, Uburundi bukaba bwaciye bugwa kuri Zambia, umugwi waheruka gutwara igikombe. I Lusaka kuwa 14 Mukakaro, Selemani Moustapha na bagenziwe bahagaze neza imbere y’umugwi wa Zambia werekanye ubuhinga bukomeye, urukino rusozerwa banganya 1-1. Murwo gusubiriza rwaraye rubereye i Ngozi kur’uyu wa 22 Mukakaro, Intamba ntizorohereje Chipolopolo Boys kuko zatsinze zitajugumiye ibitsindo 3 vyumutse ku 0 bwa Zambia, batanganza Africa yose mu kuba mu bihugu 8 gusa bizokina CAN U20, igikombe Uburundi bwaherukamwo mu 1995.

Uburundi buronse itike bwinjije ibitsindo 10 buca bwinjizwa 2 gusa, vyongeye, bwavyifashemwo neza mu bijanye na Fair Play kuko ata mukinyi n’umwe yigeze aronswa ikarata itukura canke ngo aronswe zibiri mu nkino zitandukanye.

Ibindi bihugu vyaronse amatike ni Niger kizotunganya ihiganwa, Mali cakuyemwo Cameroun, Burkina Faso cakuyemwo Gabon, Afrika y’Epfo cakuyemwo Malawi, Sénégal wakuyemwo Congo na Nigeria cakuyemwo Mauritanie. Igihugu kigira umunani kizomenyekana hagati ya Ghana na Benin bifise urukino rwo gukuranamwo mu kwezi kuza kwa Myandagaro.

 

Umwaka w'igitangaza ku Burundi nko mu 1995?

 

Uburundi bwaheruka gukina iryo higanwa mu 199, umwaka wabaye ntibagiranwa muri kahise k’umupira w’Uburundi. Umugwi w’abatarenza imyaka 20 wakinye finale ya CAN 1995 muri Nigeria uca utsindwa na Cameroun 4-0. Intamba zaciye zironka itike z’igikombe c’isi cabereye muri Qatar uwo mwaka nyene, zikaba zari mw’itsinda rimwe n’imigwi ya Espagne (hakinamwo abakinyi bahavuye baab rurangiranwa nka Raul Gonzalez), Chili n’Ubuyapani. Uburundi ntibwashoboye kurengana amatsinda, bwatinzwe na Espagne 5-1, bunganya na Chili 1-1 buca butsindwa n’Ubuyapani 2-0.

Igikombe c’isi ca U20 c’umwaka uza kizobera muri Pologne kuva kuwa 25 Rusama gushika kuwa 16 Ruheshi. Imigwi izoserukira Africa n’imigwi ine izoba yashoboye gushika mu gice ca kabiri gishira icanyuma ca CAN U20, tukaba tubaye turipfuriza amahirwe umugwi w’Intamba mu Rugamba U20, hamwe n’iya U17 na Senior yimirije inkino zihambaye zishobora kwandikisha uyu mwaka nawo muri kahise k’umupira w’amaguru mu Burundi.



Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC