AFCON U23: Ibihugu 43 harimwo Uburundi bizokina inkino zo kurondera itike ryo gukina inkino za nyuma zizobera mu Misiri mu 2019

Vyanditswe itariki 30.09.2018

 

Ishirahamwe CAF ryaraye rishize ahabona uko ibihugu bizotana mu mitwe mu kurondera amatike yo kwitaba inkino za CAN z’abadashikana imyaka 23, iyo CAN ikaba izobera mu gihugu ca Misri mu mwaka uza w’2019. Uburundi buzohura na Tanzania mu rukino rwambere (1er tour) rwo kurondera itike ryo gukina inkino zanyuma z'igikombe ca CAN ku batarenza imyaka 23 hagati y'amagenekerezo ya 12 na 20 Munyonyo 2018.

 

Inyuma yo kuronka itike rya CANU20, Intamba zoshobora kwongerako irya CANU23 mu 2019?

 

Ibihugu 43 nivyo bizohiganirwa amatike yo kwitaba inkino za nyuma mu Misri

 

Umuce wambere ugizwe n’ibihugu 30 bizokuranamwo mu gice cambere (1er tour) arivyo Angola, Botswana, Burkina Faso, Burundi, Cameroun, Tchad, R.D Congo, Guinea Equator ,Ethiopia, Gambie, Ghana,Guinea, Kenya, Lybia, Malawi, Mauritania, Mauritius, Mozambique, Namibia, Niger, Rwanda, Sao Tome & Principe, Seychelles, Somalia, Sudan y'epfo, Sudan, Swaziland,Tanzania, Togo hamwe na Uganda.

Ibindi bihugu 13 bizoca bihura na bimwe bizorengana mu nkino za kabiri (2e round) hagati y'amagenekerezo ya 18 gushika 26 Ntwarante 2019 . Ivyo bihugu ni Algeria, Congo, Côté d'Ivoire, Gabon, Mali, Maroc, Nigeria, Sénégal, Siera Léone, Africa y'epfo, Tunisia, Zambia hamwe na Zimbabwe. Nkuko tubikesha ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa afrika CAF, ibihugu 14 nivyo bizokina hagati y'amagenekerezo ya 3 gushika kuwa 11 Ruheshi 2019 hace havamwo ibihugu 7 bizoca vyiyongera kuri Misiri izotunganya inkino za nyuma za CAN U23 mu 2019.

Inkino za mbere (1er tour) zizokinwa hagati y'amagenekerezo ya 12 gushika kuwa 20 Munyonyo 2018, uku niko imigwi izogenda irahura:

1. Angola vs Namibia - Afrika y'epfo

2. Mozambique vs Swaziland - Zimbabwe

3. Botswana vs Malawi - Zambia

4. Burundi vs Tanzania - Congo-Brazzaville

5. Ghana vs Togo - Gabon

6. Équatorial Guinea vs Sao Tomé & Principe - Algeria

7. Cameroun vs Tchad -Ghana Léone

8. Uganda vs Sudan y'epfo - Tunisia

9. Burkina Faso vs Niger - Côté d'Ivoire

10. Mauritania vs Guinea - Sénégal

11. Seychelles vs Sudan

12. Kenya vs Mauritius

13. Lybia vs Gambia - Nigeria

14. Rwanda - RD Congo - Maroc

15. Ethiopia - Somalia - Mali

Hagati y'amagenekerezo ya 3 na 11 Ruheshi 2019 hazoca hakinwa inkino za nyuma (3e tour). Hagati y'Uburundi na Tanzania, uwuzotsinda uzoca ukina na Congo Brazzaville ,uwutsinze uwundi uzoca ukina n'igihugu kizoba catsinze hagati ya Botswana, Malawi na Zambia . Uku niko imigwi izohura hakurikijwe ibiharuro.

(1) Angola vs Namibia - Afrika y'epfo VS (2) Mozambique vs Swaziland - Zimbabwe

(3) Botswana vs Malawi - Zambia VS (4) Burundi * vs Tanzania - Congo-Brazzaville

(5) Ghana vs Togo - Gabon VS (6) Équatorial Guinea vs Sao Tomé & Principe - Algeria

(7) Cameroun vs Tchad -Ghana Léone VS (8) Uganda vs Sudan y'epfo - Tunisia

(9) Burkina Faso vs Niger - Côté d'Ivoire VS (10) Mauritania vs Guinea - Sénégal

(11) Seychelles vs Sudan

(12) Kenya vs Mauritius Vs (13) Lybia vs Gambia - Nigeria

(14) Rwanda - RD Congo - Maroc VS (15) Ethiopia - Somalia - Mali.

 

 

Amidu Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC