CAN 2019: Aho ishirahamwe FFB rigejeje ibikorwa vyo gutegura Intamba

Vyanditswe itariki 09.04.2019

 

Kur’uyu wa mbere itariki rya 8 Ndamukiza 2019, umuyobozi w’ishirahwme ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yarahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, akaba ahanini yagarutse ku bijanye n’imyiteguro y’umugwi w’Intamba uzokwitaba CAN 2019 mu Misri mu kwezi kwa Ruheshi. Tugaruke kuri bikuru bikuru yashikirije.

 

Tr. Hon. Révérien Ndikuriyo, umurongozi wa FFB

 

Igikorwa kinini kizotangura kuwa 12 Ndamukiza amatsinda amenyekanye:

 

Inyuma yo gushimira abamenyeshamakuru n’Abarundi bose ku ntererano umwe wese yagize kugira Uburundi buronke itike ryabwo ryambere ryo kwitaba igikombe ca CAN, Tr. Hon. Reveriano Ndikuriyo arongoye ishirahamwe FFB yaciye ashikiriza urutonde rw’imyiteguro. Yagize ati: “Igikorwa kinini kizotangura inyuma y’ijonjora ry’amatsinda ritegekanijwe kuwa 12 Ndamukiza i Cairo, rikaba rizokwitabwa n’abajejwe amabanga atandukanye bo muri FFB harimwo na jewe umuyobozi. Amatsinda amaze kumenyekana niho hazoca hamenyekana n’ibisagara imigwi izokiniramwo inkino zo kurondera amanota. Kumenya imigwi turi kumwe mw’itsinda n’igisagara tuzokiniramwo nivyo bizotuma tumenya ingene dutegura inkino za kivandimwe, tukaba twobamenyesha yuko hari imigwi itari mike imaze kuzidusaba”.

Yabandanije amenyesha yuko ishirahamwe CAF ryamaze gutanga uburyo bungana na 200 000$ bwo gutegura umugwi, ariko ubwo buryo bukaba budakwiye bivanye n’ibisabwa vyinshi haba mu matike y’indege, amahoteli, eka n’ibindi bitari bike bizokenerwa mu gutunganya inkino za kivandimwe imbere yo kwitaba ihiganwa. Yaciye aboneraho akaryo ko gusaba intererano ya Leta hamwe n’abarundi bose bashobora gufata mu mugongo umugwi w’Intamba, abahamagarira kwitanga kugira umugwi uzoserukire igihugu witunganije bikwiye.

 

Umugwi w’Intamba ntuzoja mu Misri kurorera gusa

 

Agaruka ku bibazo vy’abamenyeshamakuru bamubaza ko hazoronderwa n’abandi bakinyi bashobora kwongereza inguvu mu mugwi w’Intamba, umuyobozi wa FFB yagize ati: “Twipfuza kwubakira ku mugwi washoboye kuturonsa itike kandi bikunze tukawukomeza. Naho ar’iryambere Uburundi buzoba bwitavye iri higanwa, ntituzoba tugiye kurorera gusa twipfuza kurengana amatsinda kandi tubandanye no mw’ihiganwa gushika kure hashoboka.”

Yarongeye amenyesha yuko mu mugambi munini wa FFB wiswe “Vision 2026” uzotanguzwa icese mu misi mike, harimwo no gushira umusezero mwiza ku bindi bibuga haba hagati mu gihugu no mu gisagara ca Bujumbura (ku Buterere no muri Muha), hakaba kandi hagiye kwubakwa icicaro gishaha ca FFB kigeretswe kane muri zone Ngagara, kugira ibikorwa vy’umupira w’amaguru bibandanye bikorerwa ahajanye n’urugero Uburundi bugezeko mur’urwo rukino.

Tr Hon. Réverien Ndikuriyo yarangije ahamagarira abanyagisagara ca Bujumbura gukura amaboko mu mpuzu bakiyubakira ikibuga kinini kandi gikwije urugero mpuzamakungu, aca atanga akarorero k’ibimaze gukorwa hagati mu gihugu haba i Ngozi, i Gitega canke i Makamba, akaba mbere yaciye atumira abamenyeshamakuru mu rugendo rudasanzwe rwo kubereka ivyo bikorwa mu misi ya vuba.

Tubibutse ko igikombe ca CAN 2019 kizobera mu Misri kuva kuwa 21 Ruheshi gushika kuwa 19 Mukakaro kikaba kizokwitabwa n’imigwi 24 harimwo 5 yo mu karere k’ibiyaga binini (Burundi, Kenya, Tanzania, Ouganda, RDC)

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar