Igikombe c'Umukuru w'Igihugu 2018: Imigwi 32 igiye gukina igice ca 16 gishira icanyuma yamenyekanye

Vyanditswe itariki 04.02.2018

 

Kuwa 2,3 n'uwa 4 Ruhuhuma niho hakinwa inkino 32 z'igice ca mbere catumye harobanugwa imigwi 32 kuri 64 yari yiyandikishije muguhiganirwa igikombe c'umukuru w'igihugu 2018. Habonetse ibitsindo vyinshi cane, 120 mu nkino 32 n’ukuvuga urugero rw’ibitsindo 3,75 Ku rukino. Abakinyi babiri Mbirizi Christian (Vital'o fc) hamwe na Fataki Ally Intelligent (Messager Ngozi) batsinze ibitsindo 6 murukino rumwe. Messager Ngozi watsinze ibitsindo 22, Vital'o fc utsinda 12, B.S Dynamik utsinda 11 mu rukino rumwe. Turabire hamwe uko inkino zose zagenze n’uko imigwi izohura mu bice bikurikira.

 

Mu rukino Messager Ngozi wanyagiye Agakura FC 22-0, Ally Fataki Intelligent yinjije 6

 

Uko inkino 32 z’igice ça mbere co gukuranamwo zagenze

 

Kuwa 2/2/2018:

Kayanza utd 4-0 New Force
Kiganda city 1-12 Vital'o fc
Buja city 4-0 Magara Young Boys
Inter star 4-2 Top Junior
Les Éléphants 2-2 New Oil ( 3-4 kuma penalties)
Les Jeunes athlétiques 2-3 Lumière de Mwumba
Rumonge city 3-0 Kalifumu Fc
Les Crocos 1-1 Étoile du Nord (5-4 penalties)
Flambeau de l'est 1-1 Moso Sugar (5-4 penalties)
LLB S4a 1-0 Messager Bujumbura

Kuwa 3/2/2018:

Panthère Cankuzo 0-0 Butare Kayogoro ( 3-1 penalties )
Aigle Noir kigwena 1-5 Les Lierres
Ruyigi City 1-3 Athletico Olympic
Club Kiremba 5 -1 Intaramvyi Kinyinya
Busoni star 1-0 Les Envoyés
Volontaire 1 -0 Commerçants de Ngozi
Ngozi city 0-3 Musongati Fc
Bumamuru 1-0 Magara Stars
BS Dynamic 11-0 Lumière du moso
Muramvya City 3-1 Jecca Regina Mundi

Kuwa 4/2/2018:

Agakura Fc de Mwaro 0-22 Messager Ngozi
Flambeau du centre 2-5 Aigle noir Makamba
Transport Fc 8-0 Bweru Fc
Pigeon du centre 3-0 Butaganzwa de Ruyigi
Muzinga Fc 2-0 Mapenzi Fc
Unité Fc 1-2 Rukinzo Fc
Santé Fc 0-0 Espoir Fc (5-4 kuma penalties)
Olympic star 4-0 Gitaza Fc
Étoile de l'aube 0-1 Club Matana
Rusizi Fc 1-2 Delta star
Freedom de Ruyigi 1-0 Gatete Fc
Malaika Fc 3-2 Bioénergie fc

Inkino z'igice ca 16 gishira icanyuma zitegekanijwe gukinwa hagati y'amagenekerezo ya 2,3,4 Ntwarante 2018 ,amasaha n'ibibuga bizomenyeshwa hanyuma

 

Uko imigwi izohura mu gice ca 16 gishira icanyuma n’ibice bizokurukira

 

1-2: Kayanza utd - Vital'o fc = 33
3-4: New Oil fc - Rumonge city = 34
5-6: Buja City - LLB S4a = 35
7-8: Flambeau de l'est - Les Crocos =36
9-10: Athletico Olympic-Bumamuru Fc = 37
11-12: Musongati Fc-Busoni star=38
13-14: Volontaires fc-B.S Dynamik =39
15-16: Panthère fc-Muramvya city =40
17-18: Club Kiremba-Pigeon du centre=41
19-20: Transport fc-Muzinga fc=42
21-22: Rukinzo Fc-Santé Fc de Ngozi =43
23-24: Club Matana-Delta star =44
25-26: Aigle noir-Les Lierres =45
27-28: Lumière de Mwumba-Inter star =46
29-30: Messager Ngozi-Freedom de Ruyigi =47
31-32: Malaika Fc-Olympic star = 48

Mugice c'umunani gishira icanyuma, imigwi izohura hisunzwe uko zikurikirana mu manimero kuwa 6-8/4/2018 :

33-34=49
35-36=50
37-38=51
39-40=52
41-42=53
43-44=54
45-46=55
47-48=56

Mugice ca kane gishira icanyuma, izohura uku gukurikira kuwa 9-10/5/2018:

49-50=57
51-52=58
53-54=59
55-56=60

Mugice ca kabiri gishira icanyuma,izohura iyizoba yarenganye uku gukurikira :

57-58=60
59-60=61

Urukino rwanyuma 'Finale' ruzohuza 60-61 kw’igenekerezo rizomenyeshwa hanyuma.

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, 1/2 finale

France 1-0 Belgique
Croatie 2-1 Angleterre

Mondial 2018, ikibanza ca 3

Belgique 2-0 Angleterre

Mondial 2018, Finale

France 4-2 Croatie