Football: Imigwi 12 ya Primus Ligue n'4 ya Ligue B niyo izobandanya mu gikombe citiriwe Umukuru w'Igihugu

Vyanditswe itariki 14.01.2019

 

Inkino z'igice ca 1/16 finale z'igikombe citiriwe Umukuru w'Igihugu zaraye zirangiye kur'uyu w'Imana. Imigwi 16 yose y'icicaro cambere yari yashoboye gushika kur'ico gice ariko 4 yarasezerewe, harimwo Vital'O FC na Olympic Star yatahukanye ibikombe bibiri biheruka, hakaba hasigayemwo 12. Iyo mu cicaro ca kabiri 12 niyo yari yashitse mur'ico gice, 8 yarasezerewe 4 nayo ikaba izobandanya mu gice gikurikira. Iyindi migwi 4 yari yashitse mur'ico gice ariyo Butare City, Santé FC Ngozi, Sangwe FC Bururi na Les Crocos yarasezerewe yose. Turabire hamwe uko inkino zose zagenze n'uko imigwi izohura mu gice gikurikira.

 

Umunezero w'abakinyi ba Kayanza United bahejeje kuronka igitsindo mu rukino rwabahuza na Les Jeunes Athlétics

 

Uko imigwi yatsindanye

 

Kuwa kane 10/01/2019:

Vital'O FC 0-0 (p 3-5) Lumière de Mwumba
Rukinzo 1-0 Les Crocos
Buja City 2-1 Sangwe FC Bururi
Les Lierres 1-1 (p 4-2) Unité FC
Flamb. Centre 2-2 (p 4-3) Delta Star

Kuwa gatanu 11/01/2019:

Messager Ngozi 2-1 Muzinga
Aigle Noir 2-0 Busoni star
Musongati Fc 1-1 (pen :5-4) BS Dynamik (T.A.B 5-4)
Kayanza Utd 2-0 Les Jeunes Athletics

Kuwa gatandatu 12/01/2019:

Messager Bja 1-1 (p 4-3) Butare City
Athletico 1-2 Moso Sugar
Bumamuru 2-3 Top Junior
Flamb. Est 1-0 Royal FC

Kuw'Imana 13/01/2019:

LLBS4A 1-0 Rumonge City
Ngozi City 2-1 Santé FC Ngozi
Olympic Star 1-2 Inter Star

 

Uko imigwi yatsinze izoca ihura mu gice ca 1/8 finale:

 

Lumière de Mwumba - Aigle Noir
Moso Sugar - Rukinzo FC
Buja City - Inter Star
Top Junior - Ngozi City
Flamb. Centre - Musongati
Flamb. Est - Messager Ngozi
Kayanza United - Messager Buja
Les Lierres - LLBS4A

Ikirangamisi c'iki gice n'aho imigwi izokinira bizomenyeshwa hanyuma. Tubibutse ko ihiganwa ryo mu cicaro cambere ryatanguye akaruhuko ko kworohereza imyiteguro y'umugwi Intamba U20 uzokwitaba CAN muri Niger (02-17 Ruhuhuma 2019), hakaba hagiye kubandanya inkino za Ligue B.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

CAN 2019, Itsinda A

Egypt 1-0 Zimbabwe

 

CAN 2019, Itsinda A

Kuwa 22/06
RDC 16:30 Uganda

CAN 2019, Itsinda B

Kuwa 22/06
Nigeria 19:00 Burundi
Guinée 22:00 Madagascar