Igisata kijejwe ivy’abahagarikizi caratunganije ikibazo ku bahagarikizi 82 bariko baranonosora ivyigwa

Vyanditswe itariki 18.03.2019

 

Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2019, igisata kijejwe abahagarikizi mw’ishirahamwe FFB cari kiramutse gitunganya ikibazo c’ikarashishi (test physique) ku bahagarikizi 82 bariko baranonosora ivyigwa. Ico kibazo cakorewe ku musezero w’ikibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kikaba cari witabwe n’abiga ivyo guhagarikira bavuye mu ntara zitandukanye z’igihugu.

 

 

Ivyuma vya kijambere mu bibazo vy’abahagarikizi

 

Nk’uko twavyiganiwe na Jean Claude Niyongabo arongoye igisata c’ibijanye n’ubuhagarikizi mw’ishirahamwe FFB, ico kibazo cakozwe ku buhinga buhanitse bwo gupima umwanya n’ibindi biharuro bitandukanye, ivyo bigatuma amanota y’abariko baragikora aboneka binyarutse, mu muco kandi mu buryo butuma ivyo biharuro bishobora gukoreshwa no mu bindi bibazo abo bahagarikizi bakora.





Jean Nahayo, umuhinga yanonosoye ibijanye n’ivyigwa bigezweho vyo gutegura abahagarikizi, akaba ari “Préparateur physique national des arbitres” ari nawe yar’ayoboye ico kibazo c’ikarashishi, yatumenyesheje yuko ico Cuma citwa Microgate Wireless Training Timer gifasha cane mu gupima umwanya wo kwiruka ku birere bitandukanye hatarinze gukoreshwa amafirimbi nk’uko vyakorwa kera. Ico Cuma kigizwe n’ibice bitandukanye bimwe bikaba bishingwa mu kibuga aho batangurira kwiruka ibindi bigashingwa aho bahereza nk’uko mubibona kw’isanamu. Ivyo vyuma bikoranye bica biharura umwanya umunonotsi yirutse bigenda birabika amanota y’umw’umwe gutyo ikibazo kikanyaruka kandi amanota agenda aramenyekana.

Abahagarikizi 82 nibo bitavye ico kibazo hakaba harimwo abigeme 11. Abo bahagarikizi bari babanje gukurikirana ivyigwa bitandukanye mu ntara zabo, hakaba hasigaye gutunganya ivyo vyigwa mu ntara za Mwaro na Bururi mu ci riza.

 

 

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 9

Inter Stars 0-0 BS Dynamic
Buja City 5-2 Ngozi City
Bumamuru FC 1-1 Rukinzo FC
Aigle Noir 1-1 Olympic S.
Kayanza Utd 2-0 LLBS4A
Vital'O FC 1-0 Athletico Ac.
Flamb. Centre 1-1 Messager N.
Les Lierres 1-2 Musongati FC

Primus Ligue, umusi wa 10

BS Dynamic 2-1 Buja City
Athletico Ac. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 1-3 Bumamuru FC
Olympic S. 1-2 Flamb. Centre
Ngozi City 1-1 Kayanza Utd
LLBS4A 0-0 Musongati FC
Les Lierres 1-4 Rukinzo FC
Vital'O FC 1-1 Inter Star