Football: Ihiganwa rya CECAFA U17 buca rigaruka mu Burundi inyuma y’imyaka 10

Vyanditswe itariki 03.10.2017

 

Mu nama y’umurwi nshingwabikorwa wa CECAFA iheruka kubera i Khartoum muri Soudan, hafashwe ingingo zitandukanye harimwo iy’uko igikombe ca CECAFA c’abana b’abahungu batarenza imyaka 17 kizobera mu gihugu c’uburundi mu kwezi kwa Kigarama 2017. Izindi ngingo zafashwe n’uko igikombe ca CECAFA Challenge Cup mu basore kizobera i Nairobi hagati y’impera ya Munyonyo n’intango ya Kigarama uyu mwaka nyene ic’abigeme naco kibere mu Rwanda mu kwezi kuza kwa Munyonyo.

 

Umugwi wa CECAFA U17 watahukanye igikombe mu 2007 (isanamu ya topsy.one)

 

Ico gikombe kigarutse mu burundi inyuma y’imyaka 10 gisanga harakozwe vyinshi

 

Igihugu c’Uburundi cari cakiriye iryo higanwa mu mwaka w’2007 mbere kikaba cararitahukanye gitsinse Ubuganda 2-0 mu rukino rwanyuma. Kizigenza w’uwo mugwi yari Kwizera Pierre hakaba harimwo n’abakinyi nka Léopold Nkurikiye Kaya, Nimubona Emery Kadogo , Saidi Ramadhan, Papy Faty,Nkurunziza D'Amour, Baudouin, Saidi Selemani, Kaze Gilbert, Niyonkuru Trésor, Claude Massop, Ngama Emmanuel, Amidou Hassan mw’igori n’abandi bakinyi batari bake bahavuye baba rurangiranwa, bakaba bamenyerezwa n’umunyamisiri Hussein Mahfouz afashijwe n’ivyegera Mohsin Mpenda asigaye arongoye igisata c’ubuhinga na Cédric Kaze abarizwa mw’ishure rya FC Barcelona riri mu gihugu ca Canada.

Kuwa mu mwaka w’2007 harakozwe vyinshi mu bijanye no kwisununura mu mupira w’amaguru na cane cane mu mupira w’abakiri bato kuko hari amashure atari make y’umupira yigisha abana kuva bakiri bato cane, hakaba hamaze gutunganywa n’amahiganwa atari make mu bana bato ku rugero rw’igihugu. Iryo higanwa rijehageze rigashobora kuba igipimo c’urugero imigwi y’abakiri bato igezeko ugereranije n’ibihugu vyo mu karere ka CECAFA, mbere rikaba rishitse hari ibibuga bitandukanye bishobora kuryakira.

Umugwi w’ubuhinga muri FFB uriko urategura umugwi w’abana bagera ku 70, inkino z’iryo higanwa zikaba zizobera mu bisagara vya Ngozi, Gitega na Muyinga, bivanye n’uko ikibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura kizoba kiriko kirasubirwamwo. Tubibutse ko akarere ka CECAFA kazigwe n’imigwi 12 ariyo Burundi, Djibouti, Eritrea, Ethiopia, Kenya, Rwanda, Somalia, South Sudan, Sudan, Tanzania, Uganda na Zanzibar.

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kenya 2-0 Rwanda
Libya 0-0 Tanzania
Uganda 0-0 Burundi

Primus League, umusi wa 14

Vital'O 2-0 Musongati
Flamb. Centre 2-2 LLBS4A
Messager N. 2-1 Les Lierres
Olympic S. 1-3 Aigle Noir
Buja City 3-1 Athletico Ol.
Les Jeunes 2-1 Ngozi City
Delta Star 0-2 Messager Bja

 

CECAFA Senior Challenge Cup

Kuwa 05/12
Zanzibar 13:00 Rwanda
Ethiopia 14:00 S. Soudan
Kenya 15:00 Libya