FFB: Imigwi 5 y'abana b'abigeme batarenza imyaka 15 izohurira mw'ihiganwa rito kuri uyu wa 28/1/2018 kuri CTN

Vyanditswe itariki 25.01.2018

 

Igisata kijejwe guteza imbere umupira w'abigeme kiratunganije ihiganwa rito ryiswe "Mini-Tournoi" rizohuza imigwi y'abana b’abigeme batarenza imyaka 15. Imigwi itanu niyo yiyandikishije: PVP Buyenzi, La Colombe, Buterere Fc, Umutima Fc hamwe na Fidélité FC. Izo nkino zizobera ku kigo c'igihugu kijejwe ubuhinga i Bujumbura (CTN), intumbero nyamukuru ikaba ari iyo guha inguvu indongozi n’abamenyereza biyumviriye gutunganya imigwi y'abana bitezwe kuzovamwo abakinyi bakomeye muri kazoza vyongeye ku ntumbero yo gukundisha umupira w’amaguru abana b’abigeme. Turabire hamwe uko iryo higanwa rizogenda.

 

Umumenyereza Daniella Niyibimenya n'abakinyi b'Intamba batarenza imyaka 20

 

Uko imigwi igabuye n’uko izohura

 

Iinkino zitegekanijwe gutangura kuva igihe c'isaha zitatu gushika isaha indwi (9h00'-13h00') kuw’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018. Imigwi igabuwe mu matsinda abiri uku gukurikira :


Itsinda A:

La Colombe FC
PVP Buyenzi FC

Itsinda B:

Buterere FC
Fidélité FC
Umutima FC

Mw'itsinda A, imigwi izokina inkino 2 :

La Colombe Fc - PVP Buyenzi
PVP Buyenzi - La Colombe

Mw'itsinda B, izokina hagati yayo inyabutatu ico bita mu kinyamazuru "matchs triangulaires":

Buterere Fc - Fidélité Fc
Umutima Fc - Buterere Fc
Fidélité Fc - Umutima Fc

Menya neza: Mu gihe iyo migwi izonganya, bazoca baharura ibitsindo yinjije, bigashika ikanganya ibitsindo hazoca haterwa penalties kugira haseruke umugwi umwe wa mbere ukina urukino rwanyuma.

Urukino rumwe ruzomara iminota 30 (15+15), imigwi izoruhuka iminota 5, abakinyi 9 n'umunyegori 1 (10) bakinire ku gice c'ikibuga (« demi-terrain »). Umugwi uzoba wafashe ikibanza ca mbere mw'itsinda A uce ukina urukino rwanyuma n'uwuzoba wafashe ikibanza ca mbere mw'itsinda B.
Niyibimenya Daniella, arongoye igisata co guteza imbere umupira w'amaguru w'abagime yongera kandi ari n'umumenyereza mukuru w'umugwi nserukiragihugu w'abigeme aratumiye abavyeyi ndetse n'abakunzi b'umupira kuzokwitabira ku bwinshi izonkino zizoba zitunganijwe ubwambere mu Burundi

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 13

Rukinzo FC 1-2 Buja City
Les Lierres 0-0 Bumamuru FC
Flamb. Centre 1-1 Flamb. Est
Aigle Noir 7-0 Athletico Ol.
Messager Bja 1-2 Messager N.
Vital'O FC 3-0 Ngozi City
LLBS4A 0-0 Olympic S.
Musongati 1-0 Kayanza Utd

Primus Ligue, umusi wa 14

Flamb. Est 0-1 Buja City
Flamb. Centre 1-2 Kayanza Utd
Olympic S. 3-1 Athletico Ol.
Ngozi City 1-1 Messager Bja
Vital'O FC 1-0 Musongati FC
Messager N. 2-1 Bumamuru FC
Aigle Noir 2-0 Les Lierres
LLBS4A 1-0 Rukinzo FC