Football: Ishirahamwe CAF ryaraye rifashe ingingo yo kwaka Kenya itunganywa rya CHAN 2018

Vyanditswe itariki 26.09.2017

 

Inama nkuru y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri afrika CAF yarakoranye i Accra muri Ghana kuwa 23 Nyakanga 2017 ihagarikiwe na Ahmad Ahmad arongoye iryo shirahamwe. Ku rutonde rw’ivyigwa hariko ibibazo nkoramutima bijanye n’iterambere rirama ry'ishirahamwe kakaba kari n'akaryo ko gufata ingingo ku bijanye n’itunganywa rya CHAN 2018 muri Kenya na CAN 2019 muri Cameroun, inyuma y’ingendo abahinga baheruka kugira mur’ivyo bihugu gusuzuma aho imyiteguro igeze.

 

Imwe mu ngingo zikomeye zaraye zifashwe n'ukwaka Kenya itunganywa rya CHAN 2018 (isanamu ya afrique-sur7)

 

Ingingo zafashwe mur’iyo nama

 

Ku vyerekeye CHAN Kenya 2018

Bivanye n'igenzura ry'ibikorwa bijanye no gutunganya ibibuga neza vyari kwakira izonkino mu kwezi kwa Nzero, ishirahamwe CAF ryari ryarungitse umugwi ukurikiranira hafi ivyo bikorwa hagati y'amagenekerezo ya 11 gushika 17 Nyakanga 2017 mu gihugu ca Kenya. Inyuma yiryo genzura, icegeranyo catanzwe ku munyamabanga mukuru wa CAF cerekana yuko igihugu ca Kenya kitari bwashike ku rugero rw’imyiteguro ikenewe kugira ico gikombe gishobore kuhabera ata nkomanzi. Inama nshingwabikorwa ya CAF yaciye ifata ingingo yok waka Kenya itunganywa ry’ico gikombe, hakaba hahamagawe ukwimenyekanisha kw’ibihugu vyipfuza kugitunganya, bikazobimenyesha mu misi 15 uhereye kuwa 24 Nyakanga 2017.

Ivyerekeye CAN Cameroun 2019

Inama yihutirwa y'igisata kijejwe gutunganya ico gikombe izokorana vuba cane, impamvu nyamukuru ikaba ariyo kurabira hafi aho ibikorwa bijanye n'ibibuga bizokwakira izo nkino bigeze.

CAN y'abigeme Total Ghana 2018

Mu mpera z'umwaka w'2017 umugwi wa CAN uzoja muri Ghana kugenzura aho ibikorwa bizoba bigeze.
Mwomenya ko ata bindi bihugu vyiyandikishije mw’itunganywa ry'igikombe ca Afrika Total 2020, kubw’ivyo, CAF ryaciye ryugurura ikindi kiringo ku bihugu bikeneye gutunganya ico gikombe.

CAN U23 Total 2019

Bivanye no kwiyonkora kwa Zambia mu gutunganya izo nkino ku bakinyi batarenza imyaka 23, ishirahamwe CAF ryuguruye umuryango ku gihugu icarico cose cipfuza gutunganya izo nkino, Misiri ni cogihugu citavye akaba arico kizoca gitunganya ico gikombe.

Igikombe c'isi FIFA 2026

Inama nshingwabikorwa ya CAF ikaba yateye intege igihugu ca Maroc ku bona cariyandikishije mu vyipfuza gutunganya ico gikombe, igikombe c’isi cambere kizokwitabwa n’imigwi 48

Ibijanye n’ikoraniro ridasanzwe « Symposium » mu vy’umupira w’amaguru mu bigeme

Igisata kijejwe gutunganya iryo koraniro casabwe gukorera hamwe kugira rizogende neza, ico gisata kikaba kigizwe n'abakenyezi 6 bava mu bihugu vya Sierra Léone, Burundi, Maroc, Ethiopia, Madascar hamwe na Nigeria:

Isha Johansen (Sierra Leone)
Lydia Nsekera (Burundi)
Nawal El Moutawakel (Maroc)
Meskerem Tadesse (Ethiopie)
Patricia Rajearison (Madagascar)
Alhaja Ayo Omidiran (Nigeria)

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 5-0 Arabie S.
Egypte 0-1 Uruguay

Mondial 2018, Itsinda B

Maroc 0-1 Iran
Portugal 3-3 Espagne

Mondial 2018, Itsinda C

France 2-1 Australie
Pérou 0-1 Danemark

Mondial 2018, Itsinda D

Argentine 1-1 Islande
Croatie 2-0 Nigeria

Mondial 2018, Itsinda E

Costa Rica 0-1 Serbie
Bresil 1-1 Suisse

Mondial 2018, Itsinda F

Allemagne 0-1 Mexique
Suède 1-0 Corée du Sud

Mondial 2018, Itsinda G

Belgique 3-0 Panama
Tunisie 1-2 Angleterre

Mondial 2018, Itsinda H

Colombie 1-2 Japon
Pologne 1-2 Sénégal

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 3-1 Egypte
Uruguay 1-0 Arabie S.

Mondial 2018, Itsinda B

Portugal 1-0 Maroc
Iran 0-1 Espagne

 

Mondial 2018

Kuwa 21/06, Itsinda C
Danemark 14:00 Australie
France 17:00 Pérou
Kuwa 21/06, Itsinda D
Argentine 20:00 Croatie